Ja ku birimwo

Igitigiri 666 gisobanura iki?

Igitigiri 666 gisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Twisunze ibivugwa mu gitabu ca nyuma co muri Bibiliya, 666 ni igitigiri canke izina ry’igikoko c’imitwe indwi n’amahembe cumi kiduga kiva mu kiyaga. (Ivyahishuwe 13:​1, 17, 18) Ico gikoko kigereranya intwaro za politike zo kw’isi ziganza “umuryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose.” (Ivyahishuwe 13:7) Iryo zina 666 ryerekana yuko Imana ibona ko intwaro za politike vyazitaye ku w’amazi. Uti gute?

  Si ikimenyetso gusa. Amazina Imana itanga aba afise insobanuro. Nk’akarorero, Aburahamu yahoze yitwa Aburamu, iryo zina rikaba risobanura ngo “Data arahambaye (ashizwe hejuru).” Ariko igihe Imana yasezerana ko izomugira “se w’amahanga menshi,” yaciye imwita Aburahamu, bisobanura ngo “Se w’isinzi.” (Itanguriro 17:5) Muri ubwo buryo nyene, izina Imana yahaye ico gikoko, ari ryo 666, rigereranya ibintu bikiranga.

  Igitigiri 6 kigereranya ukudatungana. Akenshi, muri Bibiliya ibitigiri bikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’igitigiri 7 kigereranya ikintu cuzuye canke gitunganye. Igitigiri 6 (akaba ari 7-1), gishobora kugereranya ikintu kituzuye canke kidatunganye imbere y’Imana, gishobora kandi kwerekezwa ku bansi b’Imana.​—1 Ngoma 20:6; Daniyeli 3:1.

  Incuro zitatu ku bwo gushimika. Rimwe na rimwe Bibiliya irashimika ku kintu mu kugisubiramwo incuro zitatu. (Ivyahishuwe 4:8; 8:​13) Rero, izina 666 rirashimika mu buryo bukomeye ku kuntu Imana ibona ko intwaro za politike z’abantu vyazitaye ku w’amazi. Zarananiwe kuzana amahoro n’umutekano birama, ivyo bikaba bishobora kuzanwa n’Ubwami bw’Imana bwonyene.

Ikimenyetso ca nya gikoko

 Bibiliya ivuga ko abantu baronka “ikimenyetso ca ca gikoko” kubera ko bagikurikira ‘bagitangarira,’ gushika n’aho bagisenga. (Ivyahishuwe 13:​3, 4; 16:2) Ivyo babigira mu gufata icubahiro kingana no gusenga bakagiha igihugu cabo, ibimenyetso vyaco canke ububasha bwaco bwo mu vya gisirikare. Igitabu kimwe (Encyclopedia of Religion) kivuga giti: “Ukwiratira igihugu vyabaye umuce ukomeye w’ivy’ugusenga muri iyi si ya none.” a

 Ni gute umuntu ashirwako ikimenyetso ca nya gikoko ku kuboko kwiwe kw’ukuryo canke ku ruhanga rwiwe? (Ivyahishuwe 13:16) Ku bijanye n’amategeko Imana yari yarahaye ihanga rya Isirayeli, yavuze iti: “Muze muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu.” (Gusubira mu vyagezwe 11:18, Bibiliya Yera) Ivyo ntivyasobanura ko Abisirayeli bari kuyashira koko ku maboko yabo canke ku ruhanga rwabo, ahubwo vyasobanura ko bari kureka Ijambo ry’Imana rikayobora ibikorwa n’ivyiyumviro vyabo vyose. Muri ubwo buryo nyene, ikimenyetso 666 si ikidodo nya kidodo umuntu aterwa, ahubwo ni ikimenyetso c’ikigereranyo cerekana abo bose bareka intwaro za politike zikayobora ubuzima bwabo. Abafise nya kimenyetso ni abansi b’Imana.​—Ivyahishuwe 14:​9, 10; 19:19-​21.

a Raba kandi Nationalism in a Global Era, rup. 134, na Nationalism and the Mind: Essays on Modern Culture, rup. 94.