Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova araturonsa ivyo dukeneye kandi akadukingira

Yehova araturonsa ivyo dukeneye kandi akadukingira

“Ko yanyiyumvisemwo, nanje rero nzomukiza. Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje.”ZAB. 91:14.

1, 2. Ukuntu ivyacu vyifashe mu muryango bitandukanye gute, kandi twamenye ukuri mu buryo butandukanye ubuhe?

YEHOVA ni we yashizeho umuryango. (Ef. 3:14, 15) Ariko rero, naho turi mu muryango umwe, usanga dufise kamere zitandukanye, n’ivyacu bikaba vyifashe mu buryo butandukanye. Ushobora kuba warabanye n’abavyeyi bawe kuva ukivuka gushika ugeze mu bigero. Abandi boshobora kuba barabuze abavyeyi babo, kumbure bivuye ku ndwara, isanganya canke ikindi cago. Abandi na bo usanga mbere batazi abavyeyi babo.

2 Abo mu muryango wa Yehova ugizwe n’abasavyi biwe usanga bamenye ukuri mu buryo butandukanye. Ushobora kuba ‘wakuriye mu kuri’ nk’uko bamwe babivuga, abavyeyi bawe bakaba barashimangiye ingingo ngenderwako z’Imana muri wewe. (Gus. 6:6, 7) Canke ushobora kuba uri umwe mu bantu ibihumbi bamenye ukuri biciye ku gikorwa co kwamamaza kirangurwa n’abandi basavyi ba Yehova.Rom. 10:13-15; 1 Tim. 2:3, 4.

3. Ni ibiki twese duhuriyeko?

3 Naho hari ayo matandukaniro ahejeje kuvugwa, twese turafise ivyo duhuriyeko. Turashikirwa n’ingaruka z’ukugambarara kwa Adamu, kandi twararazwe agasembwa, igicumuro n’urupfu. (Rom. 5:12) Naho ari ukwo, twebwe abasavyi b’Imana b’ukuri, turafise imvo yumvikana yo kwita Yehova “Dawe wa twese.” Mu kuvuga  ibijanye n’abasavyi batowe n’Imana bo mu bihe vya kera, muri Yesaya 64:8 hagira hati: “Ewe Yehova, uri Data.” Vyongeye, Yezu yatanguye isengesho ryiwe ry’akarorero mu kuvuga ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.”Mat. 6:9.

4, 5. Uko twihweza urugero tugezako mu gukengurukira Dawe wa twese Yehova, vyoba vyiza tuzirikanye ku biki?

4 Dawe wa twese wo mw’ijuru aratwitwararika akongera akadukingira uko tugize igisata cambaza izina ryiwe mu kwizera. Umwanditsi w’amazaburi arasubiramwo amajambo uwo Dawe wa twese yavuze, ati: “Ko [umusavyi wanje w’ukuri] yanyiyumvisemwo, nanje rero nzomukiza. Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje.” (Zab. 91:14) Egome, Yehova Imana abigiranye urukundo aradukiza abansi bacu akongera akadukingira uko tugize igisata ciwe, kugira ngo ntiduherengetezwe.

5 Kugira turushirize gukengurukira Dawe wa twese wo mw’ijuru, nimuze turimbure ibintu bitatu bihambaye: (1) Dawe wa twese araturonsa ivyo dukeneye. (2) Yehova aradukingira. (3) Imana ni yo Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose. Uko turimbura ivyo vyiyumviro, vyoba vyiza tuzirikanye ku bucuti dufitaniye n’Imana maze tukabona ukuntu twomutera iteka nka we Dawe wa twese. Vyoba vyiza kandi tuzirikanye ku mihezagiro Yehova abikiye abamwiyegereza.Yak. 4:8.

YEHOVA NI WE GAHETA MU KUTURONSA IVYO DUKENEYE

6. Ni mu buryo bumwe ubuhe Yehova yerekana ko ari we atanga “ingabirano nziza yose”?

6 Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge iva hejuru, kuko imanuka iva kuri Se w’imico yo mw’ijuru.” (Yak. 1:17) Ubuzima ubwabwo ni ingabirano nziza igitangaza iva kuri Yehova. (Zab. 36:9) Dukoresheje ubuzima bwacu mu gukora ivyo Imana igomba, turironkera imihezagiro myinshi ubu tukongera tukagira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha. (Imig. 10:22; 2 Pet. 3:13) Ariko none ivyo bishoboka gute turavye inkurikizi zibabaje z’ukugambarara kwa Adamu?

