Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwikunda?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwikunda?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya irerekana ko bibereye, mbere ko bikenewe, yuko umuntu yikunda ku rugero runaka. Ivyo birajamwo kwitwararika umubiri wawe, kwiyubahiriza no kwumva ko ufise agaciro. (Matayo 10:31) Bibiliya ntituremesha kugira ubwikunzi, ahubwo idusaba kwikunda ku rugero rubereye.

Ni bande dukwiye gukunda ubwa mbere?

  1.   Urukundo dukunda Imana ni rwo rukwiye kuza imbere mu mitima yacu. Bibiliya yerekana ko ibwirizwa risumba ayandi ari iri: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose.”​—Mariko 12:28-30; Gusubira mu vyagezwe 6:5.

  2.   Ibwirizwa rigira kabiri ni iri: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”​—Mariko 12:31; Abalewi 19:18.

  3.   Naho muri Bibiliya ata bwirizwa ridomako rivuga ko umuntu akwiye kwikunda, ibwirizwa ridusaba “gukunda mugenzawe nk’uko wikunda” rirerekana ko ari ibisanzwe kandi ko ari ngirakamaro yuko umuntu yikunda ku rugero rubereye.

Ni bande Yezu yakunda ubwa mbere?

 Yezu yarerekanye ukuntu twogira uburimbane hagati yo gukunda Imana, gukunda mugenzi wacu be no kwikunda, kandi yasavye abigishwa biwe kwigana akarorero kiwe.​—Yohani 13:34, 35.

  1.   Yakunda ubwa mbere na mbere Yehova Imana, kandi yarihebeye gukora igikorwa yamutumye. Yavuze ati: “Kugira ngo isi imenye ko nkunda Data, nk’uko Data yantegetse gukora, ni ko nkora.”​—Yohani 14:31.

  2.   Yezu yarakunda abantu, ivyo akaba yarabigaragaje mu kwitwararika ivyo bakeneye gushika aho atanga ubuzima bwiwe ku bwabo.​—Matayo 20:28.

  3.   Yarerekana ko yikunda ku rugero rubereye mu kuba yarafata akanya ko kuruhuka, gufungura no kwiryohera ari kumwe n’abigishwa biwe be n’abohavuye bacika abigishwa.​—Mariko 6:31, 32; Luka 5:29; Yohani 2:1, 2; 12:2.

Gukunda abandi kuruta uko wikunda vyoba bituma utagira agahimbare canke utumva ko wiyubahirije?

 Habe namba, kuko twaremwe mw’ishusho y’Imana, kamere nyamukuru yayo na yo akaba ari urukundo ruzira ubwikunzi. (Itanguriro 1:27; 1 Yohani 4:8) Ivyo bisobanura ko twaremanywe ubushobozi bwo gukunda abandi. Kwikunda birafise ikibanza cavyo, ariko turarushiriza kugira agahimbare igihe dukunda Imana kuruta ibindi vyose kandi tukitwararika gukorera ineza abandi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

 Abantu benshi muri iki gihe bavuga ko kwikunda ari vyo bituma umuntu agira agahimbare. Kuri bo “niwikunde” yarasubiriye “nukunde mugenzawe.” Ariko rero, ibiba muri iki gihe biremeza ko abantu bafise amagara meza n’agahimbare ari abakurikiza impanuro nziza Bibiliya itanga igira iti: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 Abakorinto 10:24.