Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mushumbire Yehova”

“Mushumbire Yehova”

“Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu. . . . Mushumbire Yehova.”—ROM. 12:11.

1. Ukuntu abantu benshi babona ubushumba gutandukaniye he n’ubushumba buremeshwa mu Baroma 12:11?

UBUSHUMBA bwa gikirisu buratandukanye cane n’ico abantu benshi biyumvira ku bijanye n’ubushumba. Iyo bumvise ijambo umushumba, baca babona umuntu acurwa bufuni na buhoro, acinyizwa kandi arenganywa. Mugabo Ijambo ry’Imana ryahumetswe riravuga ibijanye n’ubushumba busaba ko umuntu akorera Shebuja munyarukundo abikunze. Nkako, igihe intumwa Paulo yakebura abakirisu bo mu kinjana ca mbere ‘gushumbira Yehova,’ yariko araremesha umurimo mweranda umuntu akora abitumwe n’urukundo akunda Imana. (Rom. 12:11) None ubwo bushumba burimwo iki? Dushobora gute kwirinda gushumbira Shetani n’isi yiwe? Kandi n’ivyiza ibihe twironkera dushumbiye Yehova tudahemuka?

“NDAKUNDA DATABUJA VY’UKURI”

2. (a) Ni igiki catuma umushumba w’Umwisirayeli aheba akaryo yaba afise ko kuba uwidegemvya? (b) Gutobora ugutwi kw’umushumba w’umutima ukunze vyasobanura iki?

2 Mw’Itegeko Imana yahaye Isirayeli, turiga ibijanye n’ukuntu Yehova yipfuza ko tumushumbira. Umushumba w’Umuheburayo yabwirizwa guhabwa umwidegemvyo mu mwaka ugira indwi w’ubushumba bwiwe. (Kuv. 21:2) Ariko rero, Yehova yarashiriyeho intunganyo idasanzwe umushumba yakunda vy’ukuri shebuja kandi akaba yipfuza kuguma amukorera. Uwo shebuja yabwirizwa kuzana umushumba wiwe ku muryango canke ku gishimaryango maze akamutobora ugutwi n’umugera. (Kuv. 21:5, 6) Biri n’ico bisobanura kuba yaramutobora ugutwi. Mu rurimi rw’igiheburayo, iciyumviro nyamukuru kiri mu kugamburuka giserurwa n’ijambo rifitaniye isano no kwumva be no kwumviriza. Uwo mushumba w’umutima ukunze yaba yipfuza kubandanya gusukurira shebuja abigiranye ukugamburuka. Ivyo biradufasha gutahura ico ukwiyegurira Yehova kwacu gusaba, kukaba gusaba ko tugamburuka tubikunze tubitumwe n’urukundo dukunda Imana.

3. Ishingiro ry’ukwiyegurira Imana kwacu ni irihe?

3 Igihe twishikana kugira ngo tubatizwe rukirisu, twari  twaramaze gufata ingingo yo gukorera Yehova, ari kwo kuba abashumba biwe. Twiyeguriye Yehova tubitumwe n’icipfuzo co kumugamburukira no gukora ivyo agomba. Nta n’umwe yaduhase kubigira. Nkako, mbere n’abakiri bato babatizwa, babigira igihe gusa bamaze kwiyegurira Yehova ku giti cabo, atari ukugira gusa ngo bahimbare abavyeyi babo. Ishingiro ry’ukwiyegura kwa gikirisu ni urukundo dukunda Databuja wacu wo mw’ijuru Yehova. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.”—1 Yoh. 5:3.

TURIDEGEMVYA YAMARA TURI ABASHUMBA

4. Hakenewe iki kugira ngo tube “abashumba b’ubugororotsi”?

4 Ese ukuntu dukengurukira Yehova kuba yaratumye bishoboka ko tuba abashumba biwe! Kuba twizera inkuka y’incungu ya Kristu biratuma twigobotora ingǒgo y’igicumuro. Naho tukiri abanyagasembwa, twaremeye kuyoborwa na Yehova be na Yezu. Paulo yarabisiguye neza muri rimwe mu makete yiwe yahumetswe ati: “Mwibone ko mwapfuye koko ku bijanye n’igicumuro mugabo ko muri bazima ku bijanye n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.” Yaciye agabisha ati: “Ntimuzi yuko nimba mugumye mwishikiriza umuntu nk’abashumba bamugamburukira muba muri abashumba biwe kuko mumugamburukira, mukaba ab’igicumuro bikavamwo urupfu canke ab’ubugamburutsi bikavamwo ubugororotsi? Ariko hashimirwe Imana kubona mwari abashumba b’igicumuro mugabo mukaba mwacitse abagamburukira ubwo bwoko bw’inyigisho bivuye ku mutima, ari yo mwahawe. Egome, ko mwagizwe abidegemvya mukava mu gicumuro, mwacitse abashumba b’ubugororotsi.” (Rom. 6:11, 16-18) Urabona ko iyo ntumwa ivuga ibijanye n’ ‘ukugamburuka kuvuye ku mutima.’ Egome, ukwiyegurira Yehova kwacu kuratuma tuba “abashumba b’ubugororotsi.”

