Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intwaro zirangwa n’igiturire zoba zizokwigera zivaho?

Intwaro zirangwa n’igiturire zoba zizokwigera zivaho?

 Kuba abategetsi barya igiturire, birateza ingorane zikomeye hirya no hino kw’isi. a Nk’akarorero, muri iki kiringo c’ikiza ca Korona, abategetsi bo mu bihugu vyinshi baragirijwe ko bariko bararya amahera yategerezwa gukoreshwa mu kurwanya ico kiza. Ibiturire nk’ ivyo vyaratumye abantu bataronka imiti bari bakeneye bikaba vyatumye benshi baremba abandi barapfa.

 Igiturire mu ntwaro kirateza ingorane zitovugwa. David Cameron, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yavuze ati: “Igiturire ni umutego uteye akaga, kandi ibihugu vyose birawugwamwo.”

 Yamara, turashobora guhera amazinda ko vuba intwaro zose zirangwa n’igiturire zizovaho. Uti kubera iki? Raba ivyo Bibiliya ivuga ko Imana izokora.

Igituma tuzi ko Imana izokuraho igiturire

 Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana iti: “Jewe Yehova nkunda ubutungane, nkanka ubwambuzi hamwe n’ibitagororotse.” b (Yesaya 61:8) Igihe abantu baba bariko barashikirwa n’ingaruka z’igiturire, Imana irabibona. (Imigani 14:31) Isezerana iti: “Kubera ukunyagwa kw’abarushwa, . . . ubu ho ngira mpaguruke.”​—Zaburi 12:5.

 None ni ibiki Imana izokora? Aho kugira ico ifashije intwaro ziriho ubu, izozisubiriza intwaro yayo yo mw’Ijuru, yitwa “Ubwami bw’Imana.” (Mariko 1:14, 15; Matayo 6:10) Bibiliya ivuga iti: “Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami . . . Buzojanjagura ubwo [bundi] bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” (Daniyeli 2:44) Biciye kuri ubwo Bwami, Imana izokuraho igiturire tubona muri iki gihe.

Intwaro izira igiturire

 Twemezwa n’iki ko intwaro y’Imana itazorangwamwo igiturire? Raba imvo zibitwemeza.

  1.  1. Ububasha. Ububasha bw’ubwo Bwami buva ku Mana Mushoboravyose.​—Ivyahishuwe 11:15.

     Igituma bihambaye: Amahera intwaro z’abantu zikoresha ava mu banyagihugu. Rero, akenshi ivyo bituma haba uturyo twinshi two kurya igiturire, ubusuma no kwifatira abantu. Ubwami bw’Imana bwobwo bushigikiwe na Mushoboravyose. Ku bw’ivyo, buzoronsa abatwarwa babwo ivyo bakeneye vyose.​—Zaburi 145:16.

  2.  2. Umutware. Imana yatoye Yezu Kristu ngo abe Umutware w’ubwo Bwami.​—Daniyeli 7:13, 14.

     Igituma bihambaye: Naho umutware yoba ari mwiza gute, ntashobora kureka kwoshwa nabi n’abandi. (Umusiguzi 7:20) Yezu wewe yarerekanye ko adashobora kurya igiturire. (Matayo 4:8-11) Vyongeye, ivyo akorera abatwarwa biwe yama abitumwa n’urukundo, kandi aritwararika cane ineza yabo.​—Zaburi 72:12-14.

  3.  3. Amategeko. Amategeko y’Ubwami bw’Imana aratunganye, mbere atuma abayakurikiza bagira umunezero.​—Zaburi 19:7, 8.

     Igituma bihambaye: Amategeko y’abantu akenshi usanga agoye, aremereye canke ashirwa mu ngiro nabi. Ivyo bituma haboneka uturyo two kurya igiturire. Ku rundi ruhande, amategeko y’Imana yoyo aroroshe gukurikiza kandi ni ngirakamaro. (Yesaya 48:17, 18) Vyongeye, ayo mategeko ntashimika gusa ku vyo umuntu akora, arashimika no ku mvo zituma abikora. (Matayo 22:37, 39) Ego cane, Imana irashobora kubona ibiri mu mutima igaca imenya abakurikiza amategeko yayo babitumwe n’imvo nziza.​—Yeremiya 17:10.

 Wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya isezerana ku vyerekeye ingene muri kazoza hazoba hariho intwaro izira igiturire:

a Insobanuro imwe y’ijambo “igiturire,” ivuga ko ari ugukoresha nabi ububasha uhabwa n’abandi ku bw’inyungu zawe.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?