Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 2

Nimwirinde guhemukiranira

Nimwirinde guhemukiranira

“Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.”Mariko 10:9

Yehova adutegeka ati: “Mutegerezwa kudahemuka.” (Malaki 2:16) Ivyo birahambaye canecane mu mubano wanyu kubera ko ahari ubuhemu hadashobora kuba ukwizigirana. Ahatari ukwizigirana na ho urukundo ntirushobora kurama.

Muri iki gihe, ukudahemuka mu mubano kurageramiwe. Kugira ukingire umubano wanyu, utegerezwa kwiyemeza gukora ibintu bibiri.

1 NUSHIRE IMBERE UMUBANO WANYU

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Umubano wanyu ni kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima bwawe. Birabereye ko uwitwararika gusumba ibindi.

Yehova yipfuza ko ugumiza umutima ku wo mwubakanye maze “[m]ubone ubuzima,” ni ukuvuga muburyohererwe hamwe. (Umusiguzi 9:9) Aratomora yuko udakwiye kwigera ufata minenegwe uwo mwubakanye, ahubwo ko umwe wese muri mwebwe akwiye kurondera ingene yotuma mugenziwe ahimbarwa. (1 Abakorinto 10:24) Nutume yumva ko afise agaciro be n’uko umukeneye mu buzima bwawe.

ICO WOKORA:

  • Niwitwararike kuza uramarana umwanya na we, umwitwararike utamubangikanije n’ikindi kintu

  • Niwiyumvire ineza yanyu mwempi aho kwiyumvira ineza yawe gusa

2 NUZIGAME UMUTIMA WAWE

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Matayo 5:28) Igihe umuntu agumye yiyumvira ibintu vy’ubuhumbu, twovuga ko aba ariko arahemukira uwo bubakanye.

Yehova avuga yuko ukwiye “[kuzigama] umutima wawe.” (Imigani 4:23; Yeremiya 17:9) Kugira ubishikeko, utegerezwa kurinda amaso yawe. (Matayo 5:29, 30) Niwigane umwe sekuruza w’imiryango Yobu, uwagiraniye n’amaso yiwe isezerano ryo kutigera yitegereza uwundi mugore ngo amwipfuze. (Yobu 31:1) Niwiyemeze kutigera uraba amasanamu y’ibiterasoni. Vyongeye, nugire umuziro kugira imigenderanire y’ivy’urukundo n’uwundi muntu.

ICO WOKORA:

  • Nutume abandi babona neza ko uwo mwubakanye udashobora kumubangikanya na gato

  • Niwitwararike ukuntu uwo mwubakanye yiyumva, uce wihutira guhagarika imigenderanire iyo ari yo yose yomubabaza ufitaniye n’uwundi muntu