Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Umutima wanje uzokwama ari ho uri’

‘Umutima wanje uzokwama ari ho uri’

Yehova yaritoreye urusengero (2Ng 7:11, 12)

Umutima wa Yehova wokwamye ari ho uri, bikaba vyerekana ko yohaye agaciro cane ivyokorewe muri iyo nzu bijanye n’izina ryiwe (2Ng 7:16; w02 15/11 5 ing. 1)

Abantu baramutse bahevye kugendera imbere ya Yehova “n’umutima wabo wose,” yociye areka urwo rusengero rugakurwaho (2Ng 6:14; 7:19-21; it-2 1048)

Igihe begurira Imana urwo rusengero, abantu bashobora kuba biyumvira ko umutima wabo wokwamye kuri rwo. Ikibabaje, umwete wabo mu bijanye no gusenga Yehova wagiye uragabanuka buhorobuhoro.

NIWIBAZE UTI: ‘Ndiko nerekana gute ko nitwararika cane ibijanye no gusenga?’