7. Ni gute Imana yaturonkeje akaryo ko kugiranira na yo ubucuti somambike?

7 Mu vy’ukuri Yehova ni we gaheta mu kuturonsa ivyo dukeneye mu buryo budaharurika. Nk’akarorero, ubuntu bwiwe ata wari abukwiriye buradukiza. Ni ivy’ukuri ko twese turi abacumuzi kandi twarazwe agasembwa na dawe wacu wa mbere wo kw’isi. (Rom. 3:23) Naho ari ukwo, kubera urukundo Yehova adukunda, yaribwirije kugira ico akoze kugira ngo aturonse akaryo ko kugiranira na we ubucuti somambike. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we. Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.”1 Yoh. 4:9, 10.

8, 9. Yehova yerekanye gute ko ari we gaheta mu kuronsa abantu ivyo bakeneye mu gihe ca Aburahamu na Izahaki? (Raba ishusho itangura.)

8 Mu kinjana ca 19 imbere ya Kristu, harabaye ikintu kijanye n’ubuhanuzi gihishura intunganyo ihambaye iranga urukundo Yehova yashiriyeho abantu bagamburuka, kugira ngo bazoronke ubuzima budahera. Mu Baheburayo 11:17-19 hasigura hati: “Kubera ukwizera, Aburahamu igihe yagezwa, yabaye nk’aho ashikanye Izahaki, umuntu yari yakiranye umunezero ya mihango agerageza gushikana umwana wiwe w’ikinege, naho yari yabwiwe ngo: ‘Ikizokwitwa “uruvyaro rwawe” kizoboneka biciye kuri Izahaki.’ Mugabo yabonye yuko Imana yari ishoboye no kumuzura mu bapfuye; kandi yaranamuronse koko avuyeyo, mu buryo bw’ikigereranyo.” Ntibigoye kubona ico ivyo bigereranya. Yehova yaratanze Umwana wiwe Yezu Kristu ku bw’ineza y’isi igereranya abantu.Soma Yohani 3:16, 36.

9 Ese ukuntu Izahaki ategerezwa kuba yarakengurutse igihe yarokoka urupfu rwo gutangwako ikimazi! Nta gukeka ko yakengurutse intunganyo Imana yashizeho yo  gutanga ikimazi mu gishingo ciwe, ico na co kikaba cari impfizi y’intama yafashwe mu gisaka c’inzitane cari hafi yaho. (Ita. 22:10-13) Ntibitangaje kuba aho hantu hiswe “Yehova-yire,” mu giheburayo bikaba bisobanura ngo “Yehova azotuma bironkeka.”Ita. 22:14.

INTUNGANYO IJANYE N’UGUSUBIZA HAMWE

10, 11. Ni bande bagiye imbere mu “busuku bw’ugusubiza hamwe,” kandi babigize gute?

10 Uko tuzirikana ku kuntu Yehova ari we gaheta mu kuronsa abantu ivyo bakeneye, turakenguruka kandi tukemera icese uruhara ruhambaye Yezu Kristu yaranguye, nk’uko na Paulo yarwemeye icese igihe yandika ati: “Iki [ni] co twabonye, yuko umuntu umwe yapfiriye bose; nuko rero, bose bari barapfuye; kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.”2 Kor. 5:14, 15.

11 Kubera urukundo abakirisu bo mu ntango bakunda Imana no kubera bakenguruka agateka ntangere ko kuyikorera, baremeye “ubusuku bw’ugusubiza hamwe” banezerewe. Igikorwa cabo co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa catumye abantu b’umutima nziraburyarya bagiranira amahoro n’Imana, baraba abagenzi bayo, amaherezo baba abana bayo bo mu buryo bw’impwemu. Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova barobanuwe bararangura ubwo busuku nyene. Ivyo barangura ari abaserukira Imana na Kristu bituma abantu bafise agatima kabereye bashobora gukwegerwa na Yehova maze bagacika abemera.Soma 2 Abakorinto 5:18-20; Yoh. 6:44; Ivyak. 13:48.

12, 13. Twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyinshi Yehova yaturonkeje?

12 Abakirisu bose bafise icizigiro co kuba kw’isi, kubera ko bakenguruka ukuba Yehova ari we gaheta mu kuronsa abantu ivyo bakeneye, barafasha abarobanuwe mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Muri ico gikorwa, turakoresha Bibiliya, ico kikaba ari ikindi kintu ciza igitangaza Imana yaturonkeje. (2 Tim. 3:16, 17) Mu gukoresha Ijambo ry’Imana ryahumetswe tubigiranye ubuhanga mu busuku bwacu, turatuma abandi baronka akaryo ko kuronka ubuzima budahera. Umwe wese muri twebwe ariheka ku kindi kintu Yehova yaturonkeje kidufasha muri ico gikorwa, ico na co kikaba ari impwemu nyeranda yiwe. (Zek. 4:6; Luka 11:13) Ibivamwo biratangaje, nk’uko vyerekanwa mu nteguro imwimwe yose y’Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova. Ese ukuntu ari agateka kugira uruhara muri ico gikorwa gishemeza Dawe wa twese akaba na we aturonsa ivyo dukeneye!