5. Ni urugamba uruhe rw’imbere muri twebwe turwana twese, kandi kubera iki?

5 Naho ari ukwo, hariho intambamyi tubwirizwa gutsinda kugira ngo tubeho twisunga ukwiyegura kwacu. Duhanzwe n’urugamba rw’uburyo bubiri. Ubwa mbere, hariho urugamba Paulo yarwanye. Yanditse ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari, mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.” (Rom. 7:22, 23) Agasembwa twarazwe karagira ico kadukozeko natwe. Ni co gituma tuguma tunyinyana n’impengamiro z’umubiri wacu. Intumwa Petero yaduhimirije ati: “Mube nk’abantu bidegemvya, yamara mufise umwidegemvyo wanyu, atari nk’igitwikiro co gupfuka ububi, mugabo nk’abashumba b’Imana.”—1 Pet. 2:16.

6, 7. Ni gute Shetani atuma iyi isi isa n’iyikwegera?

6 Turafise urugamba rugira kabiri turwana, urwo na rwo rukaba ari urugamba rwo kurwanya iyi si ikoreshwa n’amadayimoni. Shetani we mutware w’isi, atumbereza imyampi yiwe kuri twebwe arondera gutuma duhemukira Yehova na Yezu. Aragerageza kutugira abashumba mu kutwosha ngo dutwarwe n’akosho kiwe konona. (Soma Abanyefeso 6:11, 12.) Uburyo bumwe Shetani abigira ni mu gutuma isi yiwe isa n’iyikwegera. Intumwa Yohani yagabishije ati: “Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we; kuko ikiri mw’isi cose—icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho—kidakomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi.”—1 Yoh. 2:15, 16.

7 Icipfuzo co gusagamba mu vy’ubutunzi kiriraye mw’isi. Shetani araremesha iciyumviro c’uko amahera ari yo atuma umuntu agira agahimbare. Amaduka maninimanini arakwiragiye hose. Guhayanisha ibidandazwa biraremesha abantu kubaho  bitwararika cane amatungo n’ukwinezereza. Amashirahamwe y’ivyo kwiyunguruza aremerera umuntu kumujana mu mahanga, akenshi ari kumwe n’abantu babona ibintu nk’uko isi ibibona. Egome, abantu bose badukikuje usanga baturemesha kwiryohera, mugabo tukabigira twisunze ukuntu isi ibona ibintu.

8, 9. Ni akaga gakomeye akahe kariho, kandi kubera iki?

8 Mu kuvuga ibijanye n’abo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere bari basigaye babona ibintu nk’uko isi ibibona, Petero yagabishije ati: “Babona ko kwiberaho mu kwiryohera ku murango ari agahimbare. Abo ni udutosi n’ibirabagu, abantu bivobeka mu nyigisho zihendana zabo mu guhimbarwa kutagira akarimbi igihe basangira inzimano namwe. Kuko bavuga amajambo yo kwishira hejuru ata co amaze, kandi biciye ku vyipfuzo vy’umubiri no ku ngeso z’ubushirasoni bararyosharyosha abakiva mu vyara vy’abantu bagendera mu buzimire. Naho babasezeranira umwidegemvyo, bo ubwabo ni abaja b’ukubora. Kuko uwo wese atsinzwe n’uwundi aca agirwa umuja n’uyo.”—2 Pet. 2:13, 18, 19.

9 Guhaza “icipfuzo c’amaso” ntibituma umuntu yidegemvya. Ahubwo nyabuna, bituma aba umushumba w’umutware w’iyi si ataboneka ari we Shetani wa Mubesheranyi. (1 Yoh. 5:19) Hariho akaga gakomeye ko kuba umushumba w’amaronko, ubwo bukaba ari ubushumba bugoye kuvamwo.

UMWUGA UMARA AKANYOTA

10, 11. Muri iki gihe ni bande canecane Shetani arondera, kandi ni gute amashure yo mw’isi ashobora kubateza ingorane?

