Imana ifise amazina angahe?
Inyishu Bibiliya itanga
Imana ifise izina ry’uruharo rimwe gusa. Mu giheburayo, iryo zina ryandikwa uku יהוה. Mu kirundi iryo zina rikunze guhindurwa ngo “Yehova.” a Imana icishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Iryo zina riboneka nk’incuro 7.000 mu vyandikano vya Bibiliya vya kera, rikaba riboneka incuro nyinshi kuruta ayandi mazina yose akoreshwa ku Mana canke ayandi mazina akoreshwa ku bandi bantu. b
Yehova yoba afise ayandi mazina?
Naho Bibiliya ivuga izina ry’uruharo ry’Imana rimwe gusa, iravuga n’amazina y’icubahiro hamwe n’amatazirano menshi. Amazina hamwe n’amatazirano akurikira arerekana ukuntu Yehova ameze hamwe na kamere ziwe.
Izina ry’icubahiro |
Aho ryanditse muri Bibiliya |
Insobanuro yaryo |
---|---|---|
Allah |
(Ntaho ryanditse muri Bibiliya) |
Ijambo “Allah” rivuye mu rurimi rw’icarabu. Si izina ry’uruharo, ahubwo ni izina ry’icubahiro risobanura “Imana.” Impinduro za Bibiliya zo mu carabu zikoresha “Allah” mu kibanza c’“Imana.” |
Mushoboravyose |
Afise ububasha butananirwa. Imvugo y’igiheburayo ʼEl Shad·daiʹ, isobanura “Imana Mushoboravyose,” iboneka muri Bibiliya incuro indwi. |
|
Alufa na Omega |
“Uwa mbere n’uwa nyuma,” canke “intango n’iherezo,” bisobanura ko ata yindi Mana Mushoboravyose yabayeho imbere ya Yehova kandi ko ata yindi izoza mu nyuma ziwe. (Yesaya 43:10) Alufa ni urudome rwa mbere mu ndome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma. |
|
Uwa kera mu misi |
Ntagira intango; yamyeho ibihe vyose ata muntu n’umwe canke ikindi kintu na kimwe kirabaho.—Zaburi 90:2. |
|
Umuremyi |
Ni we yaremye ibintu vyose. |
|
Dawe |
Ni we yaduhaye ubuzima. |
|
Imana |
Arasengwa; arahambaye cane. Ijambo ry’igiheburayo ʼElo·himʹ riri mu bwinshi, rikaba ryerekana ubukuru bwa Yehova, iteka ryiwe, canke icubahiro ciwe. |
|
Imana iruta izindi mana |
Ni Imana Musumbavyose, itandukanye n’“imana ata co zimaze” zisengwa na bamwebamwe.—Yesaya 2:8. |
|
Umwigisha Ahambaye |
Aratanga inyigisho n’ubuyobozi ngirakamaro.—Yesaya 48:17, 18. |
|
Umuhinguzi Ahambaye |
Ni we yaremye ibintu vyose.—Ivyahishuwe 4:11. |
|
Imana ihimbawe |
Arangwa n’umunezero hamwe n’agahimbare.—Zaburi 104:31. |
|
Uwumva amasengesho |
Arumviriza abamusenga bafise ukwizera. |
|
Ndi Uwo Ndi We |
Kuvayo 3:14, Bibiliya Yera |
Aracika ico cose gikenewe kugira ashitse umugambi wiwe. Ayo majambo yahinduwe kandi ngo “Nzocika ico nshaka cose” canke ngo “Nzocika ico nzocika.” (The Emphasised Bible, yahinduwe na J. B. Rotherham; Bibiliya y’isi nshasha) Iyo ndondoro irafasha gusigura izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, dusanga mu murongo ukurikira.—Kuvayo 3:15. |
Munyeshari |
Ntiyihanganira abamusenga bamubangikanije. Iryo jambo ryahinduwe kandi ngo “ntiyihanganira abakeba” kuko asaba gusengwa wenyene.—God’s Word Bible. |
|
Umwami w’ibihe bidahera |
Ubutware bwiwe ntibugira intango n’iherezo. |
|
Umukama |
