Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro

Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro

Joe ni umugabo aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika akaba yahoze ari umusoda. Ingorane zamushikiye be n’ivyago vyashikiye umuryango wiwe vyatumye amara imyaka nka 18 atagira aho aba. Umusi umwe yaratanguye kuza araja mu bubiko bw’ibitabu bwo mu karere yabamwo, akaza araganira n’uwahakorera. Ibiyago bagiranye vyarahinduye ubuzima bwiwe.

Martín na we ni umusore wo muri Arjantine yahora yumva ko akeneye kwiyegereza Imana. Yabona ko ubuzima butagira intumbero. Kubera ko yashaka kumenya intumbero yabwo, yaravuye iwabo amaherezo aja kuba ku nkengera y’ikiyaga. Ariko aho kuronka inyishu z’ibibazo yibaza, yasigaye afise intuntu nyinshi. Yararize atakambira Imana ati: “Nimba ubaho, ndagusavye umfashe kukumenya.” None vyamugendeye gute? Turaza kubibona.

HARI ibintu vyinshi bituma abantu babura aho baba. Bamwe usanga vyavuye ku vyago vyabashikiye, nk’umwe Joe twavuga. Abandi bameze nka Martín. Bahitamwo guheba ubuzima busanzwe kubera ko bumva bubarambiye, butagira intumbero. Hari n’abandi babura aho baba kubera ubukene, ivyago vy’ivyaduka, amabi bakorerwa mu rugo, ibiyayuramutwe, inzoga zirenze urugero, indwara zo mu mutwe, ukubura uburaro buzimbutse canke kubura akazi.

Umuhinga mu vy’inyifato y’abantu yitwa Paul Toro avuga yuko kubura uburaro “bisigaye ari ingorane ikomeye mu bihugu vyinshi biteye imbere” naho abantu bahora biyumvira ko ari ingorane y’ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke vyasinzikajwe n’intambara canke ingorane z’ivy’ubutunzi. * Zimwe mu mvo zibitera ni ingene Leta iba yaratunganije ivyo gufasha abatishoboye no kuba abantu bamwe barushiriza gutunga abandi bakarushiriza gukena.

Abantu benshi barahagarika umutima ku bijanye na kazoza. Ariko hari abaretse guhagarika umutima cane aho bamariye kumenya ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza, tukaba tuza kubigarukako mu kanya. Bibiliya iranadufasha muri iki gihe mu kuduha impanuro nziza zishobora gutuma dutora akoyoko mu vy’ubutunzi, tukarushiriza no kumererwa neza mu mutima. Ivyo Joe na Martín baravyiboneye.

BIBILIYA YARAMUHINDUYE

Umukenyezi yitwa Cindi yakorera muri bwa bubiko bw’ibitabu Joe yajamwo, yarakunda kumubona. Avuga ati: “Joe yari umuntu aciye ubwenge, w’urupfasoni kandi yicisha bugufi.” Kubera ko Cindi ari Icabona ca Yehova, yaramuhaye ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, aranamutumira kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Joe ahashitse bamwakiranye umutima mwiza n’icubahiro, aca atangura kuza aritaba amakoraniro adasiba. Vyongeye, yaremeye yuko umugabo umwe wo mw’ishengero aza aramwigisha Bibiliya.

Kwiga Bibiliya vyarafashije Joe kwumva ko hari ico amaze

Ivyo Joe yize muri Bibiliya vyaramuremesheje cane, atangura kuza arabishira mu ngiro naho vyasaba ko agira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Nk’akarorero, yaramenye ko ubuzima ari ingabire y’agaciro Imana yaduhaye dutegerezwa gufata neza, aramenya kandi ko itabi ryonona umubiri. (Zaburi 36:9) Yaciye rero aheba kurinywa, yisunze ingingo ngenderwako Bibiliya itanga mu 2 Abakorinto 7:1 igira iti: “Twiyuhagire ubuhumane bwose bw’umubiri.” Iyo ngingo Joe yafashe yatumye arushiriza kugira amagara meza, ituma kandi aziganya amahera.

Joe amaze gutahura ko Bibiliya iduhanura gukora uko dushoboye kwose kugira turonke ibidutunga, yaciye atangura kurondera akazi. * (1 Abatesalonika 4:11, 12) Mu Musiguzi 2:24 havuga hati: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” Gukora akazi kabereye biradutera iteka, tukumva ko hari ico tumaze, ivyo bigatuma tugira umunezero. Gukora akazi kabereye bituma kandi dushobora gufasha abatishoboye.Abanyefeso 4:28.

Cindi avuga yuko Ivyabona vya Yehova bamaze kubona utwigoro Joe yariko aragira, “bamwakirije yompi” maze “bamwebamwe baramufasha kuronka uburaro bubereye n’izindi mfashanyo za Leta yari afitiye uburenganzira.” Joe yarabandanije kugira amahinduka, arabatizwa aba Icabona ca Yehova. Ivyo yaciyemwo, ubu arabifatirako mu kuremesha abandi kurondera ubukerebutsi buva ku Mana buri muri Bibiliya.Imigani 3:13, 14.

