Ja ku birimwo

Imana ifise amazina angahe?

Imana ifise amazina angahe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana ifise izina ry’uruharo rimwe gusa. Mu giheburayo, iryo zina ryandikwa uku יהוה. Mu kirundi iryo zina rikunze guhindurwa ngo “Yehova.” a Imana icishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Iryo zina riboneka nk’incuro 7.000 mu vyandikano vya Bibiliya vya kera, rikaba riboneka incuro nyinshi kuruta ayandi mazina yose akoreshwa ku Mana canke ayandi mazina akoreshwa ku bandi bantu. b

Yehova yoba afise ayandi mazina?

 Naho Bibiliya ivuga izina ry’uruharo ry’Imana rimwe gusa, iravuga n’amazina y’icubahiro hamwe n’amatazirano menshi. Amazina hamwe n’amatazirano akurikira arerekana ukuntu Yehova ameze hamwe na kamere ziwe.

Izina ry’icubahiro

Aho ryanditse muri Bibiliya

Insobanuro yaryo

Allah

(Ntaho ryanditse muri Bibiliya)

Ijambo “Allah” rivuye mu rurimi rw’icarabu. Si izina ry’uruharo, ahubwo ni izina ry’icubahiro risobanura “Imana.” Impinduro za Bibiliya zo mu carabu zikoresha “Allah” mu kibanza c’“Imana.”

Mushoboravyose

Itanguriro 17:1

Afise ububasha butananirwa. Imvugo y’igiheburayo ʼEl Shad·daiʹ, isobanura “Imana Mushoboravyose,” iboneka muri Bibiliya incuro indwi.

Alufa na Omega

Ivyahishuwe 1:8; 21:6; 22:13

“Uwa mbere n’uwa nyuma,” canke “intango n’iherezo,” bisobanura ko ata yindi Mana Mushoboravyose yabayeho imbere ya Yehova kandi ko ata yindi izoza mu nyuma ziwe. (Yesaya 43:10) Alufa ni urudome rwa mbere mu ndome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.

Uwa kera mu misi

Daniyeli 7:​9, 13, 22

Ntagira intango; yamyeho ibihe vyose ata muntu n’umwe canke ikindi kintu na kimwe kirabaho.​—Zaburi 90:2.

Umuremyi

Yesaya 40:28

Ni we yaremye ibintu vyose.

Dawe

Matayo 6:9

Ni we yaduhaye ubuzima.

Imana

Itanguriro 1:1

Arasengwa; arahambaye cane. Ijambo ry’igiheburayo ʼElo·himʹ riri mu bwinshi, rikaba ryerekana ubukuru bwa Yehova, iteka ryiwe, canke icubahiro ciwe.

Imana iruta izindi mana

Gusubira mu vyagezwe 10:17

Ni Imana Musumbavyose, itandukanye n’“imana ata co zimaze” zisengwa na bamwebamwe.​—Yesaya 2:8.

Umwigisha Ahambaye

Yesaya 30:20, 21

Aratanga inyigisho n’ubuyobozi ngirakamaro.​—Yesaya 48:17, 18.

Umuhinguzi Ahambaye

Zaburi 149:2

Ni we yaremye ibintu vyose.​—Ivyahishuwe 4:​11.

Imana ihimbawe

1 Timoteyo 1:​11

Arangwa n’umunezero hamwe n’agahimbare.​—Zaburi 104:31.

Uwumva amasengesho

Zaburi 65:2

Arumviriza abamusenga bafise ukwizera.

Ndi Uwo Ndi We

Kuvayo 3:​14, Bibiliya Yera

Aracika ico cose gikenewe kugira ashitse umugambi wiwe. Ayo majambo yahinduwe kandi ngo “Nzocika ico nshaka cose” canke ngo “Nzocika ico nzocika.” (The Emphasised Bible, yahinduwe na J. B. Rotherham; Bibiliya y’isi nshasha) Iyo ndondoro irafasha gusigura izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, dusanga mu murongo ukurikira.​—Kuvayo 3:​15.

Munyeshari

Kuvayo 34:14

Ntiyihanganira abamusenga bamubangikanije. Iryo jambo ryahinduwe kandi ngo “ntiyihanganira abakeba” kuko asaba gusengwa wenyene.​—God’s Word Bible.

Umwami w’ibihe bidahera

Ivyahishuwe 15:3

Ubutware bwiwe ntibugira intango n’iherezo.

Umukama

Zaburi 135:5

Nyene ikintu canke databuja; mu giheburayo ni ʼA·dhohnʹ na ʼAdho·nimʹ.

