Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | DEBORA

‘Nahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli’

‘Nahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli’

DEBORA yariko yitegereza ingabo zari zikoraniye hejuru ku Musozi Tabori. Ivyo vyaramukoze ku mutima. Muri ako gatondo, yarabona ubutwari bw’izo ngabo be n’ukwizera kw’umukuru wazo Baraki. Naho bari 10.000, ukwizera n’umutima rugabo bari bafise vyari bigiye kugeragezwa kuri uwo musi. Bagira bahangane n’umwansi w’ikirara, kandi ubagereranije n’ingabo ziwe, bari bake batagira n’ibirwanisho bikomeye. Ariko ico nticababujije kuza, ahanini bakaba babitumwe n’indemesho bahawe n’uwo mugore.

Niwihishe ishusho Debora ahagararanye na Baraki, impuzu ziwe ziriko zirahungabanywa n’akayaga, bariko bitegereza nka hariya hakurya. Hejuru y’Umusozi Tabori harateze. Umuntu ahagaze hejuru kuri wo arashobora kubona Ikiyaya ca Esidreloni kiri nko ku metero 400 uraba epfo, kino kikaba kigenda cerekeza mu bumanuko bushira uburengero. Uruzi Kishoni rutemba ruca mu karere k’ivyatsi bitotahaye rwerekeza mu Kiyaga Mediterane, ruciye hafi y’Umusozi Karumeli. Muri ico gitondo urwo ruzi rwahora ruca ibibatsi rushobora kuba rwari rwakamye. Mugabo hari ikindi kintu caca ibibatsi cari muri ico kiyaya. Ingabo za Sisera zariko ziregereza, zica ibibatsi bimwe biteye ubwoba kubera zari zifise ivyuma. Zari zigizwe n’abarwanyi bakomakomeye kuruta abandi mu gisirikare ca Sisera. Harimwo imikogote 900 iriko ivyuma bimeze nk’ibipanga ku mapine. Sisera yari afise umugambi wo gutemagura abo Bisirayeli batagira ibirwanisho nka kurya umuntu yatemagura sayiri ariko arimbura.

Debora yari azi yuko Baraki n’ingabo ziwe barindiriye ijambo ababwira. Yoba yari we mugore wenyene yari aho hantu? Mbega iryo banga rikomeye yari ajejwe ryatuma yumva amerewe gute? Yoba yaribaza ati: Mbe basha aha naje gukora iki? Oya namba! Yehova Imana yiwe ni we yari yamubwiye ngo atanguze iyo ntambara, kandi yari yavuze ko yokoresheje umugore kugira ngo irangire. (Abacamanza 4:9) None mu bijanye n’ukwizera, ni igiki twokwigira kuri Debora n’izo ngabo z’umutima rugabo?

“GENDA USHWARE UMUSOZI TABORI”

Ahantu ha mbere Bibiliya ivuga ivyerekeye Debora, ivuga ko yari “umuhanuzikazi.” Ico gikorwa cerekana ko Debora yari umugore adasanzwe mu bavugwa muri Bibiliya mugabo si we wenyene yagikoze. * Debora yari afise n’irindi banga. Biboneka ko yafasha gutorera umuti amatati mu kumenyesha abantu inyishu Yehova yatanga ku bibazo vyaba vyavyutse.Abacamanza 4:4, 5.

Debora yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu kari hagati y’igisagara ca Beteli n’ica Rama. Yaricara munsi y’ikigazi akabwira abantu ivyo Yehova yamutegetse. Ico gikorwa ciwe nticari coroshe na gato ariko nticamutera ubwoba. Ivyo yakora vyari bikenewe cane. Mu nyuma, abitumwe n’Imana yahavuye yandika ururirimbo. Ku bijanye n’Abisirayeli bahemukiye Imana yaririmvye ati: “Batanguye kwitorera imana nshasha. Ni ho rero haba intambara mu marembo.” (Abacamanza 5:8) Kubera ko Abisirayeli bagiye mu vyo gusenga izindi mana, Yehova yararetse baratsindwa n’abansi babo. Umwami Yabini w’Umunyakanani ni we yari asigaye abaganza biciye ku mujenerali akomeye yitwa Sisera.

