Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wa mupfakazi w’i Zarefati yarahawe impera kubera ukwizera kwiwe

Wa mupfakazi w’i Zarefati yarahawe impera kubera ukwizera kwiwe

UMUPFAKAZI umwe w’umworo aragumbira umuhungu wiwe, umwana wiwe w’ikinege. Ntavyumva! Mu kanya gaheze, yari atengatiye n’ikibabarwe cinshi ikiziga c’uwo mwana. Ubu na ho uwo mugore arihweza umuhungu wiwe yazutse, agahimbarwa cane no kumubona amwenyura. Uwo yari yahaye indaro amubwira ati: “Ehe umuhungu wawe ni muzima.”

Haraciye imyaka nka 3.000 iryo zuka ritangaje ribaye. Urashobora gusoma ibijanye na ryo mu 1 Abami ikigabane ca 17. Uwo muntu yari ahawe indaro ni Eliya umuhanuzi w’Imana. Uwo mugore na we ni nde? Ni umupfakazi atavugwa izina yaba mu gisagara ca Zarefati. Izuka ry’umuhungu wiwe ryabaye kimwe mu bintu bikomeza ukwizera kuruta ibindi vyose vyabaye mu buzima bwiwe. Uko twihweza ibimwerekeye, turaza kwiga ivyigwa bimwebimwe bihambaye.

ELIYA ABONA UMUPFAKAZI AFISE UKWIZERA

Yehova yari yarashinze ko hoteye uruzuba rukamara igihe kirekire mu karere katwarwa na Ahabu, wa mwami wa Isirayeli w’umubisha. Eliya amaze gutangaza ivy’urwo ruzuba, Imana yaramunyegeje ngo Ahabu ntamufate yongera iramugaburira ku gitangaro mu kumuha umukate n’inyama yazanirwa n’ibikona. Yehova yaciye abwira Eliya ati: “Haguruka, uje i Zarefati h’i Sidoni, ubeyo. Ehe nzotegeka koko ng’aho umugore, umupfakazi, akuronse ibifungurwa.”1 Abm. 17:1-9.

Igihe Eliya yashika i Zarefati, yarabonye umupfakazi w’umworo ariko aratoragura udukwi. Yoba yari wa mugore yari kuronsa uwo muhanuzi ibifungurwa? None yari kubimuronsa gute kandi na we ubwiwe yari umworo? Naho Eliya ashobora kuba yaragize amakenga, yaratanguye kuyaga n’uwo mugore. Yavuze ati: “Ndakwinginze unzanire utuzi dukeyi mu kintu kugira ngo nywe.” Igihe yaja kumuzanira amazi, Eliya yongeyeko ati: “Ndakwinginze unzanire igipande c’umukate.” (1 Abm. 17:10, 11) Uwo mupfakazi ntiyahagaritswe umutima  no guha amazi uwo muntu atazi, mugabo kumuha umukate rwari urugamba.

Yishuye ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe, nta gatsima k’umuzingi mfise, atari agafu kari ku rushi kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo; kandi ehe ndiko ntoragura udukwi dukeyi, mpeze ngende maze ngire ico nteguye ku bwanje no ku bw’umuhungu wanje, turye hanyuma dupfe.” (1 Abm. 17:12) Nimuze tuzirikane ku co ico kiyago gihishura.

Uwo mupfakazi yaremera ko Eliya ari Umwisirayeli atinya Imana. Ivyo bigaragarira mu majambo yavuze ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova Imana yawe.” Biboneka ko naho yari azi ku rugero runaka Imana ya Isirayeli, atari ayizi ku buryo yari gukoresha amajambo ngo “Imana yanje” mu kuvuga Yehova. Uwo mupfakazi yaba i Zarefati, agasagara kegukira igisagara ca Sidoni c’i Fenisiya, ivyo bikaba bisobanura ko kafashwa n’ico gisagara. Birashoboka rwose ko i Zarefati haba abasenga Bayali. Naho vyari ukwo, Yehova yari yarabonye ikintu kidasanzwe muri uwo mupfakazi.

Naho uwo mupfakazi w’umworo yaba mu basenga ibigirwamana, yarizera Imana. Yehova yarungitse Eliya kuri uwo mupfakazi ku bw’ineza y’uwo mugore no ku bw’ineza y’uwo muhanuzi. Ivyo turashobora kuvyigirako icigwa gihambaye.

