Ja ku birimwo

Imana

Imana ni nde?

Imana yoba ibaho?

Bibiliya iratanga ibimenyamenya bitanu bijijura.

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Bibiliya ivuga yuko Imana yaremye ibintu vyose, mugabo yoba itubabara?

Imana yoba iba hose?

Bibiliya yoba yigisha ko Imana iba hose? Kubera iki wokwemera udakeka ko Imana ifise aho iba, yamara kandi ikaba ikuzi ku giti cawe?

Imana yoba iba ahantu hanaka?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ahantu Imana iba? Yezu yoba aba aho hantu nyene?

Hoba hari umuntu yigeze kubona Imana?

Bibiliya yoba yivuguruza igihe ivuga ko “ata muntu yigeze kubona Imana,” ahandi naho igaca ivuga ko Musa “yabonye Imana ya Isirayeli”?

Inyigisho y’Ubutatu yoba iri muri Bibiliya?

Amadini menshi yigisha yuko Imana ari Ubutatu. Ivyo vyoba ari vyo Bibiliya yigisha?

Mariya yoba ari nyina w’Imana?

Bibiliya na kahise k’ubukirisu biratanga inyishu itomoye kuri ico kibazo.

Imana yoba ihindura ingingo iba yafashe?

Bibiliya yoba yivuguruza igihe yerekana ko Imana idahinduka be n’uko ishobora guhindura ingingo iba yafashe?

Impwemu nyeranda ni iki?

Bibiliya ntiba yihenze mu kuvuga ko impwemu nyeranda ari “amaboko” y’Imana

Izina ry'Imana

Imana yoba ifise izina?

Bibiliya nyinshi zirimwo izina ry’uruharo ry’Imana. Woba ukwiye kurikoresha?

Imana yoba yitwa Yezu?

Yezu ntiyigeze avuga ko ari Imana Mushoboravyose. Kubera iki?

Yehova ni nde?

Yoba ari Imana y’abantu bamwe gusa, Abayahudi nk’akarorero?

Imana ifise amazina angahe?

Hari abiyumvira ko mu mazina y’Imana harimwo ‘Allah,’ ‘Alufa na Omega,’ ‘El Shaddai,’ na ‘Yehova-yire.’ Hari ico bitwaye Imana tuyise izina iryo ari ryo ryose?

“Alufa na Omega” ni nde?

Kubera iki abereye iryo zina?

Igomba ry'Imana

Ni ibiki Imana igomba ku binyerekeye?

Vyoba ari nkenerwa ko uronka ikimenyetso kidasanzwe canke umuhamagaro kugira umenye ivyo Imana igomba? Raba inyishu Bibiliya itanga.

Bibiliya ivuga iki ku burenganzira bwo kwihitiramwo? Imana yoba ari yo ishinga ibidushikira?

Abantu benshi bemera ko ibibashikira biba vyaranditswe. Amahitamwo tugira yoba agira ico akoze ku kuroranirwa kwacu?

Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?

Ibintu indwi vyogufasha kugiranira ubugenzi n’Imana.

Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?

Imibabaro irashobora gushikira uwo ari we wese, mbere n’abashimwa n’Imana. Kubera iki?