Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NUGUME URI MASO!

Ukuntu Ivyabona vya Yehova babona ibijanye na rya honyabwoko ryagirirwa Abayahudi​—Bibiliya ibivugako iki?

Ukuntu Ivyabona vya Yehova babona ibijanye na rya honyabwoko ryagirirwa Abayahudi​—Bibiliya ibivugako iki?

 Ku wa 27 Nzero 2023, abantu benshi bazohimbaza umusi mpuzamakungu wo kwibuka rya honyabwoko ryagirirwa Abayahudi. Ubukozi bw’ikibi hamwe n’ibintu vy’agahomerabunwa vyabaye muri iryo honyabwoko, ubu hakaba haheze imyaka irenga 75, vyoshobora gutuma wibaza igituma Imana yabiretse bikaba.

 Abayahudi barakorewe amabi muri iryo honyabwoko. Abantu amamiliyoni muri bo barishwe mu buryo buteguwe neza. Hari n’abantu bo mu yindi migwi bafashwe nabi, baricwa igihe iryo honyabwoko ryaba. Muri iyo migwi, harimwo n’Ivyabona vya Yehova bahamwa bahorwa ivyo bemera bishingiye kuri Bibiliya.

“Kazoza n’icizigiro”

 Abantu benshi baratinya ko hosubira kuba ihonyabwoko nk’iryo. Igishimishije ni uko Bibiliya ivuga ko muri kazoza amabi nk’ayo atazosubira kuba.

  •   “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”​—Yeremiya 29:11. a

 Ico cizigiro kizoranguka igihe Yehova Imana azokuraho ikibi ubutakigaruka n’ingaruka zaco. Vuba agiye:

 Urashobora kwizigira imihango iremesha Bibiliya itanga. Kugira umenye igituma woyizigira, turagusavye wige ivyigwa vya Bibiliya bitunganijwe neza dutanga ku buntu.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.