Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze muri Filipine

Baritanze babikunze muri Filipine

MU MYAKA nka cumi iheze, Gregorio na Marilou, umugabo n’umugore bari bageze mu myaka 30, bari abatsimvyi i Manille muri ico gihe nyene bakaba barakora ubuzi bwabasaba gukora imisi yose. Rwari urugamba, mugabo bararutsinze. Mu nyuma Marilou yaradugijwe igiti araba umukuru mw’ibanki yakoramwo. Avuga ati: “Ubuzi bwiza twakora bwaratuma tubaho neza.” Nkako, ibintu vyari vyifashe neza mu vy’amahera ku buryo uwo mugabo n’umugore bafashe ingingo yo kwubaka inzu bipfuza rwose ahantu heza cane hari nko ku bilometero 19 mu buseruko bwa Manille. Baragiraniye amasezerano n’ishirahamwe ryubaka amazu maze baremeranya ko bazoza barariha amahera makemake buri kwezi mu myaka icumi.

“NARIYUMVAMWO KO NARIKO NDIBA YEHOVA”

Marilou yigana ati: “Akazi kanje gashasha karantwara umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi ku buryo umwete nari mfitiye ibikorwa vy’impwemu wagabanutse. Nariyumvamwo ko nariko ndiba Yehova.” Asigura ati: “Sinari ngiha Yehova umwanya nari narahebeye umurimo wiwe.” Kubera ko Gregorio na Marilou batahimbarwa n’ukwo kuntu ibintu vyari vyifashe, umusi umwe barafashe umwanya wo kuyaga ukuntu bariko barakoresha ubuzima bwabo. Gregorio avuga ati:  “Twaripfuza kugira ico duhinduye mugabo ntitwari tuzi neza na neza ico twokora. Twarayaze ukuntu tworushiriza gukoresha ubuzima bwacu mu murimo wa Yehova, na canecane kubera ko ata bana twari dufise. Twarasenze Yehova tumusaba ubuyobozi.”

Muri ico gihe, barumvise insiguro zitari nke zavuga ibijanye no gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Gregorio avuga ati: “Twabona ko Yehova ariko arishura amasengesho yacu biciye kuri izo nsiguro.” Uwo mugabo n’umugore barasenze basaba kurushiriza kugira ukwizera kugira ngo bagire umutima rugabo wo gufata ingingo zibereye. Intambamyi imwe ikomeye bari bafise yari ya nzu yabo yariko irabandanya kwubakwa. Bari bamaze kuriha imyaka itatu. None bari gukora iki? Marilou avuga ati: “Iyo duhagarika ya masezerano, twari guhomba amahera yose twari tumaze kuriha, akaba yari menshi cane. Mugabo twabonye ko ari akaryo ko guhitamwo gushira imbere ivyo Yehova agomba canke ivyo twebwe ubwacu twipfuza.” Bafise mu muzirikanyi ya majambo intumwa Paulo yavuze ku bijanye no ‘kwemera guhomba,’ barahagaritse ivyo kwubakisha iyo nzu, baraheba ubuzi bwabo, baragurisha vyinshi mu vyo bari batunze baraheza bimukira mu kigwati kiri ukwa conyene mw’izinga rya Palawan, ku bilometero nka 480 mu bumanuko bwa Manille.—Flp. 3:8.

‘BARIZE AKABANGA’

Imbere y’uko Gregorio na Marilou bimuka, bari baragerageje kwitegurira kubaho mu buryo busanzwe, mugabo bagiye gutahura ukuntu ubuzima bwabo bushasha bwobaye ububayabaye bamaze gushikayo. Marilou avuga ati: “Twarakubiswe n’inkuba! Nta muyagankuba canke ibikoresho bigezweho vyari bihari. Aho kwatsa inkono y’ikizungu iteka umuceri, twabwirizwa gusatura inkwi tugateka ku muriro. Narakumbura kuja gusumira muri mwene ya mamangazini maninimanini, kuja gufungura muri resitora be n’ibindi bintu vyo mu gisagara.” Naho vyari ukwo, uwo mugabo n’umugore baguma biyibutsa icatumye bimuka, kandi ntibatevye kumenyera. Marilou avuga ati: “Ubu ndahimbarwa no kwihweza ubwiza bw’ibidukikije, harimwo n’inyenyeri zakaka mw’ijoro. N’ikiruta vyose, biratera umunezero kwibonera ukuntu abantu bahimbarwa igihe tubabwira inkuru nziza. Mu gukorera ng’aha, ‘twarize akabanga’ ko kubumbwa n’ivyo dufise.”—Flp. 4:12.

