Ja ku birimwo

Igikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 ni iki?

Igikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Igikoko c’imitwe indwi kivugwa mu Vyahishuwe 13:1 kigereranya ukuntu ivya politike bitunganijwe kw’isi yose iyo iva ikagera.

  •   Kirafise ububasha be n’intebe y’ubwami, ivyo bikaba vyerekana ko ari ishirahamwe ry’ivya politike.​—Ivyahishuwe 13:2.

  •   Gitegeka “umuryango wose n’igisata cose n’ururimi rwose n’ihanga ryose;” rero kirahambaye kurusha intwaro y’igihugu kimwe.​—Ivyahishuwe 13:7.

  •   Kigizwe n’ibintu vyose biranga vya bikoko bine bidondorwa mu buhanuzi bwo muri Daniyeli 7:​2-8, harimwo mu maso nk’ah’ingwe, ibirenge nk’ivy’idubu, umunwa nk’uw’intambwe be n’amahembe cumi. Ibikoko vyo mu buhanuzi bwa Daniyeli bidondorwa ko ari abami kandondwa, canke ubwami bw’ivya politike, bagiye barakurakuranwa kuganza inganji nganzasi zitandukanye. (Daniyeli 7:17, 23) Ku bw’ivyo, igikoko kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 kigereranya ishirahamwe ry’ivya politike rigizwe n’imice myinshi.

  •   Kiduga “kiva mu kiyaga,” ni ukuvuga, mu masinzi y’abantu badurumbanye, abo intwaro z’abantu zikomokamwo.​—Ivyahishuwe 13:1; Yesaya 17:12, 13.

  •   Bibiliya ivuga ko igitigiri c’ico gikoko, canke izina ryaco, ari co 666, ari “igitigiri c’umuntu.” (Ivyahishuwe 13:17, 18) Iyo mvugo yerekana ko igikoko kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 gifise akaranga k’abantu, ntigifise akaranga k’amadayimoni.

 Naho amahanga usanga ahuriza ku bintu bikeyi gusa, arahuriza ku mwiyemezo afise wo kugumana ububasha bwayo aho kugamburukira ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana. (Zaburi 2:2) Azohuriza hamwe inguvu mu kurwanya ingabo z’Imana zizoba zitegekwa na Yezu Kristu kuri Harumagedoni, ariko iyo ntambara izotuma ayo mahanga ahonywa.​—Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:19, 20.

“Amahembe cumi n’imitwe indwi”

 Ibitigiri bimwebimwe birakoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo muri Bibiliya. Nk’akarorero, igitigiri cumi be n’igitigiri indwi bigereranya ikintu cuzuye. Ikintu cofasha umuntu gutahura insobanuro nyayo y’“amahembe cumi n’imitwe indwi” vy’igikoko kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 ni “ishusho [y’i]gikoko” kivugwa mu nyuma mu Vyahishuwe, kikaba ari igikoko gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi. (Ivyahishuwe 13:1, 14, 15; 17:3) Bibiliya ivuga ko imitwe indwi y’ico gikoko gitukura isobanura “abami [canke ubutegetsi] indwi.”​—Ivyahishuwe 17:9, 10.

 Muri ubwo buryo nyene, imitwe indwi y’igikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1 igereranya ubutegetsi indwi, ni ukuvuga intwaro z’ivya politike nyamukuru zatwaye kuva muri kahise kandi zagiye imbere mu gucinyiza abasavyi b’Imana, ari zo Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi, Ubugiriki, Uburoma n’Ubwongereza na Amerika. Dushitse ku ciyumviro c’uko ya mahembe cumi agereranya amaleta yose yigenga, yaba matomato canke maninimanini, rero umugāra, canke urugori, uri kuri buri hembe werekana ko buri gihugu kiganza mu gihe nyene intwaro y’ivya politike nyamukuru igezweho iba iriko iraganza.