Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba bahata abantu ngo bahindure idini?

Ivyabona vya Yehova boba bahata abantu ngo bahindure idini?

 Habe namba. Mu kinyamakuru cacu Umunara w’Inderetsi twagize duti: “Guhatira abantu ku guhindura idini ryabo ni bibi.” a Turirinda guhata abantu kubera imvo zikurikira:

  •   Yezu ntiyigeze ahata abantu ngo bemere ivyo yigisha. Yari azi ko bake ari bo bokwemeye ubutumwa yashikiriza. (Matayo 7:13, 14) Igihe bamwe mu bigishwa biwe batsitazwa n’ivyo ababwiye, yarabaretse barigira; ntiyabahase ngo bagumane na we.​—Yohani 6:60-62, 66-68.

  •   Yezu ntiyigishije abayoboke biwe guhata abantu ngo bahindure ivyo bemera. Aho guhata abantu ngo bemere inkuru nziza y’Ubwami, abigishwa biwe bategerezwa kurondera abantu boyemera.​—Matayo 10:7, 11-14.

  •   Guhindura idini ku gahato nta co bimaze, kuko Imana yemera ugusenga kuvuye ku mutima kwonyene.​—Gusubira mu vyagezwe 6:4, 5; Matayo 22:37, 38.

Igikorwa cacu coba ari ico guhata abantu ngo bahindure idini?

 Ni ivy’ukuri ko dukwiragiza ubutumwa bwo muri Bibiliya “gushika mu karere ka kure rwose k’isi,” tukabigira “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu,” nk’uko Bibiliya ibidusaba. (Ivyakozwe 1:8; 10:42; 20:20) Kandi nk’uko vyagendeye abakirisu bo mu ntango, rimwe na rimwe turagirizwa ko duca kubiri n’amategeko mu guhata abantu ngo bahindure idini. (Ivyakozwe 18:12, 13) Ariko rero, ivyo birego ntibigira ishingiro. Nta muntu n’umwe duhatira ku vyo twemera. Ahubwo, turemera yuko abantu bakwiye kuronka akaryo ko kwironsa ubumenyi kugira bakurikire ivyo bazi.

 Ntiduhata abantu ngo bahindure idini, eka kandi ntidukora ibikorwa vya politike twinyegeje inyuma y’idini canke ngo duhe abantu imfashanyo kugira baze mw’idini ryacu. Turatandukanye n’abantu bamwebamwe bavuga ko ari abakirisu ariko bagasiga iceyi Kristu mu gukora mwene ivyo bintu. b

Umuntu yoba afise uburenganzira bwo guhindura idini?

Umuhanuzi Aburahamu yaravuye mw’idini ry’ab’iwabo

 Egome, Bibiliya irerekana ko abantu bafise ubwo burenganzira. Iravuga abantu benshi bahisemwo kudakurikira idini ry’ab’iwabo maze bakihitiramwo gusenga Imana y’ukuri. Aho twovuga nka Aburahamu, Rusi, abantu bamwebamwe b’i Atene hamwe n’intumwa Paulo. (Yosuwa 24:2; Rusi 1:14-16; Ivyakozwe 17:22, 30-34; Abagalatiya 1:14, 23) Mbere Bibiliya iremera ko umuntu ashobora no gufata ingingo mbi yo guheba gusenga Imana y’ukuri.​—1 Yohani 2:19.

 Uburenganzira bwo guhindura idini burashigikirwa n’Amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu, ONU ikaba yayise “umushinge w’amategeko mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu.” Ayo mategeko avuga ko umuntu wese afise “umwidegemvyo wo guhindura idini canke ivyo yemera” n’uwo “kurondera amakuru n’ivyiyumviro, kubironka no kubibwira abandi,” aho hakaba harimwo n’ivy’idini. c Birumvikana ko ubwo burenganzira umuntu afise bujana n’itegeko ryo kwubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kugumya ivyo bemera no guhakana ivyo batemera.

Guhindura idini vyoba bititura imico n’imigenzo vyo mu muryango?

 Si ngombwa. Bibiliya iraduhimiriza kwubaha abantu bose, naho boba bari mw’idini irihe. (1 Petero 2:17) Vyongeye, Ivyabona vya Yehova barubaha itegeko ryo muri Bibiliya ribasaba gutera iteka abavyeyi babo, naho boba badasangiye ukwemera.​—Abanyefeso 6:2, 3.

 Ariko rero, si bose bemeranya n’ivyo Bibiliya ivuga. Umukenyezi umwe yakuriye muri Zambiya avuga ati: “Mu kibano iwacu, guhindura idini . . . kwari nko kumenja; kwari nko guhemukira umuryango n’ababanyi.” Uwo mukenyezi yaragize iyo ngorane igihe yari umuyabaga. Ico gihe yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova hanyuma afata ingingo yo guhindura idini. Yigana ati: “Abavyeyi banje bama bambwira ko bababajwe n’ingingo nafashe kandi ko ndabamaramaje. Ico cari ikibazo gikomeye kuri jewe, kuko nashaka cane guhimbara abavyeyi banje. . . .Guhitamwo kudahemukira Yehova aho kwumira ku migenzo y’idini ntibisobanura ko nahemukiye umuryango.” d

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2002, urupapuro rwa 22, ingingo ya 15.

b Nk’akarorero, nko mu mwaka wa 785, uwitwa Charlemagne yarashizeho itegeko ryavuga ko umuntu wese w’i Saxe yanka kubatizwa ngo abe umukirisu aca acirirwa urwo gupfa. Vyongeye, Amasezerano y’amahoro y’i Augsbourg yateweko umukono mu 1555 n’imigwi ibiri yariko irarwana mu Nganji nyeranda y’Uburoma, yavuga ko umutware wese ategerezwa kuba ari umugatolika canke uwo mw’idini ry’Abaluteri, kandi ko umuntu wese yategerezwa kuja mw’idini ry’umutware wiwe. Uwanka kuja mw’idini ry’umutware wiwe yabwirizwa guca yimuka.

c Mwene ubwo burenganzira buravugwa no muri ya Masezerano ya Afrika yerekeye agateka ka zina muntu n’abanyagihugu, muri ya Masezerano y’Abanyamerika yerekeye amateka n’ibisabwa ku muntu wese, muri ya Masezerano y’Abarabu yerekeye agateka ka zina muntu yo mu 2004, muri ya Masezerano y’ibihugu vyo mu bumanuko bushira uburengero bwa Aziya yerekeye agateka ka zina muntu, muri ya Masezerano y’Abanyaburaya yerekeye agateka ka zina muntu, no muri ya Masezerano mpuzamakungu akingira uburenganzira bw’abanyagihugu. Yamara, n’ibihugu vyemeje ayo masezerano ntibiyubahiriza kumwe.

d Yehova ni izina ry’Imana y’ukuri nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.