“Nta kintu na kimwe cogereranywa n’umunezero uva ku kwibonera iterambere ryo mu vy’impwemu. Turiyumvamwo kuruta ikindi gihe cose yuko ubuzima bwacu buri n’ico buvuze.”—Gregorio and Marilou

Gregorio yigana ati: “Igihe twashika ng’aha, hari Ivyabona bane gusa. Barahimbawe cane igihe natangura gutanga insiguro y’icese buri ndwi nkongera nkavuza igitari turiko turaririmba indirimbo z’Ubwami.” Mu mwaka umwe, uwo mugabo n’umugore bariboneye ukuntu uwo mugwi mutoyi cane ucika ishengero riteye imbere ry’abamamaji 24. Gregorio avuga ati: “Urukundo tugaragarizwa n’iryo shengero ruradukora ku mutima cane.” Muri iki gihe, batereje amaso inyuma mu myaka itandatu bamaze bakorera muri ako karere kari ukwa konyene, bavuga bati: “Nta kintu na kimwe cogereranywa n’umunezero uva ku kwibonera iterambere ryo mu vy’impwemu. Turiyumvamwo kuruta ikindi gihe cose yuko ubuzima bwacu buri n’ico buvuze.”

 “ ‘NARAHONJEJE, NDABONA KO YEHOVA ARYOSHE’!”

Muri Filipine, abavukanyi na bashiki bacu nka 3.000 barimukiye mu turere aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Abashika 500 muri bo ni bashiki bacu batubatse. Rimbura akarorero k’uwitwa Karen.

Karen

Karen, ubu akaba afise imyaka nka 25, yakuriye i Baggao muri Cagayan. Igihe yari akiri umuyabaga, akenshi yariyumvira ivyo kwagura ubusuku bwiwe. Yigana ati: “Kubera ko nari nzi ko igihe gisigaye ari gito be n’uko abantu b’uburyo bwose bakeneye kwumva ubutumwa bw’Ubwami, naripfuza gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta.” Naho bamwebamwe mu bo mu muryango wiwe bamuhimirije gukurikirana amashure ahanitse aho kwimukira mu karere kari ukwa konyene kugira ngo yamamaze, Karen yarasenze Yehova amusaba ubuyobozi. Yarayaze kandi n’abakorera mu karere kari ukwa konyene. Igihe yari afise imyaka 18, yarimukiye mu karere kari ukwa konyene kari nko ku bilometero 64 uvuye mu gisagara c’iwabo.

Ishengero ritoyi Karen yagiye gushigikira rifise icibare kigizwe n’akarere k’imisozi kari ku nkengera y’Ikiyaga Pacifique. Karen yigana ivyo yibuka ati: “Kugira ngo dushike muri iryo shengero rishasha tuvuye i Baggao, twamaze imisi itatu tugenda n’amaguru, tuduga imisozi tuyimanuka twongera tujabuka inzuzi incuro zirenga 30.” Yongerako ati: “Kugira ngo nshikire abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe, ngenda amasaha atandatu, nkarara ku muhana w’umutohoji, bukeye ngaca ngenda ayandi masaha atandatu ntaha.” Ako kigoro kose koba ari impfagusa? Karen yongerako amwenyura cane ati: “Birashika amaguru yanje akandya, mugabo nyobora inyigisho za Bibiliya 18. ‘Narahonjeje, ndabona ko Yehova aryoshe’!”—Zab. 34:8.

“NARIZE KWIHEKA KURI YEHOVA”

Sukhi

Ni igiki catumye Sukhi, uno akaba ari mushiki wacu atubatse arengeje gato imyaka 40 aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yimukira muri Filipine? Mu 2011 yaritavye iteraniro ry’umuzunguruko aho umugabo n’umugore babajijwe ibibazo. Bariganye ukuntu bagurishije vyinshi mu vyo bari batunze kugira ngo bimukire muri Megizike gufasha mu gikorwa co kwamamaza ng’aho. Sukhi avuga ati: “Ico kiganiro co kubaza ibibazo, catumye ntangura kwiyumvira ibijanye n’imigambi ntari bwiyumvire.” Igihe Sukhi, uno akaba akomoka ku Bahindi, yamenya ko hari hakenewe imfashanyo ikomeye kugira ngo abantu bavuga igipunjabi baba muri Filipine babwirwe inkuru nziza, yarafashe ingingo yo kujayo kugira ngo afashe. Yoba yarahuye n’intambamyi?

