Ja ku birimwo

Jambo w’Imana ni nde?

Jambo w’Imana ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imvugo ngo “ijambo ry’Imana” akenshi ryerekeza k’ubutumwa buva ku Mana. (Luka 11:28) Ahantu hake gusa rikoreshwa nk’izina ry’umuntu ngo “Jambo w’Imana” canke “Jambo”.—Ivyahishuwe 19:13; Yohani 1:14.

 Ubutumwa buva ku Mana. Abahanuzi baravuga ko ubutumwa batangaza ryari ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, umumenyeshakazoza Yeremiya ubuhanuzi bwiwe yabutanguje amajambo agira ngo “ijambo rya Yehova rinzako.” (Yeremiya 1:4, 11, 13; 2:1) Imbere yuko umumenyeshakazoza Samweli abwira Sauli ko Imana yamutoye ngo abe umwami, yavuze ati: “Hagarara rero kugira ngo ndakwumvishe ijambo ry’Imana.”—1 Samweli 9:27.

 Izina ry’umuntu. Bibiliya ivuga kandi ko “Jambo” ari izina rya Yezu Kristu haba igihe yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru canke igihe yari kw’isi. Raba ibintu bitwemeza ko ari ukwo biri:

  •   Imbere yuko haremwa ikintu na kimwe Jambo yariho. “Mu ntango Jambo yariho . . . Uyo mu ntango yari kumwe n’Imana.” (Yohani 1:1, 2) Yezu ni “imfura mu biremwa vyose . . . Ni uw’imbere y’ibindi bintu vyose.”—Abakolosayi 1:13-15, 17.

  •   Jambo yaje kw’isi ari umuntu. ‘Jambo yacitse umubiri, aba hagati muri twebwe.’ (Yohani 1:14) Yezu Kristu “yarahevye vyose amera nk’umushumba, acika uwusa n’abantu.”—Abafilipi 2:5-7.

  •   Jambo ni Umwana w’Imana. Intumwa Yohani amaze kuvuga ko “Jambo yacitse umubiri,” abandanya ati: “Twaritegereje ubuninahazwa bwiwe, ubuninahazwa nk’ubw’umwana w’ikinege ava kuri se.” (Yohani 1:14) Yohani yanditse kandi ati: “Yezu Kristu [ni] Umwana w’Imana.”—1 Yohani 4:15.

  •   Jambo afise kamere nk’iz’Imana. “Jambo yari imana.” (Yohani 1:1) Yezu ni “we gukayangana kw’ubuninahazwa bw’[Imana] n’ishusho nyayo y’akamere nyene k’[Imana].”—Abaheburayo 1:2, 3.

  •   Jambo aganza ari umwami. Bibiliya ivuga ko ku mutwe wa Jambo w’Imana hari “imigāra myinshi.” (Ivyahishuwe 19:12, 13) Jambo yitwa kandi “Umwami w’abami n’Umukama w’abakama.” (Ivyahishuwe 19:16) Yezu na we yitwa “Umwami w’abaganza akaba n’Umukama w’abakama batwara.”—1 Timoteyo 6:14, 15.

  •   Jambo ni Umuvugizi w’Imana. Biboneka ko izina “Jambo” ryerekeza k’umuntu Imana ikoresha mu gutanga amakuru no mu kwigisha. Yezu yavuze ko ariko ashitsa ano majambo agira ati: “Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga. . . . ibintu mvuga rero, nk’uko Data yabimbwiye, ni ko ndabivuga.”—Yohani 12:49, 50.