Uhoraho Nyen’ingabo

Yesaya 1:9, Bibiliya Yera; Abaroma 9:​29, Bibiliya Yera

Ategeka ingabo nyinshi z’abamarayika. Izina ry’icubahiro “Uhoraho Nyen’ingabo” rishobora kandi guhindurwa “Yehova nyen’ingabo” canke “Umukama w’ingabo zo [mw’ijuru].”​—Abaroma 9:​29, Bibiliya y’isi nshasha; NET Bible.

Musumbavyose

Zaburi 47:2

Afise ikibanza kiri hejuru ya vyose.

Mweranda Rwose

Imigani 9:​10

Ni mweranda (afise ingeso nziza kandi aratyoroye) kuruta uwundi muntu uwo ari we wese.

Umubumvyi

Yesaya 64:8

Afise ububasha ku bantu no ku mahanga, nka kurya nyene umubumvyi afise ububasha kw’ibumba.​—Abaroma 9:​20, 21.

Umucunguzi

Yesaya 41:14

Arakiza abantu igicumuro n’urupfu biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu Kristu.​—Yohani 3:​16.

Igitandara

Zaburi 18:​2, 46

Ni ubuhungiro burangwa n’umutekano akaba n’isoko ry’ubukiriro.

Umukiza

Yesaya 45:21

Aradukiza akaga be n’agatikizo.

Umwungere

Zaburi 23:1

Aritwararika abasavyi biwe.

Umukama Segaba

Itanguriro 15:2

Afise ubukuru budasumbwa; mu giheburayo ni ʼAdho·naiʹ.

Rudasumbwa

Daniyeli 7:​18, 27

Segaba aruta vyose.

Amazina y’ibibanza avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo

 Amazina y’ibibanza amwamwe yo muri Bibiliya arimwo izina ry’Imana, ariko ayo mazina y’ibibanza si ayandi mazina y’Imana.

Izina ry’ikibanza

Aho ryanditse muri Bibiliya

Insobanuro yaryo

Yehova-yire

Itanguriro 22:13, 14

“Yehova azotuma bironkeka.”

Yehova-nisi

Kuvayo 17:15

“Yehova ni we Buhungiro bwanje” canke “Uhoraho ni we bendera yanje.” (Bibiliya Yera, akajambo k’epfo) Yehova ni Imana ishobora gukingira abantu bayo no kubafasha.​—Kuvayo 17:13-​16.

Yehova-shalomu

Abacamanza 6:​23, 24

“Yehova ni amahoro.”

Yehova-Shama

Ezekiyeli 48:35, Bibiliya y’isi nshasha, akajambo k’epfo.

“Yehova ubwiwe ari ng’aho.”

Igituma bihambaye kumenya izina ry’Imana no kurikoresha

  •   Kuba Imana yarashize izina ryayo Yehova muri Bibiliya incuro ibihumbi, vyerekana ko ibona yuko rihambaye cane.​—Malaki 1:​11.

  •   Yezu, umwana w’Imana, yarashimitse akatari gake ku kuntu izina ry’Imana rihambaye. Nk’akarorero, yasenze Yehova ati: “Izina ryawe niryezwe.”​—Matayo 6:9; Yohani 17:6.

  •   Abamenya izina ry’Imana bakongera bakarikoresha baba bateye intambwe za mbere zo kugiranira ubugenzi na Yehova. (Zaburi 9:​10; Malaki 3:​16) Ubwo bugenzi butuma bungukira ku vyo Imana isezerana, iti: “Ko yanyiyumvisemwo, nanje rero nzomukiza. Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje.”​—Zaburi 91:14.

  •   Bibiliya ivuga iti: “Hari abitwa ‘imana,’ haba mw’ijuru canke kw’isi, nk’uko hari ‘imana’ nyinshi n’‘abakama’ benshi.” (1 Abakorinto 8:​5, 6) Ariko iratomora neza Imana imwe y’ukuri ikoresheje izina ryayo, ari ryo Yehova.​—Zaburi 83:18.

a Abahinga b’Abaheburayo bamwebamwe bahitamwo kwatura iryo zina ngo “Yahweh.”

b Impfunyapfunyo y’izina ry’Imana, ari yo “Ya,” iboneka muri Bibiliya nk’incuro 50, aho hakaba harimwo aho ikoreshwa mw’ijambo “Haleluya” risobanura ngo “Shemeze Ya.”​—Ivyahishuwe 19:1; Bibiliya Yera.