Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Chris McGrath/Getty Images

ISEKEZA RIDASANZWE

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’intambara?

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’intambara?

 Isi ibandanya kwononwa n’intambara zitera imibabaro n’ingorane bitovugwa. Raba aya maraporo:

  •   «Ugereranije abahitanywe n’intambara mu mwaka umwumwe kuva mu 1994, muri uwu mwaka uheze ni ho hapfuye abantu benshi kuruta bahitanywe n’intambara, canecane bivuye ku ntambara yabaye muri Etiyopiya no muri Ukraine.»​—Vyavuzwe n’Urwego rumwe rurondera amahoro rw’i Oslo, ku wa 7 Ruheshi 2023.

  •   «Intambara yo muri Ukraine ni imwe mu ntambara zari zikomeye cane mu zabaye mu 2022. Mu mwaka uheze, hirya no hino kw’isi ububisha bwariyongereye gushika ku bice 27 kw’ijana bivuye ku kudahuza mu vya politike, bukaba bwaragize ingaruka ku bantu nk’umuliyaridi n’imiliyoni amajana indwi.»​— Vyavuzwe n’ikigo kimwe kiraba ivy’intambara (ACLED), ku wa 8 Ruhuhuma 2023.

 Bibiliya iratanga icizigiro. Ivuga ko «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami butazokwigera busenyurwa.» (Daniyeli 2:44) Igihe ubwo Bwami buzoba buganza, Imana «[izohagarika] intambara kw’isi yose.»​—Zaburi 46:9.