Ja ku birimwo

Imana yoba ifise izina?

Imana yoba ifise izina?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abantu bose barafise amazina. Wumva none bitumvikana ko n’Imana igira izina? Kimwe mu bintu bihambaye biranga abagenzi ni ukuba bafise amazina kandi bakayakoresha mu guhamagarana. Si ko none bikwiye kumera no ku bugenzi tugiranira n’Imana?

 Muri Bibiliya, Imana ivuga iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Naho ifise kandi amazina y’icubahiro menshi, nka “Imana Mushoboravyose,” “Umukama Segaba,” na “Umuremyi,” iratera iteka abasavyi bayo mu kubabwira ngo bayihamagare mw’izina ryayo ry’uruharo.—Itanguriro 17:1; Ivyakozwe 4:24; 1 Petero 4:19.

 Bibiliya nyinshi zirimwo izina ry’uruharo ry’Imana muri Kuvayo 6:3. Uwo murongo uvuga uti: “Narabonekera Aburahamu, Izahaki na Yakobo bwa Mana Mushoboravyose, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova.”

 Yehova ni ryo zina ry’Imana rimaze igihe rikoreshwa mu kirundi. Naho abahinga benshi bashima ko ryaturwa ngo “Yahweh,” Yehova ni ryo rizwi cane rwose. Igice ca mbere ca Bibiliya nticanditswe mu kirundi ahubwo canditswe mu giheburayo, runo rukaba ari ururimi rusomwa uva iburyo uja ibubamfu. Muri urwo rurimi, izina ry’Imana ryanditswe mu ndome zine ari zo z’izi: יהוה. Izo ndome zine z’igiheburayo zitwa Tetaragarama; uzishize mu ndome zikoreshwa mu kirundi zica ziba: YHWH.