Nyene ikintu canke databuja; mu giheburayo ni ʼA·dhohnʹ na ʼAdho·nimʹ. |
|
Uhoraho Nyen’ingabo |
Yesaya 1:9, Bibiliya Yera; Abaroma 9:29, Bibiliya Yera |
Ategeka ingabo nyinshi z’abamarayika. Izina ry’icubahiro “Uhoraho Nyen’ingabo” rishobora kandi guhindurwa “Yehova nyen’ingabo” canke “Umukama w’ingabo zo [mw’ijuru].”—Abaroma 9:29, Bibiliya y’isi nshasha; NET Bible. |
Musumbavyose |
Afise ikibanza kiri hejuru ya vyose. |
|
Mweranda Rwose |
Ni mweranda (afise ingeso nziza kandi aratyoroye) kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. |
|
Umubumvyi |
Afise ububasha ku bantu no ku mahanga, nka kurya nyene umubumvyi afise ububasha kw’ibumba.—Abaroma 9:20, 21. |
|
Umucunguzi |
Arakiza abantu igicumuro n’urupfu biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu Kristu.—Yohani 3:16. |
|
Igitandara |
Ni ubuhungiro burangwa n’umutekano akaba n’isoko ry’ubukiriro. |
|
Umukiza |
Aradukiza akaga be n’agatikizo. |
|
Umwungere |
Aritwararika abasavyi biwe. |
|
Umukama Segaba |
Afise ubukuru budasumbwa; mu giheburayo ni ʼAdho·naiʹ. |
|
Rudasumbwa |
Segaba aruta vyose. |
Amazina y’ibibanza avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo
Amazina y’ibibanza amwamwe yo muri Bibiliya arimwo izina ry’Imana, ariko ayo mazina y’ibibanza si ayandi mazina y’Imana.
Izina ry’ikibanza |
Aho ryanditse muri Bibiliya |
Insobanuro yaryo |
---|---|---|
Yehova-yire |
“Yehova azotuma bironkeka.” |
|
Yehova-nisi |
“Yehova ni we Buhungiro bwanje” canke “Uhoraho ni we bendera yanje.” (Bibiliya Yera, akajambo k’epfo) Yehova ni Imana ishobora gukingira abantu bayo no kubafasha.—Kuvayo 17:13-16. |
|
Yehova-shalomu |
“Yehova ni amahoro.” |
|
Yehova-Shama |
Ezekiyeli 48:35, Bibiliya y’isi nshasha, akajambo k’epfo. |
“Yehova ubwiwe ari ng’aho.” |
Igituma bihambaye kumenya izina ry’Imana no kurikoresha
Kuba Imana yarashize izina ryayo Yehova muri Bibiliya incuro ibihumbi, vyerekana ko ibona yuko rihambaye cane.—Malaki 1:11.
Yezu, umwana w’Imana, yarashimitse akatari gake ku kuntu izina ry’Imana rihambaye. Nk’akarorero, yasenze Yehova ati: “Izina ryawe niryezwe.”—Matayo 6:9; Yohani 17:6.
Abamenya izina ry’Imana bakongera bakarikoresha baba bateye intambwe za mbere zo kugiranira ubugenzi na Yehova. (Zaburi 9:10; Malaki 3:16) Ubwo bugenzi butuma bungukira ku vyo Imana isezerana, iti: “Ko yanyiyumvisemwo, nanje rero nzomukiza. Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje.”—Zaburi 91:14.
Bibiliya ivuga iti: “Hari abitwa ‘imana,’ haba mw’ijuru canke kw’isi, nk’uko hari ‘imana’ nyinshi n’‘abakama’ benshi.” (1 Abakorinto 8:5, 6) Ariko iratomora neza Imana imwe y’ukuri ikoresheje izina ryayo, ari ryo Yehova.—Zaburi 83:18.
a Abahinga b’Abaheburayo bamwebamwe bahitamwo kwatura iryo zina ngo “Yahweh.”
b Impfunyapfunyo y’izina ry’Imana, ari yo “Ya,” iboneka muri Bibiliya nk’incuro 50, aho hakaba harimwo aho ikoreshwa mw’ijambo “Haleluya” risobanura ngo “Shemeze Ya.”—Ivyahishuwe 19:1; Bibiliya Yera.