10 No muri iki gihe, Shetani agaba igitero ku batazi utuntu n’utundi nk’uko yabigize muri Edeni. Abakiri bato ni bo canecane arondera. Shetani ntahimbarwa igihe uwukiri muto, canke uwo ari we wese, yitanze kugira ngo ashumbire Yehova. Uwo mwansi w’Imana yipfuza ko abiyegurira Yehova bose batoguma bamuyobokera be n’uko batoguma ari intahemuka kuri we.

11 Reka tugaruke kuri ka karorero k’umushumba yaba yemeye gutoborwa ugutwi. Uwo mushumba ashobora kuba yaramara igihe gito yumva ububabare; mugabo ntibwateba guhera, bukaba bwaramusigira ikimenyetso camaho c’uko ari umushumba. Muri ubwo buryo nyene, uwukiri muto birashobora kumugora guhitamwo ingendo itandukanye n’iy’abo mu runganwe rwiwe, mbere bikamubabaza. Shetani araremesha iciyumviro c’uko kugira umwuga mw’isi yiwe bituma umuntu ashira akanyota, mugabo abakirisu barakwiye kuguma bibuka akamaro ko kwironsa  ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Yezu yigishije ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Mat. 5:3) Abakirisu biyeguye babaho bisunga ivyo Imana igomba, aho kwisunga ivyo Shetani agomba. Barahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi bararizirikanako umurango n’ijoro. (Soma Zaburi 1:1-3.) Ariko rero, vyinshi mu vyigwa bitangwa mu mashure muri iki gihe bituma umusavyi wa Yehova ataronka umwanya ukwiye wo kuzirikana no kwironsa ivyo akeneye mu vy’impwemu.

12. Ni ihitamwo irihe abakiri bato benshi babwirizwa kugira muri iki gihe?

12 Umutware wo muri iyi si yoshobora gutuma ubuzima bugora umushumba mukirisu. Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakorinto, yabajije ati: “Woba wahamagawe uri umushumba?” Yaciye abahanura ati: ‘Ntibibahagarike umutima; ariko nimba mushobora no kuba abidegemvya, ntimugishe riho ako karyo.’ (1 Kor. 7:21) Bari gushima kuba abidegemvya mugabo ari abashumba. Muri iki gihe, mu bihugu vyinshi, usanga hari itegeko risaba umuntu kwiga gushika ku rugero runaka. Abanyeshure baraheza bagahabwa akaryo ko guhitamwo. Umuntu abandanije kwiga kugira ngo anonosore umwuga muri iyi si vyoshobora kugabanya umwidegemvyo afise wo gukurikirana umurimo w’igihe cose.—Soma 1 Abakorinto 7:23.

Uzoshumbira nde?

WOHITAMWO INYIGISHO IHANITSE CANKE IYIFISE AGACIRO KURUTA IZINDI ZOSE?

13. Ni amashure bwoko ki agirira akamaro kuruta abasavyi ba Yehova?

13 Paulo yagabishije abakirisu b’Abakolosayi ati: “Mwiyubare: hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye kuri filozofiya no ku ruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu, bishingiye ku bintu vy’intango vyo mw’isi, bidashingiye kuri Kristu.” (Kol. 2:8) Iyo ‘filozofiya be n’uruhendo rugaragara bishingiye ku migenzo y’abantu’ biribonekeza muri iki gihe mu vyiyumviro vyo mw’isi biremeshwa n’incabwenge nyinshi. Amashure ahanitse, ayashimika ku kwiga za kaminuza, akenshi asohora abanyeshure bafise ubuhanga ngirakamaro buke canke batagira namba, agatuma basigara ari abantu batiteguriye guhangana n’ibintu bishika mu buzima. Abasavyi ba Yehova bobo bahitamwo amashure azobafasha kugira ubuhanga bakeneye kugira ngo bashobore kubaho mu buryo bubayabaye butuma bakorera Imana. Barafata nkama impanuro Paulo yahaye Timoteyo igira iti: “Nkako, ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye. Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Tim. 6:6, 8) Aho kwironsa impapuro z’umutsindo be n’amazina y’icubahiro vyo muri iyi si, abakirisu b’ukuri bitwararika ivyo  kwironsa ‘amakete abashimagiza’ mu kugira uruhara uko bashoboye kwose mu busuku bwo mu ndimiro.—Soma 2 Abakorinto 3:1-3.

