Ja ku birimwo

Hoba hari umuntu yigeze kubona Imana?

Hoba hari umuntu yigeze kubona Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Nta muntu yigeze kubona Imana. (Kuvayo 33:20; Yohani 1:​18; 1 Yohani 4:​12) Bibiliya ivuga iti: “Imana ni Impwemu.” Ivyo bisobanura ko tudashobora kuyibona n’amaso yacu.​—Yohani 4:​24; 1 Timoteyo 1:​17.

 Abamarayika bo barashobora kubona Imana, kuko ari ibiremwa vy’impwemu. (Matayo 18:10) Hariho kandi n’abantu bapfa bazozukira kuba mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu, abo na bo nyene bazoshobora kubona Imana.​—Abafilipi 3:​20, 21; 1 Yohani 3:2.

Ingene ushobora kubona Imana ubu

 Bibiliya akenshi iravuga ibijanye no kubona mu buryo bw’ikigereranyo ishaka kuvuga gutahura. (Yesaya 6:​10; Yeremiya 5:​21; Yohani 9:​39-​41) Muri ubwo buryo, umuntu arashobora kubona Imana akoresheje “amaso y’umutima” mu kugira ukwizera gutuma atahura neza ukuntu imeze. (Abanyefeso 1:​18) Bibiliya irerekana ibintu vyodufasha kuronka ukwo kwizera:

  •   Niwige ibijanye na kamere z’Imana, nk’urukundo n’ubuntu bwayo, ubukerebutsi hamwe n’ububasha bwayo bibonekera mu vyo yaremye. (Abaroma 1:​20) Amaze kwibutswa ibikorwa vy’irema Imana yakoze, wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ko ari nk’aho abonye Imana.​—Yobu 42:5.

  •   Nurondere kumenya Yehova Imana mu kwiga Bibiliya. Bibiliya idukura amazinda iti: “Niwamurondera, azoreka umuronke.”​—1 Ngoma 28:9; Zaburi 119:2; Yohani 17:3.

  •   Niwige ivyerekeye Imana biciye ku buzima bwa Yezu. Kubera ko Yezu yiganye Se wiwe mu buryo butagira agahaze, yaravuze atihenda ati: “Uwubonye jewe aba abonye na Data.”​—Yohani 14:9.

  •   Nubeho mu buryo buhimbara Imana, uheze wirabire ingene izogufasha. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abatyoroye mu mutima, kuko bazobona Imana.” Nk’uko twamaze kubivuga, bamwebamwe mu bakora ivyo Imana igomba bazozukira kuba mw’ijuru baheze ‘babone Imana.’​—Matayo 5:8; Zaburi 11:7.

None Musa, Aburahamu n’abandi ntibabonye Imana?

 Mu nkuru aho womenga Bibiliya ivuga ko abantu babonye Imana, ubiravye neza usanga Imana yaba yaserukiwe n’umumarayika canke bakayibona biciye kw’iyerekwa.

 Abamarayika.

Kera Imana yaratuma abamarayika ku bantu, bakabiyereka bakongera bakabashikiriza ubutumwa bwayo. (Zaburi 103:20) Nk’akarorero, Imana yarigeze kuvugana na Musa iri hagati mu gisaka caka umuriro, kandi Bibiliya igira iti: “Musa ahisha mu maso hiwe, kuko yatinya kuraba Imana y’ukuri.” (Kuvayo 3:​4, 6) Mu vy’ukuri Musa ntiyabonye Imana, ahubwo iyo nkuru yerekana ko yabonye “umumarayika wa Yehova.”​—Kuvayo 3:2.

 Muri ubwo buryo, igihe Bibiliya ivuga ko Imana “yavugana na Musa amaso mu yandi,” iba ishaka kuvuga ko Imana yavugana na Musa ata co imuhisha. (Kuvayo 4:​10, 11; 33:11) Musa rero ntiyigeze abona mu maso h’Imana, kuko amakuru Imana yahaye Musa ‘yayamushikirije biciye ku bamarayika.’ (Abagalatiya 3:​19; Ivyakozwe 7:​53) Yamara rero, Musa yarizera Imana bimwe bikomeye ku buryo Bibiliya ivuga ko ari nk’aho ‘yabona Umwe ataboneka.’​—Abaheburayo 11:27.

 Ukwo kuntu Imana yavuganye na Musa ibicishije ku bamarayika, ni ko nyene yabigenjeje mu kuvugana na Aburahamu. Ego ni ko, usomye Bibiliya wihuta womenga Aburahamu yarabonye Imana vy’ukuri. (Itanguriro 18:​1, 33) Ariko rero, iyo nkuru yerekana ko ba “bagabo batatu” baza kwa Aburahamu bari abamarayika barungitswe n’Imana. Aburahamu yabafashe nk’abaserukiye Imana, aca abaganiriza nk’aho yoba ariko avugana na Yehova ubwiwe.​—Itanguriro 18:​2, 3, 22, 32; 19:1.

 Iyerekwa.

Imana kandi yariyeretse abantu, bakaba bayibona nka kurya umuntu abona ibintu mu ndoto. Nk’akarorero, igihe Bibiliya ivuga ko Musa n’abandi Bisirayeli ‘babonye Imana ya Isirayeli,’ iba ishaka kuvuga ko ‘beretswe Imana y’ukuri’ nka kurya umuntu abona ibintu mu ndoto. (Kuvayo 24:​9-​11) Muri ubwo buryo, rimwe na rimwe Bibiliya iravuga ko abahanuzi ‘babonye Yehova.’ (Yesaya 6:1; Daniyeli 7:9; Amosi 9:1) Muri izo ncuro zose, izo nkuru zerekana ko batabonye Imana amaso mu yandi.​—Yesaya 1:1; Daniyeli 7:2; Amosi 1:1.