Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 3 2017 | Abagendera kuri za farasi zine, boba bagutera ubwoba?

UVYIBAZAKO IKI?

Inkuru dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe ivuga ivyerekeye abagendera kw’ifarasi zine, ni imwe mu nkuru zo muri ico gitabu zizwi cane. Bamwe irabatera ubwoba, abandi na bo igatuma bipfuza kumenya ivyayo. Raba ico Bibiliya ivuga ku binjanye n’inkuru nk’izo zivuga ivy’ubuhanuzi:

“Hahiriwe uwusoma n’ijwi ryumvikana be n’abumva amajambo y’ubu buhanuzi.”​Ivyahishuwe 1:3.

Uwu Munara w’Inderetsi urasigura ingene iyo nkuru y’abagendera kw’ifarasi zine ishobora gutuma tugira icizigiro.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Abagendera kuri za farasi zine, boba bagutera ubwoba?

Ifarasi zine—iyera, iyitukura, iyirabura be n’iyibenjutse. Inkuru yerekeye urugendo rwazo rutangaje, ni imwe mu zizwi cane mu gitabu c’Ivyahishuwe.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Abagendera kuri za farasi zine ni bande?

Raba ingene womenya ico iyo nkuru isobanura.

Ikindi kimenyamenya

Naho ushobora kuba utazi Tatenayi, ivyubuwe n’abacukuzi biremeza ko yabayeho koko.

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Nta candutira urukino rwa base-ball!

Samuel Hamilton yari yaratwawe n’inkino, ariko yarize Bibiliya ica irahindura ubuzima bwiwe.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

“Uri umugore asa neza”

Mu Misiri, abaganwa ba Farawo barabonye ingene Sara yasa n’irirenga. Ivyakurikiye birashobora kugutangaza.

Bibiliya ibivugako iki?

Hoba hari umugwi w’abantu Imana ibona ko baruta abandi? Hoba hariho abantu bahezagiwe n’abavumwe?

Ibindi usanga kuri internet

Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?

Ico gitabu ubwaco kivuga ko abasoma ubutumwa buri muri co, bakabutahura kandi bakabushira mu ngiro bahiriwe.