Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Ingene wovoma n’ingene wokoresha ivyasohowe​—Android

Ingene wovoma n’ingene wokoresha ivyasohowe​—Android

Kuri JW Library, hariho ibitabu vyinshi, udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza ushobora gusoma, n’amavidewo ushobora kuraba, utariko urakoresha internet.

Raba ingene wovoma ivyasohowe n’ingene wobikoresha:

 Kuvoma

Urashobora kuvoma ibitabu vyose wipfuza kugira uvyikoreko utariko urakoresha internet.

  • Ca kuri rwa rutonde rw’intango, ufyonde kuri Publications kugira urabe urutonde rw’ibitabu bihari.

  • Fyonda ku kamenyetso kariko indome kugira ubone indimi zose ibitabu bibonekamwo. Cagura ururimi wipfuza. Indimi ukunda gukoresha kenshi ni zo ziza imbere y’izindi. Urashobora no kurondera ururimi wipfuza mu kwandika izina ryarwo.

Hari uburyo butandukanye bwo gutora ibitabu muri JW Library.

Par catégorie herekana ibirimwo hisunzwe ubwoko bwavyo: ibitabu, udupapuro tw’inkuru nziza, amavidewo n’ibindi. Bumwe muri ubwo bwoko, ubufyonzeko haca haza imigwi mitomito woronderamwo ico ushaka. Ufyonze nko ku Munara, haca haza imyaka itandukanye, ku mavidewo hakaza ubwoko butandukanye. Ufyonze kuri Toutes les catégories, uca ugaruka kuri rwa rutonde rw’ibirimwo.

Ahavuga ngo Nouveautés herekana ibishasha mu rurimi wahisemwo.

Ivyo utaravoma vyerekanwa n’akamenyetso kameze nk’igicu. Fyonda kugira uvome. Umaze kuvoma, ka kamenyetso gaca kazimangana. Subira ufyonde kuri ico wavomye cuguruke.

Ahavuga ngo Téléchargé herekana ivyo wavomye mu rurimi urwo ari rwo rwose. Urashobora kubitondeka wisunze ivyo ukoresha kenshi, ivyo ukoresha gake canke wisunze ubunini.

Gufuta ico wavomye

 Urashobora gufuta ico wavomye mu gihe utakigikeneye canke igihe ushaka kuronka ikibanza ushiramwo ibindi.

Ca kuri rwa rutonde rw’intango, ufyonde kuri Publications, ca ufyonda ubwoko bw’ivyo ushaka (nk’akarorero, Livres) kugira ubone urutonde rw’ibihari. Ushatse kugifuta, fyonda ku tuburungu dutatu turi mu mbavu yaco, hanyuma uce ufyonda Supprimer.

Ushatse na ho ikibanza ushiramwo ibindi, urashobora gufuta ibitabu ukoresha gake canke bininibinini. Ca kuri rwa rutonde rw’intango, ufyonde kuri Publications. Genda ahanditse Téléchargé, ufyonde kuri Rarement consulté canke kuri Taille décroissante kugira ubone ibitabu ukoresha gake canke bininibinini, uheze ufute ibitabu utagikeneye.

Kuvoma ivyaryohowe

 Rimwe na rimwe, ikintu wavomye kirashobora kuryohorwa.

Icaryohowe usanga kiriko akamenyetso k’uturongo tubiri duhese. Ufyonze ku gitabu caryohowe, uca ubona akamesaje kakubwira ko caryohowe. Fyonda kuri Télécharger kugira uvome gishasha, canke ufyonde kuri Plus tard nimba ushaka kubandanya ukoresha ico wari usanganywe.

Kugira ubone nimba hari ivyaryohowe, ca kuri rwa rutonde rw’intango, ufyonde Publications. Bihari, uca ubona ahantu havuga ngo Mises à jour en attente. Hafyonde kugira ngo ubone ivyaryohowe vyose utaravoma. Fyonda ku caryohowe kugira ukivome, canke ufyonde ku kamenyetso k’umwampi uraba hasi kugira uvome ivyaryohowe vyose.

Ubu buryo bwo gukoresha JW Library bwabonetse muri Ruhuhuma 2015 igihe hasohoka JW Library 1.4, iyikorana na Android 2.3 canke iy’inyuma yaho. Nimba atari ko bikora muri JW Library yawe, raba ibivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Koresha JW Library​—Android,” munsi y’ahavuga ngo Raba ko programa yawe ari iya vuba.