Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 25

URURIRIMBO RWA 7 Yehova, uri inkomezi zacu

Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»

Niwibuke ko Yehova ari «Imana nzima»

«Yehova ni muzima!»ZAB. 18:46.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Kwibuka ko Imana dusenga ari «Imana nzima» biratugirira akamaro cane.

1. Ni igiki gituma abasavyi ba Yehova baguma bamusenga naho bashikirwa n’ingorane?

 BIBILIYA ivuga ko tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Tim. 3:1) Uretse ingorane zishikira abantu muri rusangi, abasavyi ba Yehova babwirizwa kandi kwihanganira ukurwanywa n’uruhamo. None ni igiki gituma tuguma dusenga Yehova naho dushikirwa n’ingorane? Imvo imwe ibituma, ni uko twiboneye ko Yehova adufasha kandi tukaba tuzi ko ari «Imana nzima.»—Yer. 10:10; 2 Tim. 1:12.

2. Ni mu buryo ubuhe Yehova ari Imana nzima?

2 Yehova arabona ingorane zose zidushikira kandi yama yipfuza kudufasha. (2 Ngo. 16:9; Zab. 23:4) Kubona ko Yehova ari Imana nzima birashobora kudufasha kwihanganira ingorane zose zidushikira. Raba ingene vyafashije umwami Dawidi.

3. Dawidi yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo «Yehova ni muzima»?

3 Dawidi yari azi Yehova kandi ni we yihekako. Igihe umwami Sawuli hamwe n’abandi bashaka kumwica, yaratakambiye Yehova ngo amufashe. (Zab. 18:6) Imana imaze kwishura isengesho ryiwe ikamurokora, Dawidi yaciye avuga ati: «Yehova ni muzima!» (Zab. 18:46) Mu kuvuga ayo majambo, Dawidi ntiyashaka kwerekana ko Imana ibaho gusa. Igitabu kimwe kivuga ko Dawidi yariko yerekana ko Yehova «ari Imana y’ukuri, kandi ko azokwama afasha abasavyi biwe.» Ego cane, Dawidi afatiye ku vyamushikiye yari azi neza ko Imana ibaho, kandi ivyo vyaramufashije kubandanya akorera Yehova no kumushemeza.—Zab. 18:​28, 29, 49.

4. Kubona ko Yehova ari Imana nzima bitugirira akamaro akahe?

4 Kuba twarajijutse ko Yehova ari Imana nzima biratuma tumukorera n’umwete. Turaronka inkomezi zo kwihanganira ingorane kandi bikatuvyurira umutima wo kubandanya dukora vyinshi mu gikorwa ciwe. Biratuma kandi twiyemeza kuguma twiyegereje Yehova.

IMANA NZIMA IZOGUKOMEZA

5. Ni igiki cotuma dutekana igihe turi mu ngorane? (Abafilipi 4:13)

5 Nimba twibuka ko Yehova ari muzima kandi ko yama adufasha, bizotuma dushobora kwihanganira ingorane iyo ari yo yose, yaba nini canke ntoyi. Nakare, nta ngorane n’imwe yonanira Imana yacu. Ni Mushoboravyose kandi arashoboye kuduha ububasha bwo kwihangana. (Soma Abafilipi 4:13.) Ivyo biratuma dutekana igihe turi mu ngorane. Igihe twibonera ingene Yehova adufasha mu ngorane ntonto, duca twizigira ko azodufasha no mu zihambaye kuruta.

6. Ni ibiki vyashikiye Dawidi akiri muto vyatumye arushiriza kwizigira Yehova?

6 Rimbura ibintu bibiri vyashikiye Dawidi vyatumye arushiriza kwizigira Yehova. Igihe Dawidi yari akiri muto ari umwungere, idubu n’intambwe vyaratwaye intama za se. Muri ivyo bihe vyose, Dawidi yaragize umutima rugabo arabikurikira maze ararokora izo ntama. Ariko ntiyigeze abona ko ari we yavyishoboje. Yari azi ko Yehova ari we yamuhaye ububasha. (1 Sam. 17:​34-37) Dawidi ntiyigeze yibagira ivyo bintu vyamushikiye. Abizirikanye, vyatuma yizigira ko Imana nzima yomukomeje muri kazoza.