Izina Sisera ubwaryo ryarajugumiza Abisirayeli. Idini ry’Abanyakanani n’imico yabo vyarangwamwo ubukozi bw’ikibi: Abana baricwa bagatangwa nk’ibimazi hagakorwa n’ubumaraya ku rusengero. Gutwarwa n’umujenerali w’Umunyakanani n’ingabo ziwe wibaza ko vyari bimeze gute? Muri rwa ruririmbo Debora yaririmvye, avuga ko abantu batafata ingendo muri ico gihugu be n’uko batari bakiba mu mazu yabo. (Abacamanza 5:6, 7) Twoshobora kwiha ishusho abantu banyegeye mu bisaka no mu misozi, badashobora kurima canke kuba mu bisagara vyabo bidakingiwe. Baratinya kandi guca mu mabarabara kuko bohava baterwa, abana babo bagatwarwa, abagore babo na bo bagafatwa ku nguvu. *

Abisirayeli b’intabarirwa bamaze imyaka 20 bahahazwa gushika Yehova abonye ko bashobora guhinduka. Nk’uko ururirimbo Debora na Baraki baririmvye babitumwe n’Imana ruvyerekana, vyagumye gutyo ‘gushika Debora ahagurutse, gushika ahagurutse nka inabibondo muri Isirayeli.’ Ntituzi ko Debora, umugore wa Lapidoti, yoba yari afise abana vy’ukuri, ariko iyo mvugo yakoreshejwe mu buryo bw’ikigereranyo. Ni nk’aho Yehova yari yashinze Debora igikorwa co gukingira abantu biwe nka kurya inabibondo abigira. Yamusavye guhamagara umugabo yari afise ukwizera gukomeye ari we Mucamanza Baraki, kugira amubwire ko yoja kurwanya Sisera.Abacamanza 4:3, 6, 7; 5:7.

Debora yararemesheje Baraki ngo atabare abasavyi b’Imana

Yehova yabwiye Baraki biciye kuri Debora ati: “Genda ushware umusozi Tabori.” Baraki yategerezwa kwegeranya abagabo 10.000 abakuye mu miryango ibiri ya Isirayeli. Debora yababwiye ko Imana yari yasezeranye yuko botsinze ca gihangange Sisera be n’imikogote yiwe 900! Nta nkeka ko ivyo vyatangaje cane Baraki. Isirayeli nta basoba canke ibirwanisho yari ifise. Naho ari ukwo, Baraki yaremeye kuja kuri urwo rugamba mu gihe gusa Debora yoramuka yemeye kujana na we ku Musozi Tabori.Abacamanza 4:6-8; 5:6-8.

Hari ababona ko Baraki ata kwizera yari afise kubera ico kintu yasavye, mugabo si ko biri na gato. Nakare, ntiyasavye Imana ngo imwongerereze ibirwanisho. Ahubwo, kubera ko yari afise ukwizera, yabona ko bihambaye kuba kumwe n’uwuserukira Yehova kugira ngo amukomeze we n’ingabo ziwe. (Abaheburayo 11:32, 33) Yehova yaremeye ivyo Baraki yari asavye maze arareka Debora barajana. Ariko kandi Yehova yabwiye Debora kumenyesha imbere y’igihe yuko intsinzi ya nyuma itazokwegukira umugabo ahubwo ko izotahana umugore. (Abacamanza 4:9) Imana yari yashinze ko umugore ari we azokwica wa mubisha Sisera!

Muri iyi si, abagore barakunda kurenganywa, gufatwa bunyamaswa no gukorerwa ayandi mabi. Ni gake bahabwa iteka Imana yabageneye. Imana yoyo ibona ko umugabo n’umugore bose bafise agaciro kangana kandi bose irabemera. (Abaroma 2:11; Abagalatiya 3:28) Akarorero ka Debora karatwibutsa kandi yuko ihezagira abagore mu kubazeza amabanga, ico kikaba ari ikimenyamenya c’uko ibizigira kandi ko ibaha agaciro. Birahambaye rero ko twirinda kubacinyiza nk’uko vyeze muri iyi si.

‘ISI YARATIGISE, AMAJURU NA YO ARATONYANGA’

Baraki yaragiye gukoranya ingabo ziwe. Yegeranije abagabo 10.000 b’umutima rugabo kugira ngo baje kurwana n’ingabo za Sisera zari ziteye ubwoba. Igihe Baraki yariko arajana n’abasoda biwe ku Musozi Tabori, yari aryohewe kubera ko yari afise ikibatera intege. Iyo nkuru itubwira ko ‘Debora yaduganye na we.’ (Abacamanza 4:10) Iyumvire ingene abo basoda bumvise baremye igihe babona uwo mugore adatinya urukamvye ajanye na bo ku Musozi Tabori, akaba yari yiteguriye no guheba ubuzima bwiwe kubera ukwizera Yehova Imana!