Abasenga Bayali baba i Zarefati bose ntibari barononekaye ubutakivayo. Mu kurungika Eliya kuri uwo mupfakazi, Yehova yarerekanye ko yitwararika abantu b’umutima nziraburyarya bataratangura kumukorera. Nkako, “mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu [atinya Imana] kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”Ivyak. 10:35.

Ni bangahe mu baba mu cibare cawe bameze nk’uwo mupfakazi w’i Zarefati? Naho boba bakikujwe n’abantu bo mw’idini ry’ikinyoma, boshobora kuba bipfuza cane ikintu ciza kuruta. Bashobora kuba bazi bike ku vyerekeye Yehova canke batazi namba, bakaba rero bakeneye gufashwa kugira ngo baze mu gusenga gutyoroye. Woba urondera ukongera ugafasha abantu nk’abo?

‘UBANZE UNTEGURIRE AGATSIMA GATOYI’

Nuzirikane witonze ku vyo Eliya yasavye uwo mupfakazi gukora. Yari ahejeje kumubwira ko amaze gutegura ku bwiwe no ku bw’umuhungu wiwe udufungurwa twari dusigaye, boturiye hanyuma bagapfa. Naho vyari ukwo, Eliya yavuze iki? Yavuze ati: “Ntutinye. Genda ukore nk’uko uvuze. Ariko ku biriyo ubanze untegurire agatsima k’umuzingi gatoyi uheze ukanzanire, mu nyuma urashobora kugira ico uteguye ku bwawe no ku bw’umuhungu wawe. Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Uwo mubindi munini w’ifu ntuzohera, kandi ako gakarabo k’amavuta ntikazogabanuka, gushika umusi Yehova azotanga imvura y’isegenya ku buringanire bw’ubutaka.’ ”1 Abm. 17:11-14.

Hari abovuze bati: ‘Dutange ibifungurwa dusigaranye? Utegerezwa kuba uriko urijajurira!’ Mugabo si ko uwo mupfakazi yavuze. Naho yari afise ubumenyi bukeyi ku vyerekeye Yehova, yaremeye ivyo Eliya amubwiye maze arakora ivyo amusavye. Ese ukuntu ico cari ikintu kigerageza ukwizera, kandi ese ukuntu yafashe ingingo iranga ubukerebutsi!

Kuba uwu mupfakazi yarizeye Yehova Imana ya Eliya vyatumye we n’umuhungu wiwe bazigamirwa ubuzima

Imana ntiyahevye uwo mupfakazi w’umworo. Nk’uko nyene Eliya yari yabimusezeraniye, Yehova yaragwije udufungurwa tw’intica ntikize tw’uwo mugore ku buryo dutunga Eliya, uwo mupfakazi, be n’umuhungu wiwe gushika rwa ruzuba ruheze. Nkako, “nya mubindi munini w’ifu ntiwahe[ze], na nya gakarabo k’amavuta ntikagabanu[tse], nk’uko ijambo  rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye kuri Eliya.” (1 Abm. 17:16; 18:1) Iyo uwo mugore akora ibitandukanye n’ivyo, agatsima yakoze mu gafu n’utwo tuvuta yari asigaranye vyari kuba zo mfungurwa za nyuma. Aho kubigenza gutyo, yarakoranye ukwizera, arizigira Yehova, maze abanza kugaburira Eliya.

Ivyo biratwigisha yuko Imana ihezagira abagaragaza ukwizera. Niwashikirwa n’ikintu kigerageza ugutungana kwawe maze ukagaragaza ukwizera, Yehova azogufasha. Azokuronsa ivyo ukeneye, agukingire, yongere akubere Umugenzi kugira ngo agufashe kwihanganira ikigeragezo urimwo.Kuv. 3:13-15.

Mu 1898, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni waratanze iki cigwa ufatiye ku nkuru y’uwo mupfakazi, uti: “Uwo mugore yaragize ukwizera yari akeneye kugira agamburuke, akaba rero yarabonywe ko abereye gufashwa n’Umukama biciye kuri uwo Muhanuzi; iyo atagaragaza ukwizera, ntihari kubura uwundi mupfakazi akugaragaza. Ukwo ni ko biri kuri twebwe: uko dutera intambwe zitandukanye muri rwa rugendo rw’ubuzima, Umukama aradushikana ahantu ageragereza ukwizera kwacu. Nitwagaragaza ukwizera tuzoronka umuhezagiro; nitutakugaragaza, nta wo tuzoronka.”