14. Twisunze ibivugwa mu Bafilipi 3:8, Paulo yabona gute agateka yari yaratewe ko gushumbira Imana na Kristu?

14 Rimbura ivyerekeye intumwa Paulo. Yigishirijwe ku birenge vy’umwigisha w’Itegeko w’Umuyuda Gamaliyeli. Inyigisho Paulo yaronse ishobora kugereranywa n’iyo muri kaminuza muri iki gihe. Mugabo Paulo yayibonye gute igihe yayigereranya n’agateka yari yaratewe ko gushumbira Imana na Kristu? Yanditse ati: “Mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje.” Yaciye yongerako ati: “Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda, kugira ngo nunguke Kristu.” (Flp. 3:8) Ukwo kuntu yabona ibintu kurafasha abakirisu bakiri bato be n’abavyeyi babo batinya Imana guhitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi ibijanye n’amashure. (Raba amafoto.)

NIWUNGUKIRE KU NYIGISHO IFISE AGACIRO KURUTA IZINDI ZOSE

15, 16. Ni inyigisho iyihe ishirahamwe rya Yehova ritanga, kandi ishimika ku ki?

15 Ibintu vyifashe gute mu bigo vyinshi vy’amashure ahanitse vyo muri iyi si? Ntusanga none rimwe na rimwe harangwa imigumuko y’ivya politike n’ivy’imibano? (Ef. 2:2) Ishirahamwe rya Yehova ryoryo riratanga inyigisho ifise agaciro kuruta izindi zose, rikayitangira ahantu harangwa amahoro mw’ishengero rya gikirisu. Umwe wese muri twebwe arafise akaryo ko kwungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rigirwa buri ndwi. Hariho kandi ivyigwa bidasanzwe bihabwa abavukanyi b’abatsimvyi batubatse (Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse) n’abatsimvyi bubakanye (Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abakirisu bubakanye). Iyo nyigisho ya gitewokarasi iradufasha kugamburukira Yehova, we Databuja wacu wo mw’ijuru.

16 Turashobora kwimba turondera itunga ryinshi ryo mu vy’impwemu muri rya ronderero (Index des publications Watch Tower) canke muri ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library) kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM. Intumbero y’iyo nyigisho ni ukudufasha kuryohora ugusenga Yehova kwacu. Iratwigisha ukuntu twofasha abandi gusubiza hamwe n’Imana. (2 Kor. 5:20) Ivyo biraheza bikabafasha kwigisha n’abandi.—2 Tim. 2:2.

IMPEMBO Y’UMUSHUMBA

17. Guhitamwo inyigisho y’agaciro kuruta izindi zose bivamwo ivyiza ibihe?

17 Muri wa mugani wa Yezu w’italanto, ba bashumba babiri b’abizigirwa barakejwe bongera baranezeranwa na shebuja wabo mu kuzezwa igikorwa ciyongereye. (Soma Matayo 25:21, 23.) Guhitamwo inyigisho y’agaciro kuruta izindi zose muri iki gihe birazana umunezero n’ivyiza. Rimbura akarorero ka Michael. Yari aciye ubwenge cane mw’ishure ku buryo abigisha biwe bamutumiye mu nama kugira ngo bayage ivy’uko yoja muri kaminuza. Baratangaye igihe Michael yahitamwo gukurikirana ivyigwa vy’igihe gito vyomufashije kuronka ubuhanga bwo gukora akazi kanaka, bino bikaba bitatevye gutuma ashobora kwibeshaho ari umutsimvyi asanzwe. Yoba none abona ko hari ukuntu yahomvye? Yigana ati: “Inyigisho ya gitewokarasi naronse ndi umutsimvyi, ubu na ho nkaba ndayironka ndi umukurambere mw’ishengero, yarangiriye akamaro cane. Imihezagiro n’uduteka mfise biraruta kure n’iyo amahera ayo ari yo yose nari kuronka. Ndahimbarwa vy’ukuri kuba ntahisemwo kwiga amashure ahanitse.”

18. Ni igiki gituma uhitamwo inyigisho y’agaciro kuruta izindi zose?

18 Inyigisho y’agaciro kuruta izindi zose iratwigisha ivyo Imana igomba ikongera ikadufasha gushumbira Yehova. Iratuma twitega ‘kuzogirwa abidegemvya tukava mu buja bw’ukubora,’ amaherezo tukazoronka “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) N’ikiruta vyose, turamenya uburyo bwiza kuruta bwo kwerekana ko dukunda vy’ukuri Databuja wacu wo mw’ijuru Yehova.—Kuv. 21:5.