Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yampaye ibirenze ivyo nkwiriye

Yehova yampaye ibirenze ivyo nkwiriye

Nari mfise imyaka 17 gusa kandi nari umusore afise imigambi ariko atabuze ingorane nk’abandi bose. Narakunda kwifatanya n’abagenzi, kwoga no gukina agapira. Ariko umusi umwe ku mugoroba, ubuzima bwanje bwarahindutse bimwe bikomeye. Naragize isanganya rikomeye ndi kw’ipikipiki rituma mugara umubiri wose. Haraciye nk’imyaka 30 ivyo bibaye kandi kuva ico gihe gushika ubu simva mu gitanda.

Nakuriye mu gisagara ca Alicante kiri ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane mu buseruko bwa Espanye. Mu muryango iwacu ntivyari vyifashe neza. Nkiri muto rero, umwanya munini nawumara mw’ibarabara. Hafi y’i muhira hariho ahantu bahomera amapine. Umukozi waho yitwa José María twahavuye tuba abagenzi. Yari umuntu akundana. Urukundo yanyereka mu muryango iwacu nta rwo naronka. Igihe naba ndi mu ngorane yaramba hafi. Yari umugenzi nyakuri naho yansumvya imyaka 20.

José María yari yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Narabona ko akunda Bibiliya kandi yarakunda kumbwira ivyo yaba yize. Kubera ko namwubaha naramwumviriza, ariko sinitaho cane ivyo ambwira. Nari ndajwe ishinga n’ibindi narirya nari nkiri muto. Ariko rero ibintu vyari bigiye guhinduka.

ISANGANYA RYAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Sinkunda kuvuga ivyerekeye iryo sanganya. Ico novuga co ni uko nakoranye ubujuju be n’uko nari sindabinezwe. Mu musi umwe gusa ubuzima bwanje bwarahindutse. Naherutse ndi umusore afise ingoga, ariko nikanguye nsanga ndi mu bitaro namugaye umubiri wose. Kwiyumvisha ivyo bintu vyarangoye cane. Naguma nibaza nti: ‘Bimariye iki kubaho?’

José María yaraje kunsuhuza, ubwo nyene aca asaba Ivyabona vya Yehova bo mw’ishengero ryo muri ako karere ngo bazoze kundaba kwa muganga. Narakozwe ku mutima n’ingene baguma baza kundaba. Igihe nava aho bavurira indembe, naciye ntangura kwiga Bibiliya. Naratahuye igituma abantu bashikirwa n’imibabaro bakongera bagapfa n’igituma Imana ireka ibintu bibi bigashika. Naramenye kandi ko Imana isezerana yuko muri kazoza isi yose izokwuzura abantu batunganye kandi ko ata n’umwe muri bo azovuga ati: “Ndarwaye.” (Yesaya 33:24) Emwe ni bwo bwa mbere mu buzima bwanje nari ndonse icizigiro ciza!

Maze kuva mu bitaro, sinatevye gutera imbere mu nyigisho yanje ya Bibiliya. Nkoresheje agakinga k’abamugaye kadasanzwe, narashoboye mbere kwitaba amakoraniro amwamwe y’Ivyabona vya Yehova ajanye no gusenga. Narashoboye no kujana na bo kwamamaza. Ku wa 5 Munyonyo 1988 narabatijwe mu kwibizwa mu kibesani kinini cari cahinguriwe ico gikorwa. Ico gihe nari mfise imyaka 20. Yehova Imana yaratumye nsubira kubona ubuzima mu buryo bwiza. None nari gukora iki kugira ndamwereke ko nkenguruka?

NAHO MUGAYE NGUMA NKORERA IMANA

Nari niyemeje kutareka ngo ingorane mfise zimbuze gukora ivyo nshoboye vyose mu gikorwa ca Yehova. Naripfuza gutera imbere. (1 Timoteyo 4:15) Mu ntango ivyo ntivyari vyoroshe kuko umuryango wanje wandwanya. Ariko abo twasenga hamwe baranshigikiye. Baranyitwararika ku buryo ntasiba ikoraniro na rimwe kandi nkajana n’abandi kwamamaza.

Ariko rero uko igihe carengana, vyaragaragaye ko nkwiye kuguma nitwararikwa umwanya wose n’abahinga babimenyereye. Maze igihe kitari gito ndondera, nahavuye ndonka ikigo kibishoboye mu gisagara ca Valence, ku bilometero 160 mu buraruko bwa Alicante. Naciye nja kuba muri ico kigo.

