Mariko 10:1-52

  • Ukwubaka be n’ukwahukana (1-12)

  • Yezu ahezagira abana (13-16)

  • Umugabo w’umutunzi abaza ikibazo (17-25)

  • Kwihebera Ubwami (26-31)

  • Yezu yongera kumenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (32-34)

  • Yakobo na Yohani basaba ibibanza Yezu (35-45)

    • Yezu yaje gucungura benshi (45)

  • Ahumura umugabo w’impumyi yitwa Barutimayo (46-52)

10  Yezu ava ng’aho aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani. Amasinzi y’abantu yongera gukoranira aho ari, aca asubira kubigisha nk’uko yari amenyereye kubigira+.  Abafarizayo rero baramwegera bashaka kumutega, bamubaza ko vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe+.  Aca ababaza ati: «Musa yabategetse iki?»  Baca bamubwira bati: «Musa yategetse ko umuntu amwandikira urupapuro* rwo kwahukana, maze akamwirukana+  Yezu abishura ati: «Musa yabahaye iryo tegeko kubera mufise imitima ikomantaye+.  Ariko kuva mu ntango y’irema “yabaremye ari umugabo n’umugore+.  Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+,  kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe.  Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+ 10  Basubiye mu nzu, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11  Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12  N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+ 13  Abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14  Yezu abibonye biramushavuza, aca ababwira ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15  Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+ 16  Aca aterura abo bana mu maboko yiwe, atangura kubahezagira abarambitseko ibiganza+. 17  Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: «Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+ 18  Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+. 19  Urazi amabwirizwa: “Ntiwice+, nturenge ibigo+, ntiwibe+, ntiwagirize ibinyoma mugenzawe+, ntuzurume mugenzawe+, tera iteka so wawe na nyoko wawe+.”» 20  Uyo mugabo aca amubwira ati: «Mwigisha, ivyo vyose narabikurikije kuva nkiri muto.» 21  Yezu aramwitegereza, yumva aramukunze. Aca amubwira ati: «Ubuze ikintu kimwe: genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire+ 22  Ariko uwo mugabo aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+. 23  Yezu aca areraguza, maze abwira abigishwa biwe ati: «Ese ingene bizogora abafise amahera kwinjira mu Bwami bw’Imana+ 24  Mugabo abigishwa biwe batangazwa cane n’amajambo yiwe. Yezu aca ababwira ati: «Bane banje, biragoye kwinjira mu Bwami bw’Imana! 25  Biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+ 26  Noneho barushiriza gutangara, maze bamubwira* bati: «Ni nde none ashobora kurokoka+ 27  Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana si ko biri. Ku Mana vyose birashoboka+ 28  Petero aca amubwira ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira+ 29  Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza+, 30  atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo+. Muri kazoza* na ho azoronka ubuzima budahera. 31  Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+ 32  Yezu n’abigishwa biwe bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, kandi Yezu yariko agendera imbere yabo. Abigishwa biwe baratangara cane, mugabo abariko barabakurikira batangura gutinya. Aca asubira gutora bamwe cumi na babiri arabihereranya, atangura kubabwira ibintu vyari bigiye kumushikira+ ati: 33  «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga, 34  bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice. Ariko haciye imisi itatu azozuka+ 35  Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+, baca baramwegera, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko udukorera ikintu tugira tugusabe+ 36  Yezu ababaza ati: «Mushaka ko ndabakorera iki?» 37  Bamwishura bati: «Twemerere kuzokwicarana nawe mu buninahazwa bwawe+, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe.» 38  Mugabo Yezu ababwira ati: «Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ndiko ndanyweramwo, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+ 39  Bamwishura bati: «Twobishobora.» Na we ababwira ati: «Igikombe ndiko ndanyweramwo muzokinywako, kandi n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40  Mugabo ivyo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’ababiteguriwe.» 41  Abandi cumi basigaye bavyumvise, baca bashavurira Yakobo na Yohani+. 42  Ariko Yezu arabahamagara, ababwira ati: «Murazi ko ababoneka* ko batwara amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43  Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44  kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose. 45  Kuko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+ 46  Hanyuma bashika i Yeriko. Mugabo igihe Yezu n’abigishwa biwe bariko bava i Yeriko bari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi, hari umugabo w’impumyi asegerereza yitwa Barutimayo (mwene Timayo) yari yicaye iruhande y’inzira+. 47  Yumvise ko ari Yezu Umunyanazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: «Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+ 48  Benshi batangura kumukarira bamubwira ngo ahore. Ariko arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!» 49  Yezu aca arahagarara, avuga ati: «Muhamagare.» Baca barahamagara uwo mugabo w’impumyi, bamubwira bati: «Humura! Haguruka araguhamagaye.» 50  Aca ata impuzu yiwe yo hejuru, arahaguruka ningoga, aja aho Yezu ari. 51  Yezu amubwira ati: «Ushaka ndakugirire iki?» Uwo mugabo w’impumyi amwishura ati: «Rabuni*, nimpumuke.» 52  Yezu aca amubwira ati: «Niwigire, ukwizera kwawe kuragukijije+.» Ubwo nyene aca arahumuka+, atangura kumukurikira.

Utujambo tw'epfo

Canke «ku mupaka.»
Canke «urwandiko.»
Mu kigiriki havuga ngo «yaboheye ku ngogo imwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «babwirana.»
Canke «mu gihe kizoza.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «abazwi.»
Iryo zina risobanura ngo «mwigisha.»