Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

«Umugore» avugwa muri Yesaya 60:1 ni nde, kandi ni mu buryo ki ‘ahaguruka, akarasa umuco’?

Muri Yesaya 60:1 hagira hati: «Haguruka wa mugore we, rasa umuco, kuko umuco wawe ushitse. Ubuninahazwa bwa Yehova bugukayanganiyeko.» Ibivugwa mu yindi mirongo vyerekana ko uwo «mugore» yagereranya Siyoni canke Yeruzalemu, ico gihe akaba ari wo wari umurwa mukuru w’Ubuyuda. (Yes. 60:14; 62:​1, 2) Ico gisagara ca Yeruzalemu cagereranya ihanga ryose rya Isirayeli. Ayo majambo ya Yesaya atuma twibaza ibibazo bibiri. Ica mbere: Ni mu buryo ki Yeruzalemu ‘yahagurutse’ ikarasa umuco wo mu buryo bw’impwemu, kandi ivyo vyabaye ryari? Ica kabiri: Ubwo buhanuzi bwa Yesaya bwoba buriko buraranguka ku rugero runini muri iki gihe cacu?

Ni mu buryo ki Yeruzalemu ‘yahagurutse’ ikarasa umuco wo mu buryo bw’impwemu, kandi ivyo vyabaye ryari? Igihe Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni, Yeruzalemu n’urusengero rwaho vyamaze imyaka 70 vyarasambutse. Ariko igihe Babiloni yigarurirwa n’Abamedi n’Abaperesi, Abisirayeli baba mu nganji yose ya Babiloni bari bemerewe gusubira mu gihugu iwabo, bagasubizaho ugusenga kw’ukuri. (Ezr. 1:​1-4) Mu ntango z’umwaka wa 537 imbere ya Kristu, amasigarira y’Abisirayeli b’abizigirwa, bo mu miryango yose uko ari 12 barasubiye i Yeruzalemu. (Yes. 60:4) Baciye batangura gushikanira Yehova ibimazi, barahimbaza imisi mikuru bongera barasanura urusengero. (Ezr. 3:​1-4, 7-11; 6:​16-22) Ubuninahazwa bwa Yehova bwari busubiye gukayanganira kuri Yeruzalemu, ni ukuvuga ku basavyi biwe. Na bo baciye babera umuco amahanga yari mu mwiza kubera kutamenya Yehova.

Ariko rero ubwo buhanuzi Yesaya yavuze, bwarangukiye kuri Yeruzalemu ku rugero rutoyi gusa. Abisirayeli muri rusangi ntibabandanije kugamburukira Imana. (Neh. 13:27; Mal. 1:​6-8; 2:​13, 14; Mat. 15:​7-9) Mu nyuma mbere, barateye akagere Mesiya, ari we Yezu Kristu. (Mat. 27:​1, 2) Mu mwaka wa 70 inyuma ya Kristu, Yeruzalemu n’urusengero rwaho vyahavuye bisenyurwa ubugira kabiri.

Yehova yari yaravuze ko ico kintu kibabaje coshitse. (Dan. 9:​24-27) Biragaragara rero yuko bitari mu nteguro yiwe ko ubuhanuzi bwo muri Yesaya ikigabane ca 60, bujanye no gusubizaho ugusenga kw’ukuri, burangukira kuri Yeruzalemu ya kera mu buryo bwuzuye.

Ubwo buhanuzi bwa Yesaya bwoba buriko buraranguka ku rugero runini muri iki gihe cacu? Ego cane. Ariko rero burangukira ku wundi mugore w’ikigereranyo, ari we «Yeruzalemu yo hejuru.» Ku bijanye n’uwo mugore, intumwa Pawulo yavuze ati: «Ni [we] mama.» (Gal. 4:26) Yeruzalemu yo hejuru igereranya igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, kigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. Mu bana b’uwo mugore, harimwo Yezu na ba bakirisu 144.000 barobanujwe impwemu, bafise icizigiro co kuba mw’ijuru cokimwe na Pawulo. Abo bakirisu barobanuwe ni bo bagize «ihanga ryeranda», ni ukuvuga «Isirayeli y’Imana.»—1 Pet. 2:9; Gal. 6:16.

