Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwirinde amakuru y’ikinyoma

Niwirinde amakuru y’ikinyoma

 Ubu kuruta ikindi gihe, biroroshe kuronka amakuru, harimwo n’ayashobora kudufasha kubaho dutekanye kandi dufise amagara meza. Ariko igihe uriko urarondera amakuru, urakeneye kuba maso ku makuru y’ikinyoma nk’aya:

 Nk’akarorero, mu gihe c’ikiza ca korona, umunyamabanga mukuru wa ONU yarerekanye ko dukeneye kwirinda amakuru atariyo kandi ateye akaga yariko arakwiragizwa. Yavuze ati: «Impanuro zijanye n’ivy’amagara y’abantu zitari zo hamwe n’ubuvuzi butari bwo, biriko birakwiragira. Abantu bariko barakwiragiza inkuru z’ibihuha. Ayo makuru atagira ishingiro niyo yuzuye kuri internet. Biramenyerewe ko abantu banka cane canke binuba abo batameze kumwe canke badasangiye ivyiyumviro.»

 Ni ivy’ukuri ko ibijanye no kuvuga amakuru y’ikinyoma atari bishasha. Ariko rero Bibiliya iratubwira ko muri kino gihe cacu «abantu b’ababisha be n’abiyorobetsi [borushirije] kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa.» (2 Timoteyo 3:1, 13) Internet iratuma turonka amakuru atari yo mu buryo bworoshe kandi bunyaruka kuruta uko vyahora, hanyuma tukayakwiragiza twibaza ko ari ay’ukuri. Ivyo bituma turonka amakuru agoretse canke arimwo ukuri kudakwiye biciye kuri e-mail, ku mbuga hwaniro canke mu twuma twacu.

 Ni gute wokwirinda amakuru y’ikinyoma hamwe n’ay’ibihuha? Nurabe impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha.

  •   Ntiwemere ibintu vyose ubona canke wumva

     Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

     Tutabaye maso biroroshe ko duhendwa. Rimbura nk’akarorero amafoto ariko amajambo canke utuvidewo tugufitugufi bikwiragizwa kuri internet canecane ku mbuga hwaniro. Ibintu nk’ivyo abantu benshi bakunze kuvyita «mèmes» kandi kenshi babitunganya bafise intumbero yo gutwenza abantu. Yamara, biroroshe cane ko abantu bahindura amafoto canke amavidewo bakayakoresha bafise intumbero itandukanye n’iyo uwayasohoye ubwa mbere yari afise. Abantu barashobora no gutunganya amavidewo y’abantu bazwi bagashiramwo ibintu batigeze bavuga canke bakora.

     «Abantu benshi bagira ubushakashatsi ku bijanye n’amakuru y’ikinyoma, basanze amavidewo canke amafoto ashirwa ku mbuga hwaniro, nk’ama mèmes, aba arimwo amakuru adakwiye.»​—Vyakuwe ku rubuga rwitwa Axios Media.

     Niwibaze uti: «Yoba ari amakuru y’ukuri canke ni ama mèmes

  •   Nusuzume aho amakuru yavuye n’ico avuga

     Ico Bibiliya ivuga: «Musuzume ibintu vyose»​—1 Abatesalonika 5:21.

     Naho inkuru yoba izwi cane canke yarasubiwemwo cane mu makuru, imbere y’uko uyemera canke uyirungika, nubanze gusuzuma ko ari ukuri. Uti wobigenza gute?

     Nusuzume nimba aho yavuye ari aho kwizigirwa. Ibimenyeshamakuru canke ayandi mashirahamwe birashobora kuvuga inkuru kugira bishigikire inyungu zabo canke iza politike. Amakuru wabonye mu kimenyeshamakuru kimwe nuyagereranye n’ayari mu bindi bimenyeshamakuru. Rimwe na rimwe abagenzi bawe barashobora kukurungikira batabiciye n’ikanda amakuru atari yo biciye kuri e-mail canke bakayashira ku mbuga hwaniro. Naho ari ukwo, ntiwizigire inkuru iyo ari yo yose utabanje gusuzuma aho yavuye.

     Niwiyemeze ko ibiri muri ayo makuru bihuye n’igihe kandi ari ivy’ukuri. Nurabe ko ayo makuru yatanzwe ahuye n’amatariki kandi afise ivyemeza ko ari ay’ukuri. Uraba maso canecane igihe amakuru arimwo ibintu vyinshi bayasiguye mu buryo bworoshe cane canke butuma ugira aho uhengamiye.

     «Gusuzuma nimba amakuru ari ay’ukuri bisigaye bihambaye cane nko gukaraba iminwe.»​—Vyavuzwe na Sridhar Dharmapuri, ajejwe ibijanye n’ugufungura neza mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

     Niwibaze uti: «Iyi nkuru yoba ari iy’ukuri canke itanga amakuru y’igice?

  •   Niwisunge amakuru y’ukuri, ntiwisunge ivyo wikundira

     Ico Bibiliya ivuga: «Uwizigira umutima wiwe aba ari ikijuju.»​—Imigani 28:26.

     Akenshi usanga bitworohera kwizigira amakuru ahuye n’ivyo twikundira. Vyongeye, amashirahamwe y’ivya internet ahanini akurungikira amakuru yisunze ivyo ukunda n’ivyo wama urondera kuri internet. Naho ari uko, ivyo twikundira si vyo tuba dukeneye vy’ukuri.

     «Abantu barafise ubushobozi bwo kwiyumvira no kubona ko ikintu cumvikana, ariko akenshi ivyo twipfuza, ivyo twizigiye, ibidutera ubwoba be n’imvo dukorana ibintu bituma twemera ko ikintu ari ukuri igihe tubona ko gihuye n’ivyo twemera.»​—Vyavuzwe na Peter Ditto, umuhinga mu vy’inyifato y’abantu mu kibano.

     Niwibaze uti: «Noba nizigira aya makuru kubera gusa ahuye n’ivyo nipfuza?»

  •   Nuhagarike gukwiragiza amakuru atari yo

     Ico Bibiliya ivuga: «Ntugakwiragize inkuru y’ikinyoma.»​—Kuvayo 23:1.

     Niwibuke ko amakuru urungikira abandi ashobora guhindura ukuntu babona ibintu n’ukuntu bigenza. N’igihe nyene bishitse ukarungikira umuntu amakuru y’ikinyoma utabishaka, ntareka kumugirira nabi.

     «Ikintu gihambaye ukwiye gukora imbere y’uko urungikira abandi amakuru ni ukwibaza uti: “Aya makuru noba ndayizigiye ku buryo noyarungikira abandi?” Iyaba abantu bose bokora ico kintu, amakuru y’ikinyoma akwiragizwa kuri internet yogabanuka cane.»​—Vyavuzwe na Peter Adams, icegera c’uwurongoye ishirahamwe ryitwa News Literacy Project.

     Niwibaze uti: «Noba ndungikiye abandi aya makuru kubera nzi ko ari ay’ukuri?»