Naho ntava mu gitanda, niyemeje kubwira abandi ivyo nemera

Naho bitashoboka ko mva mu gitanda, naripfuza cane kubandanya nkorera Imana. Nkoresheje uduhera naronswa kubera mugaye n’ubundi buryo nari naronse, naraguze orodinateri maze bayinshirira hafi y’igitanda. Naraguze na telefone ngendanwa. Imisi yose mu gitondo, uwujejwe kwitwararika abarwayi aranyakiriza iyo orodinateri hamwe n’iyo telefone. Kugira nkoreshe orodinateri nikora ku kuma nsunikisha agasakanwa. Ndafise n’agakoni kadasanzwe mfatisha umunwa. Ako gakoni karamfasha kwandika indome kuri orodinateri no kwandika inomero kuri telefone.

Nkoresheje aka gakoni ndandika inomero kuri telefone

None ubwo buhinga bwamfashije gute? Ubwa mbere hoho butuma nkoresha umuhora wa jw.org n’ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower. Ese ukuntu ivyo bikoresho vyamfashije! Akenshi buri musi ndamara amasaha niga nongera ngira ubushakashatsi mu bitabu bishingiye kuri Bibiliya kugira ngo ndushirize kumenya Imana. Kandi igihe cose numvise irungu canke nkumva ncitse intege gatoyi, kuri uwo muhora nama ndahasanga amakuru andemesha.

Iyo orodinateri iratuma kandi nshobora gukurikira amakoraniro y’ishengero. Ndashobora kandi gutanga inyishu, guserukira abandi mw’isengesho, gushikiriza insiguro eka mbere no gusoma Umunara w’Inderetsi igihe ari jewe nshikiriwe. Naho ntashobora gushika aho abandi bari kuri ayo makoraniro, ndumva ko ndi mu bagize ishengero.

Telefone na orodinateri biramfasha kandi kwamamaza. Ego ni ko sinshobora kwamamaza inzu ku nzu nk’uko Ivyabona vya Yehova benshi babigira. Ariko ivyo ntibimbuza kubandanya. Ndabwira abandi ivyo nemera nkoresheje ivyo bikoresho. Ndakunda gukoresha cane telefone mu kuganira n’abandi ku buryo abakurambere bansavye guhagarikira amasekeza yo kwamamaza dukoresheje telefone. Ayo masekeza yarafashije canecane abagize ishengero batava mu nzu.

Ndiko ndigisha umuntu Bibiliya

Ariko ntiwumve, simbeshejweho n’ubuhinga bwa none. Buri musi abagenzi banje baraza kundaba. Baza bazananye n’incuti be n’abandi bantu bashimishwa na Bibiliya. Mbere akenshi baransaba ngo nigishe abo bantu. Mu bindi bihe na ho hari imiryango iza kundaba tukagirira hamwe ugusenga kwo mu muryango. Ndahimbarwa cane igihe abana bicaye iruhande yanje ku gitanda bakambwira igituma bakunda Yehova.

Ndi kumwe n’abagenzi mu nyigisho y’umuryango

Ndashima cane kubona abantu benshi baza kundaba. Mu cumba iwanje hama huzuye abagenzi baza kundaba bavuye kure canke hafi. Ivyo biratangaza cane abajejwe kwitwararika abarwayi muri ico kigo. Ndashimira Yehova imisi yose kubona yaramfashije kuja mu mugwi udasanzwe w’Ivyabona vyiwe.

NDAHENDAHENDA

Igihe cose umuntu andamukije akambaza uko merewe, ndamwishura nti: “Ndahendahenda!” Ndazi yuko uru rugamba ntariko ndarurwana jenyene. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, abakirisu twese turi mu ndwano, iyo na yo ikaba ari “indwano nziza y’ukwizera.” (1 Timoteyo 6:12) Ni ibiki vyamfashije kwihangana muri iyo myaka yose? Nama nsenga imisi yose ngashimira Yehova Imana kubona yaratumye nsubira kugira intumbero mu buzima. Kandi ndagerageza kuguma mfise vyinshi nkora mu murimo wiwe, nkaguma mpanze amaso ivyo yadusezeraniye muri kazoza.

José María

Nama niyumvira ibijanye n’isi nshasha, nkiha ishusho nasubiye kwiruka no gusimbasimba. Jewe na wa mugenzi wanje José María, na we akaba arwaye ubukangwe, duhora dutera inkuru ingene tuzokwiruka muri rya siganwa rirerire bita marato. Ndamubaza nti: “Ni nde azosiga uwundi?” Na we ati: “Igihambaye si ukumenya uwuzosiga uwundi. Igihambaye ni ugushika muri Paradizo kugira dushobore gutangura iryo siganwa.”

Ntivyamye vyoroshe kwihanganira ubumuga bwanje. Ndazi yuko igihe nari nkiri muto nakoze ivy’ubujuju kandi ivyo naravyishuye. Yamara ndashima cane kubona Yehova atampevye. Yampaye ibintu vyinshi: umuryango munini w’abamusenga, gusubira gukunda ubuzima, umunezero uva ku gufasha abandi be n’icizigiro ciza. Muri make mbona ko Yehova yampaye ibirenze ivyo nkwiriye.