Igihe Sisera yamenya ko Isirayeli yubahutse kwegeranya abasoda bo kumurwanya, ubwo nyene yaciye agira ico akoze. Abami b’Abanyakanani batari bake bariyunze ku ngabo z’Umwami Yabini, akaba ashobora kuba ari we yari akomeye kubaruta. Ingabo za Sisera isinzi zigendera ku mikogote ikwegwa n’amafarasi zaratigitishije isi igihe zariko ziraza zerekeza muri ca kiyaya. Abanyakanani bari bizigiye ko izo ngabo za goyigoyi z’Abisirayeli bazifyeta nk’aka kanya.Abacamanza 4:12, 13; 5:19.

Baraki na Debora bari gukora iki ko abansi bariko baregereza? Iyo baguma ku mumanuko w’Umusozi Tabori bari kurwanya ingabo z’Abanyakanani ata ngorane kubera ko imikogote y’Abanyakanani irwana neza iyo iri ahantu hashashe. Mugabo Baraki yari yiteguriye kurwana yisunze ubuyobozi bwa Yehova, yaciye rero arindira ico Debora amubwira. Ng’ubwo ubutigu burageze. Yamubwiye ati: “Haguruka, kuko uyu ari wo musi Yehova aza gutanga ata gukeka Sisera mu kuboko kwawe. None Yehova si we akugiye imbere?” Duca dusoma duti: “Baraki atangura kumanuka avuye ku musozi Tabori, inyuma yiwe hari abagabo ibihumbi cumi.”Abacamanza 4:14. *

Ingabo z’Abisirayeli ubwo nyene zaciye zimanuka uwo musozi zija ahantu hashashe zitumbereye neza na neza ya mikogote y’intambara iteye akoba. Yehova yoba yarabagiye imbere nk’uko Debora yari yabibabwiye? Ntibatevye kuvyibonera. Dusoma duti: “Isi y[ara]tigise, amajuru na yo aratonyanga.” Ingabo Sisera yishimira zaciye zija mu muvurungano. Imvura na yo iti natanzwe! Biboneka ko yaguye ari nyinshi cane ku buryo nya hantu haciye ubwo nyene hajaga. Ya mikogote y’ivyuma nta co yari ikimaze. Yaciye itangura kunyikira mu rwondo ntivyakunda ko ivayo.Abacamanza 4:14, 15; 5:4.

Baraki n’ingabo ziwe bobo, iyo mvura nyinshi nta co yari ibabwiye. Bari bazi iyo yaje iva. Birutse batumbera neza na neza ingabo z’Abanyakanani. Kubera ko Abisirayeli bariko barashitsa urubanza rw’Imana, nta n’umwe mu ngabo za Sisera basize ari muzima. Uruzi Kishoni rwaciye rwuzura maze rukukumura imivyimba yabo ruyijana mu Kiyaga Mediterane.Abacamanza 4:16; 5:21.

Nk’uko Debora yari yabivuze, Yehova yararwaniye abasavyi biwe, aratsinda ingabo za Sisera

Muri iki gihe, Yehova ntagisaba abasavyi biwe kurwana intambara nya ntambara. Mugabo abasaba kurwana urugamba kugira ngo bazigame ubucuti bafitaniye na we. (Matayo 26:52; 2 Abakorinto 10:4) Igihe tugerageza kugamburukira Imana muri iyi si, tuba turiko turarwana urwo rugamba. Turakeneye kugira umutima rugabo kubera ko abashigikira Imana barwanywa bimwe bikaze. Mugabo Yehova ntiyahindutse. N’ubu arafasha abamwizera kandi bakamwizigira nka kumwe kwa Debora, Baraki na ba basoda b’Abisirayeli batatinya urukamvye.

‘YARAHEZAGIWE RWOSE MU BAGORE’

Umwansi umwe, akaba yari mubi kuruta abandi bose yarahunze. Yari Sisera, karuhariwe mu guhahaza abasavyi b’Imana. Yahunze ava ku rugamba yiruka n’amaguru. Mu gihe ingabo ziwe zariko ziratikirizwa muri rwa rwondo, yaraciye mu ryahumye abasoda b’Abisirayeli ashika ahantu humutse, maze agenda yerekeza ku bari bacuditse na we boba baba aho hafi. Yarirutse ibilometero n’ibilometero afise ubwoba bwinshi ko abasoda b’Abisirayeli bahava bamufata, yerekeza ku mahema ya Heberi Umukeni. Uwo Heberi yari yaratandukanye n’abantu b’iwabo baguma bimukanga amaja mu bumanuko kandi yari yaragiraniye amasezerano n’Umwami Yabini.Abacamanza 4:11, 17.