Sukhi avuga ati: “Guhitamwo ibintu ngurisha n’ivyo nsigarana vyarambereye urugamba kuruta uko nari ndavyiteze. Vyongeye, inyuma y’imyaka 13 nari maze mbayeho neza mu nzu yanje bwite, naragiye kuba ndabaye mu muryango wacu kandi sinari mbayeho neza nka mbere. Ntivyari vyoroshe, mugabo bwari uburyo bwiza bwo kwitegurira kubaho mu buryo bubayabaye.” Ni ingorane izihe yahanganye na zo amaze kwimukira muri Filipine? Avuga ati: “Gutinya udukoko turyana no gukumbura i muhira ni zo ngorane  zikomeye kuruta izindi zose nari mfise. Narize kwiheka kuri Yehova kuruta uko nahora!” Akigoro yagize koba karabaye impfagusa? Sukhi avuga amwenyura ati: “Yehova atubwira ati: ‘Nimungeze, murabe ko ntazobacuncuburirako umuhezagiro.’ Ndibonera ukuntu ayo majambo ari ay’ukuri igihe uwo nsanze ku muhana ambajije ati: ‘Uzogaruka ryari? Ndafise ibindi bibazo vyinshi.’ Kuba nshobora gufasha abantu bashonje mu buryo bw’impwemu biratuma ngira umunezero mwinshi nkongera ngashira akanyota!” (Mal. 3:10) Sukhi yongerako ati: “Mu vy’ukuri, ikintu cari kigoye kuruta kwari ugufata ingingo yo kwimuka. Maze kubigira, vyari bitangaje kwibonera ukuntu Yehova andonsa ikindi kintu cose naba nkeneye.”

“NARATSINZE UBWOBA NARI MFISE”

Uwitwa Sime, akaba ari umuvukanyi yubatse ari mu gushikana imyaka 40, yaravuye muri Filipine aja gukora akazi kamuronsa amahera menshi mu gihugu kimwe co mu karere k’ibihugu vy’Abarabu. Igihe Sime yari ng’aho, indemesho yahawe n’umucungezi w’umuzunguruko be n’izo yaronse biciye ku nsiguro yatanzwe n’umwe mu bagize Inama Nyobozi, zaramuvyuriye umutima wo gushira Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe. Sime avuga ati: “Mugabo kwiyumvira ivyo guheba akazi kanje vyarampagarika umutima cane.” Naho vyari ukwo, yarahevye ako kazi maze asubira muri Filipine. Muri iki gihe, Sime n’umugore wiwe Haidee bakorera i Davao del Sur, mu bumanuko bw’ico gihugu, aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kugira baheture ico cibare amahanga. Sime avuga ati: “Ntereje amaso inyuma, ndakenguruka cane kuba naratsinze ubwoba nari mfise bwo guheba akazi kanje no kuba narashize Yehova mu kibanza ca mbere. Nta kintu na kimwe kimara akanyota mu buzima kuruta guha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo utunze!”

Sime na Haidee

“BIRATUMA TWUMVA DUSHIZE AKANYOTA CANE!”

Igihe Ramilo na Juliet, bano bakaba ari umugabo n’umugore b’abatsimvyi barengeje gatoyi imyaka 30, bamenya ko ishengero ryari ku bilometero 30 gusa uvuye iwabo ryari rikeneye gufashwa, baritanze kugira ngo barishigikire. Ku bw’ivyo, ku ndwi ku ndwi, ikirere caba cifashe neza canke nabi, Ramilo na Juliet baragira ingendo nyinshi bari ku gapikipiki kabo kugira ngo bitabe amakoraniro bongere bagire uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Naho guca mu mabarabara arimwo ibinogo no ku biraro vyenetse hejuru ari urugamba, barahimbarwa no kuba baraguye ubusuku bwabo. Ramilo avuga ati: “Twe n’umugore wanje tuyobora inyigisho za Bibiliya 11! Gukorera aho bikenewe kuruta bisaba ko tugira ivyo duhevye, mugabo biratuma twumva dushize akanyota cane!”—1 Kor. 15:58.

Juliet na Ramilo

Woba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye no gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi mu gihugu cawe bwite canke mu mahanga? Nimba ari ukwo biri, nubiyage n’umucungezi wanyu w’umuzunguruko, wongere usome ikiganiro kivuga ngo “Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?” mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2011.