7. Dawidi yashize umutima ku ki, kandi ni kubera iki ivyo vyamufashije kurwanya Goliyati?

7 Mu nyuma, igihe Dawidi ashobora kuba yari akiri umuyabaga, yaragiye mw’ikambi y’ingabo za Isirayeli. Yasanze abasoda batekewe n’ubwoba kubera ikigatanya c’Umufilisitiya citwa Goliyati cari caje ‘gusomborotsa ingabo z’Abisirayeli.’ (1 Sam. 17:​10, 11) Icatumye abo basoda bagira ubwoba, ni uko bari bashize umutima kuri ico kigatanya no ku kuntu cariko kirabasotora. (1 Sam. 17:​24, 25) Ariko ivyo si vyo Dawidi yashizeko umutima. Ntiyabona ko Goliyati yariko acokora ingabo za Isirayeli gusa, ahubwo yabona ko yariko acokora «ingabo z’Imana nzima.» (1 Sam. 17:26) Dawidi yiyumvira ivyerekeye Yehova. Yari yizigiye ko iyo Mana yamufashije igihe yari umwungere yomufashije no muri ico gihe. Kubera ko Dawidi yari azi ko Imana imushigikiye, yarahanganye na Goliyati kandi aramutsinda!—1 Sam. 17:​45-51.

8. Ni igiki cotuma turushiriza kwizigira ko Yehova azodufasha igihe turi mu ngorane? (Raba n’ifoto.)

8 Na twebwe twibutse ko Imana nzima ishobora kudufasha, birashobora gutuma twihanganira ingorane. (Zab. 118:6) Kuzirikana ivyo Yehova yakoze muri kahise birashobora gutuma turushiriza kwizigira ko azodufasha. Nusome inkuru zo muri Bibiliya zikwibutsa ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe. (Yes. 37:​17, 33-37) Vyongeye, nurabe amakuru ari ku rubuga rwacu rwa jw.org yerekana ingene Yehova yashigikiye abavukanyi na bashiki bacu bo mu bihe vya none. N’ikindi kandi, niwibuke ibiringo Yehova yagufashije ku giti cawe. Ntuhagarike umutima ngo ni uko utabona igihe Yehova yagufashije mu buryo bw’agatangaza, nk’aho woba wararwanye n’idubu canke intambwe. Uti kubera iki? Ikizwi coco, ni uko Yehova yagukoreye ibintu vyinshi mu buzima bwawe! Yaragukwegakwegeye kuri we. (Yoh. 6:44) No kuba ukimukorera, ni we yabigufashijemwo. Ubona gute umusavye ngo akwibutse ibihe yishuye amasengesho wamutuye, ibihe yagufashije ku gihe nyene wari ubikeneye, canke ibihe yagufashije uri mu ngorane? Kuzirikana kuri mwene ivyo bihe, bizotuma urushiriza kujijuka ko Yehova azobandanya kugufasha.

Ingorane zidushikira ni umuce wa ca kibazo gihambaye (Raba ingingo ya 8-9)


9. Igihe turi mu ngorane, dukwiye kwibuka iki? (Imigani 27:11)

9 Kubona ko Yehova abaho koko bizotuma tubona ingorane mu buryo bwiza. Uti gute? Bituma tubona ko ingorane turimwo, ari umuce wa ca kibazo gihambaye kiri hagati ya Yehova na Shetani. Shetani avuga ko bishitse tugashikirwa n’ingorane, tuzoca duheba Yehova. (Yobu 1:​10, 11; soma Imigani 27:11.) Ariko igihe tugumye turi intahemuka kuri Yehova naho twoba turi mu ngorane, tuba twerekanye ko dukunda Yehova be n’uko Shetani ari umubeshi. Woba uhanganye n’uruhamo ruva ku bategetsi, ubukene, abatakira neza inkuru nziza canke iyindi ngorane? Nimba ari ukwo, niwibuke ko ivyo biguha akaryo ko kunezereza umutima wa Yehova. Niwibuke kandi ko atazoreka ngo ugeragezwe n’ibirenze ivyo ushobora kwihanganira. (1 Kor. 10:13) Azoguha inkomezi zo kwihangana.

