Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Manuel Reino Berengui/DeFodi Images via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Inkino z’igikombe c’isi yose zoba vy’ukuri zishobora gutuma abantu bunga ubumwe?​—Bibiliya ibivugako iki?

Inkino z’igikombe c’isi yose zoba vy’ukuri zishobora gutuma abantu bunga ubumwe?​—Bibiliya ibivugako iki?

 Vyitezwe ko abantu nk’imiliyaridi zitanu bazoraba inkino z’igikombe c’isi yose zatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose (FIFA), zikaba ziriko ziraba kuva ku wa 20 Munyonyo gushika ku wa 18 Kigarama 2022. Abantu benshi bibaza ko izo nkino zishobora kugira ikindi zifashije uretse gusa gutuma bunga ubumwe igihe bariko bararaba izo nkino bari kumwe.

  •   “Inkino zirafise ububasha bwo guhindura isi. Zirafise ububasha bwo guhindura ivyiyumviro vy’abantu. Zirafise ububasha bwo gutuma abantu bunga ubumwe mu buryo ata muntu n’umwe yobishobora.”​—Vyavuzwe na Nelson Mandela, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo.

  •   “Umupira w’amaguru . . . uratuma abantu bunga ubumwe kubera ko utuma bagira icizigiro, bakiyumvamwo umunezero mwinshi, bagakunda abandi bantu kandi bakumva ko hari ico bahuriyeko.”​—Vyavuzwe na Gianni Infantino, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose (FIFA).

 Inkino z’igikombe c’isi yose canke izindi nkino izo ari zo zose zoba zoshika kuri ivyo bintu vyiza igitangaza? Hoba hari icizigiro ku bijanye n’amahoro n’ubumwe?

Zoba vy’ukuri zituma abantu bunga ubumwe?

 Inkino z’igikombe c’isi yose z’uwu mwaka zaratumye abantu biyumvira ibindi bintu, atari gusa gukina umupira. Izo nkino zaratumye abantu bagira ico bavuze ku bibazo bijanye na politike be n’ikibano, nk’ivyerekeye agateka ka zina muntu, amacakubiri ashingiye ku moko hamwe n’ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi.

 Naho biri ukwo, abantu benshi barahimbarwa no kuraba inkino zihuza ibihugu, nk’izi z’igikombe c’isi yose. Ariko rero, izo nkino ntizishobora kuzana ubumwe burama nk’uko abantu bavyipfuza. Ahubwo, zirakunda gutuma abantu bicamwo imice kandi bakagaragaza inyifato be n’ibikorwa Bibiliya yari yaravuze ko vyoranze “imisi ya nyuma.”​—2 Timoteyo 3:1-5.

Icizigiro nyakuri ku bijanye n’ubumwe kw’ isi

 Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri c’uko muri kazoza hazoba ubumwe kw’isi yose. Isezerana ko abantu bose kw’isi bazoba bunze ubumwe bayobowe n’intwaro yo mw’ijuru yitwa “Ubwami bw’Imana.”​—Luka 4:43; Matayo 6:10.

 Umwami w’ubwo Bwami Yezu Kristu, azokwiyemeza ko kw’isi yose hari amahoro. Bibiliya ivuga iti:

  •   “Umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi.”​—Zaburi 72:7.

  •   “Azorokora umworo atabaza . . . Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”​—Zaburi 72:12, 14.

 Mbere no muri iki gihe, inyigisho za Yezu ziramaze gutuma abantu amamiliyoni mu bihugu 239 bunga ubumwe. Barize ko bakwiye kwirinda urwanko. Kugira umenye n’ibindi, nurabe urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Ingene wotsinda urwanko.”