Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAGENDERA KURI ZA FARASI ZINE, BOBA BAGUTERA UBWOBA?

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Abagendera kuri izo farasi zine, twoshobora kubona umengo ni amayobera be n’uko bateye ubwoba. Ariko si ko dukwiye kubibona. Kubera iki? Kubera yuko Bibiliya be n’ibintu biba muri iki gihe, bidufasha kumenya neza ico umwe wese muri abo bane agereranya. Vyongeye, naho ukugenda kw’ayo mafarasi kwasobanura ivyago kw’isi, kurashobora kuba n’agakuru keza kuri wewe no ku muryango wawe. Uti gute? Reka tubanze turabe ico umwe wese agereranya.

UWUGENDERA KW’IFARASI YERA

Intumwa Yohani arigana ivyo yeretswe, ati: “Ngize ntya, mbona ifarasi yera; kandi uwuyicayeko yari afise umuheto; ahabwa urugori, agenda atsinda no kugira ngo aheraheze intsinzi yiwe.”​—Ivyahishuwe 6:2.

None uwo agendera kw’ifarasi yera ni nde? Ikintu nyamukuru kidufasha kumumenya tugisanga muri ico gitabu nyene c’Ivyahishuwe. Mu kigabane ca 19, havuga ko yitwa “Jambo w’Imana.” (Ivyahishuwe 19:11-13) Iryo zina Jambo ryerekeza kuri Yezu Kristu, kubera ko Imana imukoresha nk’umuvugizi wayo. (Yohani 1:1, 14) Vyongeye, yitwa “Umwami w’abami n’Umukama w’abakama”, akongera akitwa “Mwizigirwa na Munyakuri.” (Ivyahishuwe 19:11, 16) Mu vy’ukuri, arabereye kuba umwami w’umurwanantambara, kandi ntiyigera akoresha nabi ububasha bwiwe. Yamara rero, hari ibibazo bica bivyuka.

Ni nde none amuha ububasha bwo gutsinda? (Ivyahishuwe 6:2) Mu vyo umuhanuzi Daniyeli yeretswe, yarabonye Mesiya, uwasa n’“umwana w’umuntu.” “Umwe wa kera mu misi” ari we Yehova Imana *, yaciye amuha “ubutware n’iteka n’ubwami.” (Daniyeli 7:13, 14) Imana Mushoboravyose rero, ni yo iha Yezu ububasha n’uburenganzira bwo kuganza no guca urubanza. Iyo farasi yera ni ikimenyetso kibereye c’uko Umwana w’Imana arwana intambara igororotse, kubera yuko akenshi muri Bibiliya, ibara ryera rigereranya ubugororotsi.​—Ivyahishuwe 3:4; 7:9,13, 14.

None abagendera kuri izo farasi batanguye kugenda ryari? Urabona ko uwa mbere, ari we Yezu, atangura kugenda ahejeje kwambikwa urugori, akimikwa. (Ivyahishuwe 6:2) None Yezu yimitswe ryari ngo abe Umwami mw’ijuru? Igihe Yezu yazuka agasubira mw’ijuru, ntiyaciye yimikwa. Bibiliya yerekana nyabuna ko yaciye atangura ikiringo co kurindira. (Abaheburayo 10:12, 13) Yezu yarahaye abayoboke biwe ikimenyetso cobafashije kumenya yuko ico kiringo kirangiye be n’uko atanguye kuganza ari Umwami mw’ijuru. Yavuze ko ibintu vyociye birushiriza kwunyuka kw’isi atanguye kuganza. Hobayeho intambara, amapfa be n’indwara z’ibiza. (Matayo 24:3, 7; Luka 21:10, 11) Haciye igihe gito Intambara ya mbere y’isi yose itanguye mu 1914, vyaragaragaye yuko abantu bari binjiye mu kiringo kibi cane, ico Bibiliya yita “imisi ya nyuma.”​—2 Timoteyo 3:1-5.

Kubera iki none igihe Yezu yaba Umwami mu 1914, ibintu vyaciye biba bibi cane aho kuba vyiza? Ni uko ico gihe, Yezu yari atanguye kuganza mw’ijuru. Mugabo ntiyari bwatangure kuganza kw’isi. Mw’ijuru haharadutse intambara, maze uwo Mwami Yezu yari ahejeje kwimikwa, ari we Mikaheli, aca ajugunyira kw’isi Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 12:7-9, 12) Kubera ko Shetani yaterewe kw’isi, arafise ishavu ryinshi cane kuko azi yuko imisi yiwe iharuye. Nkako, nta gihe kinini gisigaye Imana itaranduye Shetani ng’aha kw’isi. (Matayo 6:10) Ubu na ho, nimuze turabe ingene abagendera ku mafarasi batatu basigaye, batwemeza neza ko mu vy’ukuri tubayeho mu “misi ya nyuma” itoroshe. Baratandukanye n’uwa mbere, kuko wewe agereranya umuntu, ariko bo bakaba bagereranya ibintu biba hirya no hino kw’isi bimaze igihe bisinzikaza abantu.

UWUGENDERA KW’IFARASI ITUKURA

Yohani abandanya ati: “Maze haza iyindi, ifarasi y’ibara ry’umuriro; kandi uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira ngo bicane; kandi ahabwa inkota nini.”​—Ivyahishuwe 6:4.

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya intambara. Urabona yuko Bibiliya ivuga ko akura amahoro kw’isi yose, atari mu bihugu bimwebimwe gusa. Mu 1914 haradutse intambara y’isi yose, rikaba ryari ryo rya mbere ibaye muri kahise k’abantu. Yahavuye ikurikirwa n’intambara ya kabiri y’isi yose, iyayogeje inganda kuruta. Raporo zimwezimwe zivuga ko abahitanywe n’intambara zitandukanye kuva mu 1914, baharurwa mu miliyoni zirenga 100! Vyongeye, abandi benshi cane barakomeretse bimwe bikomeye.

None ibijanye n’intambara vyifashe gute muri iki gihe? Kuva isi yakaremwa, ubu abantu barafise ubushobozi bwo guhonya ababa kw’isi yose. Mbere n’amashirahamwe avuga ko aharanira amahoro, nka rya shirahamwe mpuzamakungu ONU, yarananiwe guhagarika uwugendera kuri iyo farasi itukura.

UWUGENDERA KW’IFARASI YIRABURA

Ubukurikira Yohani avuga ati: “Ngize ntya, mbona ifarasi yirabura; kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. Maze numva ijwi nk’aho riri hagati ya vya binyabuzima bine rivuga riti: ‘Igemeri y’ingano kw’idenariyo, n’amagemeri atatu ya sayiri kw’idenariyo; kandi ntihagire ico ugira amavuta y’umwelayo n’umuvinyu.’”​—Ivyahishuwe 6:5, 6.

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya amapfa. Iyo mirongo irerekana ko ibifungurwa vyokenye cane ku buryo igemeri y’ingano (amagarama 700) yoguzwe idenariyo imwe, uwo ukaba wari umushahara umukozi wo mu kinjana ca mbere yahembwa ku musi! (Matayo 20:2) Ico giceri nyene coguze amagemeri atatu ya sayiri (ibiro 2 n’amagarama 100), zikaba zari intete zifise agaciro ko hasi ugereranije n’ingano. None wumwa ivyo vyotunze umuryango munini? Abantu baca bahimirizwa kudasesagura ibifungurwa vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose, ico gihe bikaba vyari amavuta n’umuvinyu.

None twoba tubona ibimenyamenya vyerekana ko uwugendera kuri iyo farasi yirabura aguma agenda kuva mu 1914? Cane nyene! Mu kinjana ca 20, inzara yahitanye abantu nk’imiliyoni 70. Raporo imwe ivuga ko hafi “abantu imiliyoni 805 bafunguye nabi hagati ya 2012 na 2014, ni ukuvuga nk’umuntu umwe mu bantu umunani bari kw’isi.” Iyindi raporo igira iti: “Buri mwaka, inzara ihitana abantu benshi kuruta abahitanwa na SIDA, malariya be n’igituntu tubafatiye hamwe.” Naho hagirwa utwigoro dukomeye two kugaburira abashonje, uwugendera kw’ifarasi yirabura wewe arakomeza urugendo.

UWUGENDERA KW’IFARASI IBENJUTSE

Yohani aca avuga ati: “Ngize ntya, mbona ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko ryari Rupfu. Kandi Kuzimu yamukurikira agendera hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi, ngo bicishe inkota ndende n’amapfa n’ikiza cica be n’ibikoko vyo kw’isi.”​—Ivyahishuwe 6:8.

Uwugendera kuri iyo farasi agereranya urupfu ruhitana abantu, bivuye ku ndwara z’ibiza be n’ibindi bintu. Inyuma gatoya ya 1914, ka kamangu ko muri Espanye karahitanye abantu amamiliyoni mirongo. Bivugwa ko abantu imiliyoni nka 500 bakarwaye. Ivyo bisobanura ko mu bantu bose bari kw’isi ico gihe, 1 kuri 3 yakarwaye!

Ariko rero ako kamangu yari intango gusa. Abahinga bavuga yuko mu kinjana ca 20, abantu amamiliyoni amajana bahitanywe n’ibihara. Naho ubuvuzi bwateye imbere, gushika n’ubu abantu amamiliyoni baracahitanwa na SIDA, igituntu be na malariya.

Baba abicwa n’intambara, amapfa canke ibiza, bose bahitanwa na Rupfu. Kuzimu na we aguma akumakuma ata gahengwe abahitanwa na Rupfu.

IBIHE VYIZA BIRIMIRIJE!

Ibihe bigoye turimwo bigiye kurangira. Niwibuke iki kintu: Naho Yezu ‘yagiye atsinda’ kuva mu 1914, akajugunyira Shetani ng’aha kw’isi, ntarasozera intsinzi yiwe. (Ivyahishuwe 6:2; 12:9, 12) Vuba, kuri ya ntambara yitwa Harumagedoni, Yezu azokuraho ibikorwa bibi vya Shetani yongere azimanganye abamuyoboka. (Ivyahishuwe 20:1-3) Yezu ntazohagarika gusa abagendera kuri izo zindi farasi zitatu, ariko kandi azokuraho n’amabi yose bateje. Uti gute? Raba ivyo Bibiliya isezerana.

Yehova avuga ko mu gishingo c’intambara, hazoba amahoro. Bibiliya ivuga iti: “Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura.” (Zaburi 46:9) Nayo abakunda amahoro, “bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11.

Mu gishingo c’amapfa, hazoba ibifungurwa umukimba. Bibiliya ivuga iti: “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:16.

Vuba Yezu agiye gukuraho amabi yose yakwezwe n’abagendera kuri za farasi zitatu

Mu gishingo c’indwara z’ibiza be n’urupfu, abantu bose bazogira amagara meza bongere babeho ibihe bidahera. Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Igihe Yezu yari kw’isi, yaratanze imponjo yerekana ingene ibintu bizoba vyifashe mu gihe c’ubutegetsi bwiwe. Yararemesha amahoro, akagaburira abantu ku gitangaro, agakiza abarwaye, akazura n’abapfuye.​—Matayo 12:15; 14:19-21; 26:52; Yohani 11:43, 44.

Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kukwereka muri Bibiliya yawe ico wokora kugira ngo izo farasi zizosozere urugendo rwazo witeguye. Woba none woshima kumenya n’ibindi?

^ ing. 7 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.