Igihe dushikiwe n’ibigeragezo binaka, turakeneye kurondera ubuyobozi Imana itanga mu Vyanditswe no mu bisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Dukwiye guca dukora duhuza n’ubuyobozi Yehova atanga naho vyoba bigoye kubwemera. Tuzohezagirwa vy’ukuri nitwakora duhuza n’uwu mugani uranga ubukerebutsi ugira uti: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite. Mu nzira zawe zose umwibuke, na we azogorora iminyuro yawe.”Imig. 3:5, 6.

‘WAJE IWANJE KWICA UMUHUNGU WANJE?’

Ukwizera kw’uwo mupfakazi kwagira gushikirwe n’ikindi kigeragezo. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Inyuma y’ivyo bintu, umuhungu w’uwo mugore, nyene inzu, ararwara, indwara yiwe irakomera cane ku buryo ata mpemu zisigara muri we.” Mu kurondera icatumye ico cago gishika, uwo mugore yari atuntuye yabwiye Eliya ati: “Mpuriye ku ki nawe ga yewe muntu w’Imana y’ukuri? Waje iwanje kwibukiriza ikosa ryanje no kwica umuhungu wanje.” (1 Abm. 17:17, 18) Ayo majambo ababaza asobanura iki?

Uwo mugore yoba yaributse igicumuro cabuza amahoro ijwi ryiwe ryo mu mutima? Yoba yariyumviriye ko urupfu rw’umuhungu wiwe cari igihano c’Imana be n’uko Eliya yari yatumwe n’Imana gushitsa ico gihano? Bibiliya nta vyo itubwira, mugabo icibonekeza co ni uko uwo mupfakazi atagirije Imana ko itagororotse.

Eliya ategerezwa kuba yarababajwe cane n’urupfu rw’umuhungu w’uwo mupfakazi be n’iciyumviro c’uko ukuba uwo muhanuzi yari ng’aho ari vyo vyari vyatumye uwo mugore ashikirwa n’ico kintu kibabaje rwose. Eliya amaze gutwara mu cumba co hejuru ikiziga c’uwo muhungu kitari bwakongatare, yasemereye ati: “Ewe Yehova Mana yanje, mbega uzane inabi no kuri uyu mupfakazi mbayeko ndi kavamahanga, mu kwica umuhungu wiwe?” Uwo muhanuzi ntiyari gushobora kwihanganira iciyumviro c’uko izina ry’Imana ryosizwe iceyi iyo ireka uwo mugore w’umutima mwiza kandi w’umwakiranyi akarushiriza kugira umubabaro. Ni co catumye Eliya yinginga ati: “Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume ubuzima bw’uyu mwana bumugarukamwo.”1 Abm. 17:20, 21.

“EHE UMUHUNGU WAWE NI MUZIMA”

Yehova yariko arumviriza iryo sengesho. Uwo mupfakazi yari yararonkeje uwo muhanuzi ivyo akeneye yongera aragira ukwizera. Biboneka ko Imana yaretse indwara y’uwo muhungu iramuhitana izi yuko hobaye izuka, ari na ryo rya mbere rivugwa mu Vyanditswe. Iryo zuka ryotumye amayaruka yokurikiye agira icizigiro. Igihe Eliya yatakambira Yehova, uno yaratumye uwo mwana asubira kuba muzima. Iyumvire ukuntu uwo mupfakazi yahimbawe igihe Eliya yavuga ati: “Ehe umuhungu wawe ni muzima”! Uwo mupfakazi yaciye abwira Eliya ati: “Vy’ukuri, ubu ndamenye koko yuko uri umuntu w’Imana be n’uko ijambo rya Yehova wavuze ari iry’ukuri.”1 Abm. 17:22-24.

Iyo nkuru iri mu 1 Abami ikigabane ca 17 nta kindi ivuga ku bijanye n’uwo mugore. Ariko rero, kubera ko Yezu yamuvuze mu buryo bwiza, ashobora kuba yarabayeho ari umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa. (Luka 4:25, 26) Inkuru yiwe itwigisha ko Imana ihezagira abakorera ivyiza abasavyi bayo. (Mat. 25:34-40) Irerekana ko Imana ironsa abantu b’abizigirwa ivyo bakeneye, mbere no mu bihe bitoroshe. (Mat. 6:25-34) Iyo nkuru irerekana kandi yuko Yehova yipfuza kuzura abapfuye be n’uko afise ubushobozi bwo kubigira. (Ivyak. 24:15) Emwe, izo ni imvo nziza igitangaza zo kwibuka wa mupfakazi w’i Zarefati.