Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Ingene wovoma amabibiliya n’ingene woyakoresha​—Android

Ingene wovoma amabibiliya n’ingene woyakoresha​—Android

JW Library iradufasha cane gusoma Bibiliya no kuyiga.

Raba ingene ushobora:

 Kuvoma Bibiliya

Urashobora kuvoma Bibiliya zitandukanye kugira uzikoreko utariko urakoresha internet.

  • Ugurura rwa rutonde rwo mu ntango uce ufyonda kuri Bible kugira ubone urutonde rw’ibitabu vya Bibiliya.

  • Fyonda ku kamenyetso kariko indome kugira ubone Bibiliya zose zihari. Bibiliya ukoresha cane ni zo ziza hejuru. Urashobora no kurondera Bibiliya wipfuza mu kwandika izina ryayo canke ururimi irimwo. Nk’ubu wanditse “int” uca utora Bibiliya yo mu congereza yitwa Kingdom Interlinear, wanditse “port” ugatora Bibiliya zose zo mu giportigale.

  • Bibiliya utaravoma usanga ziriko akamenyetso kameze nk’igicu. Fyonda kuri iyo Bibiliya kugira uyivome. Umaze kuyivoma, ka kamenyetso k’igicu gaca kazimangana. Ca usubira gufyonda kuri iyo Bibiliya kugira uyisome.

Utabonye Bibiliya wipfuza, wogerageza hanyuma. Izindi zigenda zirongerwako uko zibonetse.

 Gufuta Bibiliya

Urashobora gufuta Bibiliya mu gihe utakiyikeneye canke mu gihe ushaka kuronka ikibanza ushiramwo ibindi.

Ugurura rwa rutonde rwo mu ntango uce ufyonda kuri Bible kugira ubone urutonde rw’amabibiliya. Fyonda ku tuburungu dutatu turi mu mbavu z’iyo wipfuza gufuta, uce ufyonda kuri Supprimer.

 Kuvoma Bibiliya yaryohowe

Hari aho Bibiliya wavomye yoshobora kuryohorwa.

Iyaryohowe usanga iriko akamenyetso k’uturongo tubiri duhese. Uyifyonzeko uca ubona akamesaje kakubwira ko yaryohowe. Fyonda kuri Télécharger ushiremwo nshasha, canke ufyonde kuri Plus tard nimba ushaka kubandanya ukoresha iyo ufise.

Ubu buryo bwo gukoresha Bibiliya kuri JW Library bwabonetse muri Ruhuhuma 2015 igihe hasohoka JW Library 1.4, iyikorana na Android 2.3 canke iy’inyuma yaho. Nimba atari ko bikora muri JW Library yawe, raba ibivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Koresha JW Library​—Android,” munsi y’ahavuga ngo Raba ko programa yawe ari iya vuba.