None ni mu buryo ki Yeruzalemu yo hejuru ‘yahagurutse ikarasa umuco’? Yabigize biciye ku bana bayo barobanuwe bo kw’isi. Raba ingene ivyabashikiye bihuye n’ibivugwa mu buhanuzi bwo muri Yesaya ikigabane ca 60.

Bibiliya yari yaravuze ko intumwa zimaze gupfa, abakirisu b’ikinyoma bagereranywa n’icatsi kibi, bosagamvye bakanigira mu menshi abakirisu barobanuwe, ku buryo bamera nk’abagiye mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. Abo bakirisu barobanuwe rero, bategerezwa guhaguruka bakava muri uwo mwiza. (Mat. 13:​37-43) Ico gihe bari bagizwe imbohe na Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Abo bakirisu barobanuwe bagumye ari imbohe gushika «kw’iherezo ry’ivy’iyi si», akaba ari ikiringo catanguye 1914. (Mat. 13:​39, 40) Bidatevye, mu 1919 bararekuwe baca batangura kurasa umuco wo mu buryo bw’impwemu, biciye ku gikorwa co kwamamaza bakorana umwete. a Uko imyaka yagiye irarengana, abantu bo mu mahanga yose baraje kuri uwo muco, ushizemwo n’abari bagisigaye mu bagize Isirayeli y’Imana, ari bo «bami» bavugwa muri Yesaya 60:3.—Ivyah. 5:​9, 10.

Muri kazoza, abakirisu barobanuwe bazorasa umuco uva kuri Yehova, mbere ku rugero runini rwose. Uti gute? Iyo basozereye ubuzima bwabo bwo kw’isi, baca baba mu bagize «Yeruzalemu nshasha» canke wa mugeni wa Kristu, agizwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza ari abami n’abaherezi.—Ivyah. 14:1; 21:​1, 2, 24; 22:​3-5.

Yeruzalemu nshasha izogira uruhara rukomeye mw’iranguka ry’ibivugwa muri Yesaya 60:1. (Gereranya Yesaya 60:​1, 3, 5, 11, 19, 20 n’Ivyahishuwe 21:​2, 9-11, 22-26.) Nka kurya nyene Yeruzalemu yari icicaro c’intwaro muri Isirayeli ya kera, ni ko na Yeruzalemu nshasha ifatanije na Kristu, izotwara isi nshasha igiye kuza. Ni mu buryo ki none Yeruzalemu nshasha ‘imanuka ivuye ku Mana mw’ijuru’? Ni mu buryo bw’uko ikora ibintu bigira ico bikoze ku baba kw’isi. Abantu batinya Imana bo mu mahanga yose ‘bagenda bamurikiwe n’umuco w’ico gisagara.’ Mbere bazokurwako icaha n’urupfu. (Ivyah. 21:​3, 4, 24) Ico bizovamwo ni uko «ibintu vyose bi[zo]subizwa mu buryo» ku rugero rwuzuye, nk’uko Yesaya n’abandi bahanuzi bari barabivuze. (Ivyak. 3:21) Igikorwa co gusubiza ibintu mu buryo kuri urwo rugero, catanguye igihe Kristu yatangura kuganza, kikaba kizorangira ku mpera ya ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi.

a Ukwo gusubira kuvyuka mu vy’impwemu kwabaye mu 1919, kuravugwa no muri Ezekiyeli 37:​1-14 no mu Vyahishuwe 11:​7-12. Ubuhanuzi bwa Ezekiyeli bwerekeza ku gusubira kuvyuka kw’abakirisu bose barobanuwe, inyuma y’ikiringo kinini cane bomaze bameze nk’imbohe. Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe na bwo, bwerekeza ku gusubira kuvyuka kw’umugwi mutoyi w’abavukanyi barobanuwe bari bahagarikiye igikorwa. Ivyo vyobaye haciye igihe gitoyi bahagaritswe gukora, bivuye ku gupfungwa ku karenganyo. Mu 1919, abo bavukanyi baragenywe baba «umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.»—Mat. 24:45; raba igitabu Le culte pure de Jéhovah enfin rétabli!, rup. 118.