Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wokwihanganira indwara ikomeye

Ingene wokwihanganira indwara ikomeye

 Amagara yawe yoba ariko arayonga mu buryo utari witeze? Nimba ari ukwo biri, urazi ingene indwara ishobora kuruhisha ku mubiri, gutuma wumva wihebuye no kugutwara amahera menshi. None ni igiki cogufasha kwihangana? Wofasha gute incuti canke umugenzi ariko aragira ingorane z’amagara? Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, irimwo ingingo ngenderwako zogufasha kwihangana.

Impanuro zogufasha kwihanganira indwara

  •   Kwitura abaganga

     Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

     Ingene woyishira mu ngiro: Igihe bikenewe, niwiture abaganga bavyigiye.

     Nugerageze iki kintu: Niwiture umuganga abishoboye woshobora kuronka. Rimwe na rimwe, biraba vyiza wituye n’uwundi muganga. (Imigani 14:15) Nutomorere abaganga ukuntu umerewe kandi wiyemeze neza ko utahura ivyo bakubwira be n’uko batahuye neza ukuntu umerewe. (Imigani 15:22) Numenye ibijanye n’indwara yawe hamwe n’uburyo butandukanye woshobora kuvurwa. Umaze gutahura neza ivyo wokwitega, bituma ushobora kwihanganira iyo ngorane yawe no gufata ingingo nziza ku bijanye n’ukuntu bokuvura.

  •   Gukora ivyotuma ugira amagara meza

     Ico Bibiliya ivuga: “Kumenyereza umubiri bigira akamaro.”​—1 Timoteyo 4:8.

     Ingene woyishira mu ngiro: Gukora ibintu vyotuma ugira amagara meza, nko kuza uragira agasiporo, birashobora kukugirira akamaro.

     Nugerageze iki kintu: Niwame winonora imitsi udahorereza, wongere witwararike gufungura neza no gusinzira neza. N’igihe woba uriko uramenyera kubana n’iyo ndwara yawe, abahinga bavuga ko kwihatira gukora ibintu vyotuma ugira amagara meza bishobora kuvamwo ivyiza. Ariko uraraba neza ntuhave ukora ibintu vyotuma amagara yawe yunyuka canke bidahuza n’imiti woba uriko urafata.

  •   Kurondera gushigikirwa n’abandi

     Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

     Ingene woyishira mu ngiro: Abagenzi barashobora kugufasha kwihanganira ibihe bitoroshe.

     Nugerageze iki kintu: Nuyagire umugenzi wizigiye, umuserurire ukuntu wiyumva. Ivyo vyotuma amaganya uterwa n’iyo ndwara agabanuka ugasubira kugira umunezero. Incuti n’abagenzi bashobora kuba bipfuza kugufasha no mu bundi buryo, ariko bakaba batazi ico bogufasha. Rero nubabwire utabahisha ico woshima ko bagufasha. Ntiwitege ibirenze kandi wame ukenguruka imfashanyo bakuronsa. Ariko ntiwumve, hari igihe vyosaba ko wishingira uturimbi tumwetumwe, nko kugabanya umwanya bakugendera be n’uwo bahamara kugira bikworohere ko uruhuka neza.

  •   Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza

     Ico Bibiliya ivuga: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—Imigani 17:22.

     Ingene woyishira mu ngiro: Kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kugumana icizigiro birashobora kugufasha kutarengerwa n’umubabaro no kwihanganira indwara.

     Nugerageze iki kintu: Kugira umenyere uko ivyawe bisigaye vyifashe, niwibande ku vyo ushoboye gukora, ntugumize umutima ku vyo utagishoboye. Niwirinde kwigereranya n’abandi canke kuguma wiyumvira uko wari umeze utararwara. (Abagalatiya 6:4) Niwishingire imigambi ushobora gushikako. Ivyo bizogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. (Imigani 24:10) Nugire ivyo ufashije abandi bivanye n’aho ubushobozi bwawe bugera. Umunezero uva ku gufasha abandi urashobora gutuma utaguma wiyumvira ingorane zawe.​—Ivyakozwe 20:35.

Imana yoba izogufasha kwihanganira ingorane z’amagara?

 Bibiliya ivuga ko Yehova Imana a ashobora gufasha umuntu kwihanganira ingorane z’amagara. Naho tutokwitega gukira ku gitangaro, Imana irashobora gufasha abasavyi bayo mu kubaronsa ibi bintu bikurikira:

 Amahoro. Yehova araturonsa “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:6, 7) Ayo mahoro, canke ugutekana mu mutima, aratuma umuntu atarengerwa n’amaganya. Imana iha ayo mahoro abayisenga bakayibwira ibibaraje ishinga.​—1 Petero 5:7.

 Ubukerebutsi. Yehova araturonsa ubukerebutsi bwo gufata ingingo zibereye. (Yakobo 1:5) Umuntu aronka ubwo bukerebutsi igihe yiyigisha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya akongera akazishira mu ngiro.

 Icizigiro ca kazoza. Yehova asezerana ko hazogera igihe aho “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Ico cizigiro kiratuma abantu benshi baguma babona ibintu mu buryo bwiza naho baba bahanganye n’ingorane zikomeye z’amagara.​—Yeremiya 29:11, 12.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.​—Zaburi 83:18.