Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NUGUME URI MASO!

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene isi iriko irononekara?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene isi iriko irononekara?

 “Abantu bariko barakora ibintu bizotuma haba ingorane zikomeye zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere. Ibisagara bininibinini bizorengerwa n’amazi, hazoba ubushuhe butari bwigere bubaho, ibihuhusi biteye ubwoba, ubukene bw’amazi mu turere twinshi, ubwoko bwinshi bw’ibiterwa n’ibikoko na vyo bizozimangana. Izo si inkuru gusa canke kurenza urugero. Ivyo ni vyo abahinga bavuga ko bizoba hamwe intwaro zitohindura ukuntu zikoresha amasoko ntanganguvu.”​—Vyavuzwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres, muri raporo yatanzwe n’umugwi w’abahinga baraba ibijanye n’ukuntu ikirere kiguma gihindagurika ku wa 4 Ndamukiza 2022.

 “Abashakashatsi baragabisha ko vuba ibibanza nka vyose 423 batungiramwo ibikoko [vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika] bizokwononwa n’ihindagurika ry’ikirere, na canecane kubera ko ivyo bibanza bibangamirwa cane n’ubushuhe bwinshi. Ibintu biteye ubwoba bishobora kuzoshika bimeze nk’ivyago bivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero: umuriro n’umwuzure, ukuyonga kw’ibibarafu amahanga, ukwongerekana kw’amazi mu kiyaga n’ubushuhe budasanzwe.”​—“Imyuzure ikomeye yabaye i Yellowstone ni ikimenyetso c’ibintu biteye ubwoba bigiye kuba,” vyavuzwe n’ikinyamakuru The New York Times, casohotse ku wa 15 Ruheshi 2022.

 Ingorane z’ibidukikije vyo kw’isi zoba zishobora gutorerwa umuti? Nimba ari ukwo, ni nde azozitorera umuti? Raba ivyo Bibiliya ivuga.

Ukwononekara kw’ibidukikije kwari kwaravuzwe muri Bibiliya

 Bibiliya ivuga ko Imana “[izo]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Iki canditswe kiratwigisha ibintu bitatu:

  1.  1. Ivyo abantu bakora bizokwonona isi ku rugero rudasanzwe.

  2.  2. Abonona isi bagiye gukurwaho.

  3.  3. Imana ni yo izotorera umuti ingorane z’ibidukikije, abantu ntibobishobora.

Isi yacu izoba nziza

 Bibiliya ivuga ko “isi igumaho gushika igihe kitagira urugero.” (Umusiguzi 1:4) Izokwama ibako abantu.

  •   “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

 Iyi si izosubira kumera neza.

  •   “Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”​—Yesaya 35:1.