YARAMENYE INTUMBERO Y’UBUZIMA

Martín yatanguye kurondera intumbero y’ubuzima afise imyaka 20. Avuga ati: “Naragiye mu vy’amadini, mu biyayuramutwe, ntangura no kwisunga ivyiyumviro vy’abitwa incabwenge, nizigiye kuronka ico numva ko mbuze mu mutima, ariko nta co naronse.” Yaramaze igihe aba i Kaliforniya muri Amerika maze yimukira muri Hawayi. Avuga ati: “Nabona ko nashitse mw’iparadizo.” Ariko ubwiza bwaho ntibwamuronkeje ico yari abuze mu mutima. Yongerako ati: “Naragize intuntu gushika aho niyumvira kwiyahura.” Ico gihe ni ho yarira akabogoza asaba Imana ati: “Nimba ubaho, ndagusavye umfashe kukumenya.”

Martín asigaye abona neza ubuzima

Martín yaciye yibuka ko yari yarabonye icapa kivuga ngo “Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova.” Ni kwo guca afata ingingo yo kwitaba ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ryahabera. Avuga ati: “Ninjiyeyo mfise ibishatsi birebire n’ivyanwa, nambaye n’impuzu nari mazemwo amezi. Ariko banyakiranye igishika.” Martín yaremeye kwiga Bibiliya. Yarava aho yaba ku nkengera y’ikiyaga, akaja mu kibanza ca bose kiri hagati mu gisagara kwigirayo Bibiliya.

Martín yaratanguye kuronka inyishu z’ibibazo yari amaze igihe yibaza. Intuntu yari afise yaratanguye guhera, aragira wa munezero Yezu yavuze igihe yagira ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’[Imana].”Matayo 5:3.

“Baratangaye babonye ingene ntanguye guhinduka”

Martín yarahinduye ukuntu yabona ubuzima aho atanguriye gushira mu ngiro za mpanuro zo muri Bibiliya zafashije Joe guhinduka. Martín yaratanguye kwitunganya neza, Ivyabona vya Yehova na bo baramufasha kuronka akazi n’uburaro. Avuga ati: “Kera abanzi banyita ngo wa mugabo wo mw’ibarabara, ariko baratangaye babonye ingene ntanguye guhinduka.”

Martín yahavuye asubira muri Arjantine, arabatizwa aba Icabona ca Yehova. Ubu arahimbarwa no gufasha abanyotewe kumenya Imana kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima.

UBUKENE N’UKUBURA UBURARO BIGIYE KUVAHO

Umusavyi w’Imana wa kera yitwa Yeremiya, yaraciye mu bihe vy’amarushwa. Abansi ruburakigongwe barateye igihugu ciwe, batwara ab’iwabo kuba abaja. (Gucura intimba 1:3) Yeremiya we nta co yabaye, ariko yaratakaje hafi ivyiwe vyose. Yasenganye intuntu ati: “Ibuka amarushwa yanje n’ukuba ntagira aho mba.”Gucura intimba 3:19.

Ariko imibabaro ntiyatumye Yeremiya yihebura. Kubera iki? Kimwe coco, yari azi ko Yehova atomuhevye. (Yeremiya 1:8) Ikindi kandi, yari yarize Ivyanditswe vyeranda, aramenya ko ubukene n’imibabaro bizoteba bikavaho, hagasigara hari amahoro n’umutekano nyakuri.Zaburi 37:10, 11.

Abantu si bo bazotuma haba ayo mahinduka, ahubwo ni intwaro itunganye yitwa Ubwami bw’Imana. (Daniyeli 7:13, 14) Umwami wabwo ni Yezu Kristu, uwerekanye yuko afitiye impuhwe nyinshi aboro igihe yari kw’isi. (Luka 7:22; 14:13) Ku ngoma yiwe, “umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi. . . . Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”Zaburi 72:7, 12, 14.

“Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo.”Yesaya 65:21

Mu vyo Yezu yigisha, yarashimika cane ku Bwami bw’Imana. (Luka 4:43) Mbere yigishije abantu gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Ubuzima buzoba bumeze gute Ubwami bw’Imana nibwaganza isi? Bibiliya iraducira agace. Nk’akarorero, ku vyerekeye abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, ivuga iti:

  • “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”Yesaya 65:21, 22.

  • “Emwe, bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza; kuko akanwa nyene ka Yehova nyen’ingabo kabivuze.”Mika 4:4.

Ico cizigiro nyakuri kirashobora kuturemesha mu bihe vy’ingorane. Ariko n’ubu, impanuro zo muri Bibiliya zirashobora kudufasha kugira ubuzima buhimbaye kandi bufise intumbero, nk’uko vyagenze kuri Joe, Martín n’abandi. Umuremyi wacu Yehova Imana adukura amazinda ati: “Uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.” (Imigani 1:33) Ese vyokugendera gutyo!

^ par. 6 Intambara, ubukozi bw’ikibi n’uguhamwa biratuma abantu amamiliyoni bata izabo canke bakaba impunzi mu bindi bihugu. Ivyo vyarasiguwe muri Be maso! yo kuwa 22 Nzero 2002 mu gifaransa.

^ par. 11 Bamwebamwe baripfuza gukora ariko ntibikunde kubera ubumuga, indwara canke ubusaza. Ariko Imana ntishigikira “uwudashaka gukora.”—2 Abatesalonika 3:10.