Ja ku birimwo

Iyo umuntu apfuye, umusi wiwe uba washitse?

Iyo umuntu apfuye, umusi wiwe uba washitse?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, nta musi twandikiwe kuzopfirako. Bibiliya ntishigikira inyigisho y’uko ibishikira umuntu biba vyaranditswe, ahubwo ivuga ko akenshi urupfu ruterwa n’ibintu “bishika giturumbuka.”​—Umusiguzi 9:​11.

None Bibiliya ntivuga ko hariho “igihe co gupfa”?

 Ego cane, Umusiguzi 3:2 havuga ko hari “igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe.” (Bibiliya Yera) Ariko rero, amakuru akikuje uwo murongo yerekana ko Bibiliya iriko ivuga ibintu vyama biba mu buzima. (Umusiguzi 3:​1-8) Nka kurya Imana idahata umurimyi ngo atere mu gihe kanaka, ni na ko nyene itigeze idushingira igihe co gupfa. Ahubwo, iciyumviro dukuramwo n’uko tudakwiye kwitwararika birenze ibintu bisanzwe ku buryo twibagira Umuremyi wacu.​—Umusiguzi 3:​11; 12:​1, 13.

Turashobora kuba turamaze kabiri

 Naho buca bugacana ayandi, kenshi turashobora kuramba iyo duhisemwo neza. Bibiliya ivuga iti: “Itegeko ry’umuntu w’inkerebutsi ni isôko ry’ubuzima, kugira ngo rikevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu.” (Imigani 13:14) Muri ubwo buryo, Musa yabwiye Abisirayeli ko bobayeho “imisi . . . myinshi” baramutse bagamburutse amategeko y’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 6:2) Ku rundi ruhande, gukora ibintu tutabanje kwiyumvira birashobora kudukwegera akarambaraye, tugakenyuka hataragera.​—Umusiguzi 7:​17.

 Ariko ntiwumve, naho twokora iki, urupfu ntiruhungwa. (Abaroma 5:​12) Yamara rero ukwo si ko bizokwama bimeze, kuko Bibiliya ivuga ko hari igihe “urupfu [ruta]zoba rukiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.