Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kim Steele/The Image Bank via Getty Images

ISEKEZA RIDASANZWE

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’ingorane z’ubutunzi?

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’ingorane z’ubutunzi?

 Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi, usanga bitaborohera kuronka amahera akwiye yo kubabeshaho kandi birushiriza kwunyuka.

  •   Twisunze raporo iheruka gutangwa kw’isi yose, a «amahera arushiriza guta agaciro.» Muri iyo raporo, baragabishije abantu yuko ata gihindutse, hazoba «itandukaniro rinini hagati y’abatunzi n’abakene kandi ko imiryango myinshi izobaho nabi kuruta uko vyahoze.»

 Intwaro zoba zizotorera umuti ibibazo vy’ubukene canke n’imiburiburi zigatuma bugabanuka?

 Bibiliya irerekana ko hari intwaro ishobora gutorera umuti ubukene hamwe n’ubusumbasumbane bw’ubutunzi. Ivuga ko «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami,» intwaro imwe rudende izoba iganza isi yose. (Daniyeli 2:44) Kuri iyo ntwaro, nta wuzokwibagirwa canke ngo yirengagizwe. (Zaburi 9:18) Ubwami bw’Imana buzokwiyemeza neza ko abatwarwa babwo bafise ivyotuma bahimbarwa. Abantu bose bazonezererwa umwimbu w’ibikorwa vyabo.​—Yesaya 65:21, 22.

a Vyavuzwe muri raporo yo 2022-2023 y’ishirahamwe ryitwa International Labour Organization Global Wage