Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku burenganzira bwo kwihitiramwo? Imana yoba ari yo ishinga ibidushikira?

Bibiliya ivuga iki ku burenganzira bwo kwihitiramwo? Imana yoba ari yo ishinga ibidushikira?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana ntidushingira imbere y’igihe ivyo dukora canke ibizodushikira, ahubwo iradutera iteka mu kuduha uburenganzira bwo kwihitiramwo, ari bwo bubasha bwo kwifatira ingingo. Raba ivyo Bibiliya yigisha.

  •   Imana yaremye abantu mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:26) Twebwe abantu ntitumeze nk’ibikoko kuko vyo bigenza itima. Tumeze nk’Umuremyi wacu kuko dushobora kugaragaza kamere nk’urukundo n’ubutungane. N’ikindi kandi, turafise uburenganzira bwo kwihitiramwo nk’uko n’Umuremyi wacu abufise.

  •   Ku rugero runini, turashobora gushinga ukuntu kazoza kacu kazomera. Bibiliya ituremesha “guhitamwo ubuzima . . . mu kwumviriza ijwi [ry’Imana],” ni ukuvuga mu guhitamwo kugamburuka amategeko yayo. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Ico kintu idusaba coba ata co kivuze, eka mbere kikaba kiranga ububisha, hamwe tutoba dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo. Aho kuduhata ngo dukore ivyo ishaka, Imana idutumira n’igishika iti: “Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi.”—Yesaya 48:18.

  •   Igihe bitugendeye neza canke bikatugendera nabi, si ukuvuga ko biba vyaranditswe. Kugira turoranirwe mu kintu kinaka, dutegerezwa gukora cane. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.” (Umusiguzi 9:10) Ivuga kandi iti: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”—Imigani 21:5.

 Uburenganzira bwo kwihitiramwo ni ingabirano y’agaciro twahawe n’Imana, kuko iyo ngabirano ituma dukunda Imana ‘n’umutima wacu wose,’ kubera tuba tubikunze.—Matayo 22:37.

Imana yoba ikontorora akantu kose?

 Bibiliya yigisha koko yuko Imana ari Mushoboravyose, yuko ata n’umwe ashobora gutangira ububasha bwayo. (Yobu 37:23; Yesaya 40:26) Ariko rero, ntikoresha ububasha bwayo mu gukontorora akantu kose. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Imana ‘yigumije’ ku bijanye na Babiloni ya kera, ino ikaba yari umwansi w’abasavyi bayo. (Yesaya 42:14) Muri ubwo buryo nyene, ubu ihitamwo kwihanganira abakoresha nabi uburenganzira bwabo bwo kwihitiramwo mu kugirira nabi abandi. Ariko ntizoguma yihanganye ibihe vyose.—Zaburi 37:10, 11.