Sisera yaratevye arashika aho Heberi yaba, yarushe yasanzaye. Heberi si ho yari ari ariko yahasanze umugore wiwe Yayeli. Sisera ashobora kuba yaribwiye ko Yayeli yokwubahirije amasezerano umugabo wiwe yagiraniye n’Umwami Yabini. Kumbure yabona ko umugore atokwubahuka gukora canke mbere kwiyumvira ikintu gitandukanye n’ico umugabo wiwe ashaka. Sisera ntiyari azi neza Yayeli uwo ari we. Yayeli yarabona amabi yava ku gahahazo k’Abanyakanani kandi yarabona ko akwiye kugira ico akoze. Yari gushobora gutabara uwo mugabo w’umubisha canke gushigikira Yehova mu gukuraho uwo mwansi w’abasavyi biwe. Ariko none yari gukora iki? Umuntu w’umugore yari gutsinda gute uwo murwanyi akomeye?

Yayeli yategerezwa gufata ingingo adatebaganye. Yareretse Sisera ahantu yoruhukira. Sisera yamusavye ko hagize uwuza kumurondera yomubwira ko atari ho ari. Amaze kuryama yaramupfutse. Igihe yasaba amazi yaciye amuha amata. Sisera ntiyatevye gutwarwa n’itiro ryinshi. Yayeli yaciye atora urumambo n’inyundo, ivyo bikaba ari ibikoresho abagore baba mu mahema bari bamenyereye cane gukoresha. Amaze gupfukama hafi y’umutwe wa Sisera yaciye akora igikorwa giteye ubwoba co gushitsa urubanza rwa Yehova. Iyo asuha na gatoyi kari kuba kamubanye. Muri uwo mwanya yoba yariko ariyumvira abasavyi b’Imana n’ingene uwo mugabo yari amaze imyaka mirongo abahahaza? Canke yoba yagumye abona mu bwenge agateka yari afise ko gushigikira Yehova? Iyo nkuru nta vyo ivuga. Ico tuzi co ni uko atavyirijemwo. Sisera aho wamubonye!Abacamanza 4:18-21; 5:24-27.

Mu nyuma Baraki yaraje kumurondera. Igihe Yayeli yamwereka ikiziga ciwe na rwa rumambo ruri mu misaya, Baraki yaciye abona ko amajambo Debora yari yavuze yarangutse. Wa murwanyi akomeye Sisera, yari yagaritswe n’umugore! Abantu bamwebamwe bo muri iki gihe baravuze nabi cane Yayeli, mugabo Baraki na Debora bobo si ko bamubona. Mu ruririmbo baririmvye ruri muri Bibiliya bavuze ko Yayeli ‘ahezagiwe rwose mu bagore’ kubera umutima rugabo yagaragaje. (Abacamanza 4:22; 5:24) Urabona ingene Debora ata bwikunzi yari afise! Ntiyagiriye ishari Yayeli ngo areke kumushemagiza. Ahubwo yari ahimbawe n’ukubona ijambo rya Yehova ryarangutse.

Sisera amaze gupfa, Umwami Yabini ntiyari akigeramiye Abisirayeli. Agahahazo k’Abanyakanani kari karangiye. Abisirayeli baramaze imyaka 40 bari mu mahoro. (Abacamanza 4:24; 5:31) Ese ingene Debora, Baraki na Yayeli bahezagiwe kubera bizigiye Yehova Imana! Nitwigana ukwizera kwa Debora, tukaja ku ruhande rwa Yehova dushikamye kandi tukaremesha abandi kubigenza gutyo, Yehova azotuma dutahukana intsinzi maze turonke amahoro arama.

^ ing. 7 Mu bandi babaye abahanuzikazi harimwo Miriyamu, Hulida, n’umugore wa Yesaya.Kuvayo 15:20; 2 Abami 22:14; Yesaya 8:3.

^ ing. 9 Ururirimbo rwa Debora rurerekana ko akenshi Sisera yava ku rugamba azanye isahu. Aho haba harimwo abakobwa, rimwe na rimwe umusoda umwe akaba yaronka umukobwa umwe canke abarenga. Ijambo “igitereko” rikoreshwa mu Bacamanza 5:30 ryerekana ko abo bakobwa bafatwa gusa nk’ibikoresho vyo kwimara inambu. Biboneka ko gufata abigeme ku nguvu cari ikintu kimenyerewe.

^ ing. 17 Urugamba rwakurikiye ruravugwa incuro zibiri muri Bibiliya: Mu nkuru yigana ivyabaye dusanga mu Bacamanza ikigabane ca 4 no mu ruririmbo rwa Debora na Baraki dusanga mu kigabane ca 5. Izo nkuru zompi zirunganirana. Hari ivyo udasanga muri imwe ukabisanga mu yindi.