Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingingo zerekana ko twizigira Yehova

Ingingo zerekana ko twizigira Yehova

Buri musi turafata ingingo nyinshi. Abantu bo mw’isi bakunda gufata ingingo babitumwe n’ibishobisho canke bakabitumwa no gukurikira isinzi. (Kv 23:2; Img 28:26) Ariko ku rundi ruhande, abiheka kuri Yehova ‘baramwibuka’ mu kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya kugira zibayobore mu ngingo bafata.—Img 3:5, 6.

Kuri kimwekimwe cose mu vyanditswe bikurikira, niwandike umuce aho ico canditswe cogufasha gufata ingingo nziza.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NIWIGANE ABAGARAGAJE UKWIZERA, NTIWIGANE ABATAKUGARAGAJE—NIWIGANE MUSA, NTIWIGANE FARAWO, MUCE MWISHURA IKI KIBAZO:

Akarorero ko muri Bibiliya kafashije gute uwo muvukanyi gufata ingingo nziza?