Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba ifise impuhwe?

Imana yoba ifise impuhwe?

ICO TWIGIRA KU KUNTU TWAREMWE

Impuhwe zidondorwa ko ari “ubushozi bwo kwiyumva nk’uko uwundi muntu yiyumva, mu kugerageza kwishira mu kibanza ciwe.” Umuhinga mu bijanye n’indwara zo mu mutwe yitwa Rick Hanson, avuga ko impuhwe ari ndemanwa.

RIMBURA IKI KINTU: Ni kubera iki tuvukana impuhwe zidasanzwe kuruta ibindi biremwa vyose? Bibiliya ivuga ko Imana yaremye abantu mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:26) Twaremwe mw’ishusho y’Imana kubera ko dushobora kuyigana maze tukagaragaza ku rugero kanaka kamere nziza ifise. Igihe rero impuhwe zitumye abantu b’umutima mwiza bafasha abandi, baba bagaragaje impuhwe ziranga Umuremyi wabo yuzuye ikibabarwe, Yehova Imana.​—Imigani 14:31.

INGENE BIBILIYA ITWEREKA KO IMANA ITWUMVIRA IMPUHWE

Yehova aratwumvira impuhwe, kandi iyo dushikiwe n’ivyago arababara cane. Ku vyerekeye Abisirayeli, abaciye mu buja mu Misiri mu nyuma bakamara imyaka 40 bagorewe mu bugaragwa, Bibiliya ivuga iti: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.” (Yesaya 63:9) Imana ntiyabona gusa amarushwa yabo, mugabo yaranatahura umubabaro baba barimwo. Yavuze iti: “[Nda]zi neza imibabaro barimwo.” (Kuvayo 3:7) Imana itubwira iti: “Uwubakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.” (Zekariya 2:8) Iyo abandi batubabaje rero, irababarana natwe.

Naho twokwiyagiriza tukumva umengo ntitubereye impuhwe z’Imana, Bibiliya idukura amazinda yuko “Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose.” (1 Yohani 3:19, 20) Imana iratuzi neza kuruta uko twiyizi. Irazi neza ibidushikira vyose, ivyiyumviro vyacu be n’ingene twiyumva. Iratwumvira impuhwe.

Turahanga amaso Imana kugira iduhoze, iduhe ubukerebutsi, yongere idushigikire, kubera tuzi yuko ifasha abari mu ngorane

Ivyanditswe bituremesha

  • “Wohamagara, Yehova ubwiwe akakwitaba; wotabaza, na we akavuga ati: ‘Ndi hano!’”​—YESAYA 58:9.

  • “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro. Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.’”​—YEREMIYA 29:11, 12.

  • “Nushire amosozi yanje mu mukuza wawe w’urushato. Mbega ntari mu gitabu cawe?”​—ZABURI 56:8.

IMANA IRATUBONA, IKADUTAHURA, IKATWUMVIRA N’IMPUHWE

Kumenya ko Imana itwumvira impuhwe vyoba vyodufasha kwihanganira ingorane zidushikira? Rimbura ivyashikiye uwitwa Maria.

Avuga ati: “Igihe nabura umuhungu wanje w’imyaka 18 yari amaze imyaka ibiri anyinyana na kanseri, naragize umubabaro mwinshi nkabona ko ubuzima bugoye kandi burimwo akarenganyo. Narashavuriye Yehova kubera atahaserutse ngo amukize!

“Inyuma y’imyaka itandatu, hari umugenzi wo mw’ishengero afise urukundo n’impuhwe yanyumvirije igihe namwiganira ko nabona umengo Yehova ntankunda. Amaze amasaha n’ayandi anyumviriza atanciramwo, yaranyibukije icanditswe cankoze ku mutima kiri muri 1 Yohani 3:19, 20, ahavuga ko ‘Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose.’ Yaransiguriye ko Yehova atahura imibabaro idushikira.

“Naho ari ukwo, vyaranse ko ishavu nari mfise rihera! Naciye nsoma muri Zaburi 94:19, ahagira hati: ‘Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.’ Emwe, numvise umengo ayo majambo ni jewe bayandikiye! Nahavuye numva nduhuriwe cane igihe nabwira Yehova ibijanye n’umubabaro narimwo, nzi neza ko anyumviriza kandi antahura.”

Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko Imana idutahura ikongera ikatwumvira impuhwe! Ariko none, kubera iki hari imibabaro myinshi? Coba ari igihano Imana iduha kubera ibibi dukora? Imana yoba izokuraho imibabaro yose? Ivyo bibazo turabirimbura mu kiganiro gikurikira.