IMANA NZIMA IZOGUHA IMPERA

10. Ni igiki Imana nzima izokorera abayisenga?

10 Yehova arahemba abamusenga. (Heb. 11:6) Muri iki gihe araduha amahoro kandi agatuma tubumbwa n’ivyo dufise, muri kazoza na ho azoduha ubuzima budahera. Twokwizigira Yehova kuko twajijutse ko yipfuza kuduha impera kandi ko abishoboye. Ukwo kujijuka kuratuvyurira umutima wo kumukorera uko dushoboye kwose, nk’uko nyene n’abasavyi biwe ba kera babigize. Ivyo ni vyo Timoteyo yakoze mu kinjana ca mbere.—Heb. 6:​10-12.

11. Kubera iki Timoteyo yitanze cane mw’ishengero? (1 Timoteyo 4:10)

11 Soma 1 Timoteyo 4:10. Timoteyo yarizigira cane Imana nzima. Ni co gituma yitanze cane agakorera Yehova n’abakirisu bagenziwe. None ni ibiki yakoze? Intumwa Pawulo yamuremesheje kurushiriza kuba umwigisha mwiza mu ndimiro no mw’ishengero. Yamubwiye kandi ngo abere akarorero keza abo basangiye ukwemera, baba abato canke abakuze. Vyongeye, yarashinzwe amabanga atoroshe, nko guha abandi impanuro zikomeye ariko ziranga urukundo. (1 Tim. 4:​11-16; 2 Tim. 4:​1-5) Timoteyo yari azi neza ko naho abandi batobonye ibikorwa akora canke ngo babikenguruke, Yehova wewe yomuhaye impera.—Rom. 2:​6, 7.

12. Ni igiki covyurira umutima abakurambere wo kwitanga cane mw’ishengero? (Raba n’ifoto.)

12 No muri iki gihe, abakurambere bohera amazinda ko Yehova abona ibikorwa bakora kandi ko abiha agaciro. Uretse kuragira, kwigisha no kwamamaza, abakurambere benshi barafasha mu bikorwa vy’ubwubatsi no mu vyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Abandi barafasha mu Migwi igendera Ivyabona barwaye canke mu Makomite aja inama n’ibitaro. Abakurambere bitanga muri mwene ivyo bikorwa barazi ko ishengero ari irya Yehova, atari iry’umuntu. Ivyo bituma bitanga cane muri ivyo bikorwa vyabo kandi bakizigira baherejeko ko Imana izobaha impera.—Kol. 3:​23, 24.

Ya Mana nzima izoguha impera uko witanga cane mw’ishengero (Raba ingingo ya 12-13)


13. Yehova abona gute utwigoro tugira mu gikorwa ciwe?

13 Si twese twoba abakurambere. Ariko twese turafise ikintu twoha Yehova. Imana yacu irabishima igihe twitanze cane mu gikorwa cayo. Irabona intererano dutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, naho zoba ari nkeyi. Irahimbarwa cane igihe twinanase tukarengera amasoni dufise maze tukaduza ukuboko kugira dutange inyishu ku makoraniro. Irahimbarwa kandi igihe tubabariye abatubabaje. Naho woba ubona ko udashobora gukora vyinshi nk’uko wavyipfuza, niwizigire ko Yehova aha agaciro ivyo ushobora gukora. Aragukunda kubera umukorera, kandi azoguha impera.—Luka 21:​1-4.

