Ja ku birimwo

Numva ntamerewe neza: idini, Imana canke Bibiliya vyoba bishobora kumfasha?

Numva ntamerewe neza: idini, Imana canke Bibiliya vyoba bishobora kumfasha?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego. Bibiliya, igitabu ca kera kirimwo ubukerebutsi, iratanga inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima kandi irashobora gutuma wumva umerewe neza. Ehe bimwebimwe mu bibazo itangira inyishu.

  1.   Hoba hariho Umuremyi? Bibiliya ivuga ko Imana ‘yaremye vyose.’ (Ivyahishuwe 4:11) Kubera ko Imana ari yo yaturemye, irazi ivyo dukeneye kugira twumve tumerewe neza kandi tugire agahimbare mu buzima.

  2.   Imana yoba imbabaye? Bibiliya ntivuga ko Imana itiyegereza abantu, ahubwo riho ivuga ko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Iritaho ibigushikira kandi ishaka kugufasha ngo uroranirwe mu buzima.—Yesaya 48:17, 18; 1 Petero 5:7.

  3.   Kumenya Imana bishobora gute kumfasha kwiyumva neza? Imana yaturemanye ‘inkenero y’ivy’impwemu,’ ni ukuvuga inyota mvukanwa yo kurondera gutahura insobanuro be n’intumbero y’ubuzima. (Matayo 5:3) Mu vyo dukenera mu vy’impwemu harimwo n’icipfuzo co kumenya Umuremyi wacu no kugiranira ubucuti na we. Imana izoshima utwigoro ugira urondera kuyimenya, kuko Bibiliya ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.

 Kugiranira ubugenzi n’Imana vyaratumye abantu amamiliyoni barushiriza kumererwa neza mu buzima vyongera biratuma babona n’ico bokora kugira banezerererwe ubuzima. Ni ivy’ukuri ko kumenya Imana bitazoca bituma utagira ingorane n’imwe, ariko ubukerebutsi bwayo buri muri Bibiliya buzogufasha:

 Amadini menshi akoresha Bibiliya mu vy’ukuri ntakurikiza ivyo Bibiliya yigisha. Idini ry’ukuri ryoryo ryisunga ivyo Bibiliya ivuga koko, kandi rizogufasha kumenya Imana.