Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Support for Windows 8 and Windows Phone 8

Support for Windows 8 and Windows Phone 8

JW Library ni agaporogarama kateguwe n’Ivyabona vya Yehova. Karimwo Bibiliya zitandukanye, ibitabu n’udutabu bidufasha kwiga Bibiliya.

 

Ibishasha

Mukakaro 2023 (Version 14)

  • Tunganya urutonde rw’amavidewo, ama odio n’amafoto. Yakoreshe canke uyahindure uciye mu gice kivuga ngo Kwiyigisha.

  • Ivyo wiyandikiye mu bibazo vyo mu biganiro no ku majambo asigura amafoto ubu biboneka vyisunze uko bikurikirana mu kiganiro wabikuyemwo.

  • Kugira JW Library ije mu kuma kawe ka Windows, bisaba ko aba ari Windows 10 Version 1903.

Nzero 2023 (Version 13.4)

  • Amategeko agenga ikoreshwa hamwe n’Ibijanye no kugumya ibanga vyarashizwe ku gihe.

  • Ibiri ahavuga ngo Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga birafasha kwihitiramwo amakuru worungika ku bijanye n’ukuntu iyo programa ikora.

Gitugutu 2022 (Version 13.3)

  • Harongewemwo ibishasha mu kuvuza ama odio n’amavidewo. Muri ivyo harimwo kugabanya ubunini bw’ividewo (nimba bishoboka mu kuma kawe), kwongereza canke kugabanya umuvuduko, hamwe no kwerekana amajambo y’ibiriko biravuga.

  • Urashobora gukoresha intoke mu guhindura ukuntu uraba ividewo canke wumviriza odio. Fyonda n’intoke zibiri kugira uvuze canke uhagarike. Nyereza urutoke uja iburyo canke ibubamfu kugira uje ku yiheruka canke ku yikurikira. Nyereza urutoke uja hejuru canke hasi kugira uhindure umuvuduko. Fyonda kabiri wikurikiranya iburyo canke ibubamfu kugira usubize inyuma canke uje imbere.