13 Turavye ibintu vyose Imana yaturonkeje, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Noba nkora ivyo nshoboye vyose mu busuku ndangura kugira ngo nereke Yehova ko ndamukengurukira cane ku bw’ivyo bintu? Nokora iki kugira ngo ndushirize kuba umwamamaji w’inkuru nziza abishoboye?’ Turashobora kwerekana ko dukenguruka ibintu vyiza igitangaza Imana yaturonkeje mu gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu. Ivyo nitwabigira, Yehova azokwitwararika yuko turonswa ivyo dukeneye. (Mat. 6:25-33) Kubera ko Imana idukunda, nta gukeka ko twipfuza gukora ivyo dushoboye vyose kugira tuyihimbare twongere tunezereze umutima wayo.Imig. 27:11.

14. Yehova yakijije abasavyi biwe gute?

14 Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yaririmvye ati: “Ndi umurushwa n’umworo. Yehova [nunyiteho]. Uri umufasha wanje ukaba n’uwunkiza.” (Zab. 40:17) Yehova yarakijije akatari gake abasavyi biwe uko bagize umugwi, canecane igihe abansi babo baba bariko barabahama bimwe bikomeye bongera babahiga buhongo badatezura. Ese ukuntu dukenguruka imfashanyo Imana ituronsa mu bihe nk’ivyo be n’intunganyo nyinshi zo mu buryo bw’impwemu idahengeshanya kudushiriraho!

YEHOVA ARAKINGIRA ABASAVYI BIWE

15. Tanga akarorero kerekana ukuntu sebibondo munyarukundo arondera gukingira umwana wiwe.

15 Sebibondo munyarukundo ntaronsa gusa abana biwe ivyo bakeneye ariko kandi  arabakingira. Mu bisanzwe aragerageza kubakiza igihe bari mu kaga. Umuvukanyi umwe aribuka ikintu cashitse igihe yari akiri agahungu. We hamwe na se wiwe bari batashe bavuye mu murimo wo mu ndimiro baza babona bashitse ahantu babwirizwa kujabuka umugezi. Muri ico gitondo hari haguye imvura nyinshi bituma uwo mugezi wuzura urarenga inkombe. Uburyo bumwe bwariho bwo kujabuka nya mugezi kwari ugusimbira ku kibuye kinini bavuye ku kindi. Ako gahugu karitangiye imbere se wako maze kanyerera kuri kimwe muri ivyo bibuye, kadwibira mu mazi incuro zibiri. Ese ukuntu ako gahungu kakengurutse kuba se wako yaciye agacakira ku rutugu, agatuma kadasoma nturi! Dawe wa twese wo mw’ijuru aradukiza ingeramizi zogereranywa n’inzuzi z’isumo zikaze zo muri iyi si mbi be n’umutware wayo Shetani. Nta gukeka ko Yehova ari we adukingira kuruta abandi bose twokwizigira ko bodukingira.Mat. 6:13; 1 Yoh. 5:19.

16, 17. Yehova yafashije yongera akingira gute Abisirayeli igihe bariko barwanya Abamaleki?

16 Kuba Yehova akingira abasavyi biwe mu buryo buranga urukundo biragaragarira neza mu vyashitse aho amariye gukiza Abisirayeli abakuye mu bushumba bwo mu Misiri akongera akabakingira mu buryo bw’igitangaro igihe bajabuka Ikiyaga Gitukura mu 1513 imbere ya Kristu. Iryo hanga rimaze kugira urugendo rutoroshe rica mu gahinga ryerekeza ku Musozi Sinayi, ryarashitse i Refidimu.

17 Twisunze ubuhanuzi Imana yashikirije buri mw’Itanguriro 3:15, Shetani ashobora kuba yararondeye hasi kubura hejuru akaryo ko gutera abo Bisirayeli basa n’abatagira gitabara. Ivyo yabigize abicishije ku Bamaleki, bano bakaba bari abansi b’abasavyi b’Imana. (Guh. 24:20) Rimbura ivyo Yehova yakoze biciye ku bagabo bane b’abizigirwa ari bo Yosuwa, Musa, Aroni na Huru. Igihe Yosuwa yariko ararwanya Abamaleki,  Musa, Aroni na Huru bari bahagaze ku murambi wari hafi yaho. Igihe Musa yaba adugije amaboko, Abisirayeli baranesha muri iyo ntambara. Igihe amaboko yiwe yaremerwa, Aroni na Huru barayashigikiye. Kuba rero Yehova yarafashije Yosuwa akongera akamukingira vyatumye “atsinda Amaleki n’abantu biwe.” (Kuv. 17:8-13) Musa yarubatse igicaniro aho hantu, maze acita “Yehova-nisi,” mu giheburayo bikaba bisobanura ngo “Yehova ni we Buhungiro bwanje.”Soma Kuvayo 17:14, 15.

