Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Health

Health

Imana ibona gute ukuntu dufata umubiri wacu?

“Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane, mu baryi b’inyama b’abakunzi b’inda.”—Imigani 23:20.

KUBERA IKI BIHAMBAYE?

Bibiliya si igitabu c’ivy’ubuvuzi; eka kandi ntivuga ibintu vyose abantu bakwiye gukora canke kudakora. Yamara, gutahura ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene Imana ibona ivy’amagara vyoshobora kukugirira akamaro.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imirongo myinshi yo muri Bibiliya iradufasha kubona ingene Imana ibona ukuntu dufata umubiri wacu. Nk’akarorero, Bibiliya iriyamiriza ukurenza urugero kwose, harimwo n’akaborerwe be n’ubukunzi bw’inda, kuko bitugirira nabi. (Imigani 23:20) Rya Tegeko Imana yaha Isirayeli ya kera ryarimwo amabwirizwa yabakingira indwara zimwezimwe akongera agatuma indwara zidakwiragira. Iryo Tegeko ryaravuga n’ibintu kanaka babwirizwa gukora kugira birinde impanuka. (Gusubira mu vyagezwe 22:8) Biratomoye yuko Bibiliya ituremesha kwitwararika umubiri wacu, tugakora ivyo dushoboye vyose kugira dukingire amagara yacu.

Twisunze Bibiliya, ni kubera iki turwara?

“Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro.”—Abaroma 5:12.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abantu benshi biyumvira ko turwara kubera ko twabayeho biciye kw’ihindagurika. Abandi na bo biyumvira yuko biterwa n’inguvu nsigabwenge, nk’akarorero ivyo bita impwemu mbi canke amashetani.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ivuga yuko turwara kubera ko abantu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, bagararije Imana. (Abaroma 5:12) Abo bavyeyi bacu ba mbere bari bafise amagara atagira akanenge bataragariza. Bari bazi yuko bopfuye baramutse bakoze ikintu gituma Imana ibakurako amaboko. (Itanguriro 2:16, 17) Yamara, baritandukanije n’Imana nkana, bituma batakaza ugutungana, basigara bafise akanenge. *

Abo bavyeyi bacu ba mbere bamaze kugarariza, baraturaze ako kanenge. Ni co gituma tukirwara naho abantu bagerageza gukuraho indwara.

WOKORA IKI?

Bibiliya ivuga yuko gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana ziranga ubukerebutsi bizotuma ugiranira ubucuti bwiza na yo. Bizoheza bitume ugira amagara atagira akanenge mw’isi izoba yabaye Iparadizo. (Yesaya 33:24) Imana idusezeranira yuko izokuraho imibabaro, indwara n’urupfu.—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Bibiliya yoba ibuza abantu kwivuza?

“Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”—Matayo 9:12.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abashira imbere ivyo gusengera abarwayi ngo bakire ku gitangaro aho kuja kwa muganga.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mu bihe vya kera, Imana yaremera ko mu gisata cayo habamwo abakora ivyo kwitwararika amagara y’abantu. (Itanguriro 38:28; Abakolosayi 4:14) Nta kintu na kimwe muri Bibiliya cerekana ko Imana itahimbarwa n’uko bavura abantu bakoresheje ibimera, amavuta, ibifungurwa be n’ubundi buryo bwo kuvura. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”—Matayo 9:12.

Ariko rero, Bibiliya ntishigikira ivyo kwivuza mu buryo ubwo ari bwo bwose. Nk’akarorero, ntishigikira ivyo gusengera abantu ngo bakire ku gitangaro bigirwa muri iki gihe. Vyongeye, Imana iriyamiriza ivyo kuvurwa hakoreshejwe ubupfumu. (Abagalatiya 5:19-21) Turetse ubwo buryo bwo kwivuza buteye kubiri na Bibiliya, ikintu kibereye umuntu yokora iyo afise ingorane z’amagara ni ukurondera umuganga mu maguru masha, nimba bishoboka.

^ ing. 10 Muri iki kiganiro, “ugutungana” gusobanura ukuntu abantu ba mbere bari bameze neza igihe Imana yabarema, batarwara canke ngo bapfe.