NUGUME WIYEGEREJE YA MANA NZIMA

14. Kuguma twiyegereje Yehova bidufasha gute kuguma turi intahemuka? (Raba n’ifoto.)

14 Igihe dufitaniye ubucuti bwa hafi na Yehova, bica bitworohera kuguma turi intahemuka kuri we. Ukwo ni ko vyagenze kuri Yozefu. Yaranse gukora ubuhumbu. Imana ntiyari umugani kuri we kandi ntiyipfuza kuyibabaza. (Ita. 39:9) Kugira tugiranire ubucuti bwa hafi na Yehova, turakeneye gufata akanya ko kumusenga no kwiga Ijambo ryiwe. Ivyo bituma ubucuti dufitaniye na we bukomera. Nka kumwe kwa Yozefu, nitwagiranira ubucuti bwa hafi na Yehova, ntituzokwipfuza gukora ikintu na kimwe comubabaza.—Yak. 4:8.

Kwiyegereza ya Mana nzima bizogufasha kuguma uri intahemuka (Raba ingingo ya 14-15)


15. Ni igiki twigira ku vyashikiye Abisirayeli mu bugaragwa? (Abaheburayo 3:12)

15 Abibagira ko Yehova ari Imana nzima barashobora kumuhemukira bitagoranye. Rimbura ivyashikiye Abisirayeli igihe bari mu bugaragwa. Bari bazi neza ko Yehova abaho, ariko baratanguye gukekeranya nimba yobaronkeje ivyo bakeneye. Mbere barabajije bati: «Yehova turi kumwe canke ntituri kumwe?» (Kuv. 17:​2, 7) Ivyo vyatumye bagarariza Imana. Nta gukeka ko twipfuza kwirinda ako gatima kabo k’ubugambarazi kuko ari akarorero ko kutuburira muri iki gihe.—Soma Abaheburayo 3:12.

16. Ni igiki gishobora kugerageza ukwizera kwacu?

16 Iyi si ituma kuguma twiyegereza Yehova bitatworohera. Benshi ntibemera ko Imana ibaho. Kandi akenshi abirengagiza ivyo Imana isaba usanga umenga bararoraniwe. Iyo tubonye ibintu nk’ivyo, ukwizera kwacu kurageragezwa. Naho tutoca duhakana ko Imana ibaho, turashobora gutangura gukekeranya nimba izodufasha vy’ukuri. Vyarashitse n’umwanditsi wa Zaburi 73 ariyumva gutyo. Yarabona ingene abantu bamukikuje birengagiza amategeko y’Imana ariko bakaguma babayeho neza. Ivyo vyatumye atangura gukekeranya nimba gukorera Imana hari ico bimaze.—Zab. 73:​11-13.

17. Ni igiki codufasha kuguma twiyegereje Yehova?

17 None ni igiki cahavuye gifasha uwo mwanditsi wa Zaburi guhindura uko yabona ibintu? Yarazirikanye ku vyoshikiye abahevye Yehova. (Zab. 73:​18, 19, 27) Yarazirikanye kandi ku vyiza biva ku gukorera Imana. (Zab. 73:24) Na twebwe twozirikana ku mihezagiro yose Yehova yaduhaye. Twozirikana kandi ku kuntu ubuzima bwacu bwobaye bumeze iyaba tutariko turakorera Yehova. Ivyo birashobora kudufasha kuguma turi intahemuka, maze cokimwe na wa mwanditsi wa Zaburi tukavuga duti: «Jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.»—Zab. 73:28.

18. Kubera iki tudakwiye gutinya kazoza?

18 Twoshobora kwihanganira ingorane zose zidushikira muri iyi misi ya nyuma kubera ko «[dushumbira] Imana nzima kandi y’ukuri.» (1 Tes. 1:9) Imana yacu irabaho kandi irafasha abayikorera. Yarabanye n’abasavyi bayo ba kera, kandi n’ubu iri kumwe natwe. Vuba tuzokwinjira muri ya makuba akomeye atigeze kubaho kw’isi. Ariko ntituzoba turi twenyene. Yehova azoba ari kumwe natwe. (Yes. 41:10) Ese twese «[twogira] umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.”»—Heb. 13:​5, 6.

URURIRIMBO RWA 3 Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu