Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

fcafotodigital/E+ via Getty Images

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko?

 Hirya no hino kw’isi, abantu barashaka kumenya ibijanye no kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko.

  •   «Kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko ni uburyo bwo kubaho abantu bahitamwo, bagakora uko bashoboye kwose kugira birinde kugirira nabi igikoko, kukirya, kwambara impuzu zivuye kuri co canke kugikoresha ikindi kintu.»​—Vyavuzwe n’ishirahamwe ryitwa Vegan Society.

 Abantu benshi bahitamwo kubaho muri ubwo buryo, atari kubera ko gusa bitwararika ibikoko, ariko kandi kubera bipfuza kwitaho ibidukikije, amagara yabo canke kubera idini barimwo.

  •   Ukwo kubaho utarya canke ngo ukoreshe ikintu na kimwe kiva mu gikoko biratandukanye cane no kwirinda ubwoko bw’imfungurwa ku bw’imvo z’amagara. Akenshi, abantu babibona nk’ukwizera, nk’ingingo umuntu yifatira ku bijanye no gukora ikibereye canke ikintu umuntu wese yokora kugira isi isubire kumera neza.​—Vyavuzwe n’ikigo ntanganyigisho citwa Britannica Academic.

 None kutarya canke kudakoresha ikintu na kimwe kiva mu gikoko bwoba ari uburyo bwiza bwo gutorera umuti ingorane ziri kw’isi? Bibiliya ibivugako iki?

Ingene Umuremyi wacu abona abantu n’ibikoko

 Bibiliya irerekana ko Umuremyi wacu, Yehova Imana, a abona ko abantu baruta ibikoko kandi ko yabahaye ububasha bwo kubiganza. (Itanguriro 1:27, 28) Mu nyuma, Imana yararekuriye abantu kurya ibikoko. (Itanguriro 9:3) Ariko, ntiyemera ko ibikoko bifatwa nabi.​—Imigani 12:10.

 Twisunze Bibiliya, turabona ko kurya canke kutarya inyama ari ingingo umuntu yifatira. b Guhitamwo kurya inyama canke kutazirya ntibituma tuba abantu beza gusumba abandi imbere y’Imana. (1 Abakorinto 8:8) Nta n’umwe akwiye gutora amahinyu uwundi kubera ivyo ahitamwo kurya.​—Abaroma 14:3.

Ikizotuma tugira kazoza keza

 Bibiliya irahishura ko uburyo bwacu bwo kubaho butazotorera umuti ingorane ziri kw’isi. Ingorane nyinshi ziva ku kuntu ibintu vyifashe muri politike, mu kibano be n’ukuntu isi itunganya ivy’ubutunzi. Ivyo na vyo akaba ata muntu n’umwe yobitorera umuti. Bibiliya ivuga iti:

 Umuremyi wacu azotorera umuti ingorane ziduhanze. Bibiliya irakoresha imvugo ngereranyo mu kudondora ivyo azokora.

  •   «Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha; kuko ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.»​—Ivyahishuwe 21:1.

 Imana izosubiriza intwaro z’abantu, canke «ijuru rya kera» n’«ijuru rishasha» ari yo ntwaro yiwe y’Ubwami bwo mw’ijuru. Ubwami bwiwe buzokuraho «isi ya kera» n’ukuvuga abantu babi, maze iganze «isi nshasha» ni ukuvuga abantu bemera babikunze gutwarwa n’ubwo Bwami.

 Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana ni ho gusa abantu bazokwiga kubana neza n’ibikoko no kwitwararika ibidukikije.​—Yesaya 11:6-9.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

b Bibiliya idutegeka “kuguma twirinze amaraso.” (Ivyakozwe 15:28, 29) Ivyo bisobanura ko tudakwiye kunywa amaraso canke kurya inyama zikirimwo amaraso, eka kandi ntidukwiye kurya ibifungurwa bashizemwo amaraso.