TURARINDWA IVYARA VYA SHETANI

18, 19. Imana yakingiye gute abasavyi bayo mu gihe ca none?

18 Yehova arakingira abamukunda kandi bakamugamburukira. Cokimwe na ba Bisirayeli bari i Refidimu, turahanga amaso Imana kugira idukize igihe duhanzwe n’abansi. Akenshi Yehova aradukingira uko tugize umugwi, akongera akaturinda ivyara vya Shetani. Zirikana ku bihe vyinshi aho Imana yazigamye abavukanyi bacu bariko bararondera kuguma batagira aho bahengamiye. Nk’akarorero, ivyo vyarashitse mu gihe c’Abanazi mu Budagi no mu bindi bihugu mu myaka ya 1930 no mu ntango z’imyaka ya 1940. Gusoma no kuzirikana inkuru z’ubuzima be n’inkuru zo mu Bitabu vy’umwaka zivuga ukuntu Imana yakingiye abasavyi bayo mu bihe vy’uruhamo bizotuma turushiriza kwizigira Yehova nka we Buhungiro bwacu.Zab. 91:2.

Yehova arashobora gukoresha abo dusangiye ukwemera kugira ngo adufashe kuguma turi abizigirwa mu bihe bigoye (Raba ingingo ya 18-20)

19 Biciye kw’ishirahamwe rya Yehova no ku bisohokayandikiro vyaryo, turaronka ivyibutsa biranga urukundo bidukingira. Rimbura ukuntu ivyo vyatugiriye akamaro mu bihe vya vuba. Uko iyi si irushiriza kudwibira mu rushanga rw’ubuhumbu n’amasanamu y’ibiterasoni, ni ko Yehova aturonsa ivyibutsa vyihutirwa akongera akadufasha mu buryo ngirakamaro kuba maso ku bintu vyotuma tutigenza runtu. Nk’akarorero, turaronka impanuro za kivyeyi zidusaba kwirinda kwifatanya n’ababi biciye ku gukoresha nabi ibibanza vyo kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye. *1 Kor. 15:33.

20. Ni uburinzi n’ubuyobozi ibihe turonka biciye kw’ishengero rya gikirisu?

20 Twokwerekana gute yuko turiko ‘turigishwa na Yehova’ vy’ukuri? Mu kwubahiriza twitonze amategeko yiwe. (Yes. 54:13) Mu mashengero yacu atagiramwo inkomanzi, turahasanga ubuyobozi n’uburinzi dukeneye, kuko aho ari ho hari abagabo b’abizigirwa basukura ari abakurambere bagatanga imfashanyo n’impanuro bishingiye ku Vyanditswe. (Gal. 6:1) Yehova akoresha ahanini izo “ngabirano z’abagabo” mu kutwitwararikana ikibabarwe. (Ef. 4:7, 8) None dukwiye kwakira gute imfashanyo n’impanuro baduha? Dukwiye kuyoboka no kugamburuka tubikunze kuko bituma Imana iduhezagira.Heb. 13:17.

21. (a) Dukwiye kwiyemeza gukora iki? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

21 Nimuze twiyemeze kuyoborwa n’impwemu nyeranda gutyo twemere kuyoborwa na Dawe wa twese wo mw’ijuru. Turakeneye kandi kuzirikana ku buzima bw’Umwana wiwe Yezu Kristu, we yatanze akarorero ntangere twihatira kwigana. Kubera ko Yezu yagamburutse gushika no ku rupfu, yararonse impera ihambaye. (Flp. 2:5-11) Cokimwe na we, tuzohezagirwa nitwizigira Yehova n’umutima wacu wose. (Imig. 3:5, 6) Nimuze rero twame duhanga amaso Yehova, we azoturonsa ivyo dukeneye akongera akadukingira kuruta uwundi muntu wese. Ese ukuntu kumukorera bidutera umunezero kandi akaba ari agateka gahambaye! Urukundo tumukunda ruzokwongerekana uko tuzirikana ku muce ugira gatatu ujanye n’ukuntu uwo Dawe wa twese atwitwararika, uwo na wo ukaba ari ubugenzi tugiranira na we. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ukuntu Yehova ari we Mugenzi wacu mwiza kuruta abandi bose.

^ par. 19 Uburorero bw’ivyibutsa nk’ivyo urashobora kubusanga mu kiganiro kivuga ngo “Internet—Nukoreshe neza ico gikoresho gitanga amakuru yo kw’isi yose,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2011, urupapuro rwa 3-5 no mu kiganiro kivuga ngo “Uraba maso ku mitego ya Shetani!” be no mu kivuga ngo “Hagarara ushikamye wirinde imitego ya Shetani!” biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2012, urupapuro rwa 20-29.