Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki Imana yakoze?

Ni ibiki Imana yakoze?

Igihe ushaka kumenya neza umuntu, birafasha iyo umenye ivyo yakoze n’intambamyi yatsinze. Muri ubwo buryo nyene, nimba wipfuza kumenya neza Imana, urakwiye kumenya ivyo yakoze. Urashobora gutangara umenye ko ibintu vyinshi cane yakoze muri kahise bidufitiye akamaro ubu, tukaba tuzovyungukirako no muri kazoza.

IMANA YARAREMYE IBINTU VYOSE KU BWACU

Imana ni Umuremyi Ahambaye, kandi “kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.” (Abaroma 1:20) Yehova “ni we yahinguye isi akoresheje ububasha bwiwe, Umwe yashimangira ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe, Umwe yagaranzura amajuru akoresheje ugutegera kwiwe.” (Yeremiya 10:12) Ibitangaza vy’irema biratwereka kandi ko Imana itwitaho.

Rimbura ingene Imana yaturemye mu buryo budasanzwe, ikaturema “mw’ishusho yayo.” (Itanguriro 1:27) Ivyo bisobanura ko yaduhaye ubushobozi bwo kuyigana ku rugero kanaka. Yaturemanye icipfuzo co kuyiyegereza, tugashobora gutahura ivyiyumviro vyayo n’ingingo ngenderwako zayo. Igihe twihatiye kuvyisunga, turagira agahimbare kenshi mu buzima. N’ikiruta ivyo, turashobora kugiranira ubucuti bwiza na yo.

Ivyo Imana yaremye kw’isi birerekana ko idukunda. Nk’uko intumwa Paulo yabivuze, Imana ‘ntiyaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza, ikaduha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yacu ibifungurwa be n’urweze.’ (Ivyakozwe 14:17) Imana yaduhaye ibirengeye ivyo dukeneye. Yaduhaye ibintu vyinshi kandi vy’ubwoko butandukanye kugira ngo ubuzima buryohe. Ariko rero, hari n’ibindi vyinshi Imana yari yaraduteguriye.

Yehova yaremye isi kugira abantu bayibeko ibihe bidahera. Bibiliya ivuga ko “isi yayihaye abana b’abantu” kandi ko ‘atayiremeye ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Zaburi 115:16; Yesaya 45:18) None isi yobayeko abantu bameze gute kandi igihe kingana gute? Bibiliya yishura iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​—Zaburi 37:29.

Yehova rero yararemye umugabo wa mbere Adamu n’umugore wiwe Eva, maze abashira mu murima wa Edeni ‘kugira bawurime no kugira bawitwararike.’ (Itanguriro 2:8, 15) Imana yabahaye ibikorwa bibiri bishimishije. Yababwiye iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:28) Adamu na Eva rero bari bafise akaryo ko kubaho ibihe bidahera kw’isi. Ikibabaje, bahisemwo kugambararira Imana baca baratakaza akaryo ko kuba muri ba “bagororotsi bazokwigabira isi.” Ariko rero nk’uko tuza kubibona, ivyo bakoze ntivyahinduye umugambi Yehova afitiye isi n’abantu. Mugabo, reka tubanze twihweze ikindi kintu Imana yakoze.

IMANA YARADUHAYE IJAMBO RYAYO

Bibiliya ni Ijambo ry’Imana. Kubera iki none Yehova yaduhaye Bibiliya? Ahanini ni ukugira ngo twige ibimwerekeye. (Imigani 2:1-5) Ego ni ko Bibiliya ntiyishura ibibazo vyose twokwibaza ku vyerekeye Imana, mbere nta gitabu na kimwe cobishobora. (Umusiguzi 3:11) Ariko rero, ibiri muri Bibiliya vyose biradufasha kumenya Imana. Biratwereka ukuntu Imana imeze be n’ingene ifata abantu. Biratwereka kandi abantu Imana ishima n’abo idashima. (Zaburi 15:1-5) Biratwigisha ingene ibona ibijanye n’ugusenga, inyifato runtu be n’ibintu vy’umubiri. Vyongeye, Bibiliya iratwereka neza ukuntu Yehova ameze, biciye ku vyo Umwana wiwe Yezu Kristu yavuze n’ivyo yakoze.​—Yohani 14:9.

Ikindi catumye Yehova aduha Ijambo ryiwe Bibiliya, ni ukugira dushobore kuronka ubuzima bwiza kandi buhimbaye. Biciye kuri Bibiliya, Yehova aratwereka ukuntu twogira umuryango urangwa agahimbare, ukuntu tworonka umunezero n’ukuntu twovyifatamwo mu ngorane. Vyongeye nk’uko biza gusigurwa muri iki kinyamakuru, Bibiliya irimwo inyishu z’ibibazo bihambaye dukunda kwibaza nk’ibi: Kubera iki hari imibabaro myinshi? Kazoza katubikiye iki? Bibiliya irasigura kandi ivyo Imana yakoze kugira umugambi yari ifise mu ntango uzoranguke.

Hariho ibindi bintu vyinshi vyerekana ko Bibiliya ari igitabu kidasanzwe cavuye ku Mana. Naho yanditswe n’abagabo 40 mu kiringo c’imyaka irenga 1.600, ivuga ikintu nyamukuru kimwe kuko ikomoka ku Mana. (2 Timoteyo 3:16) Mu buryo butandukanye n’ibindi bitabu vya kera, yarazigamwe mu myaka n’iyindi, nk’uko bigaragazwa n’ivyandikano vy’iminwe vyayo vya kera. Ikindi na co, Bibiliya yararusimvye naho hari abakoze uko bashoboye kwose ngo ntihindurwe mu zindi ndimi, ngo ntihabwe abantu canke ngo bayisome. Ubu ni co gitabu gifiswe n’abantu benshi kandi cahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta ibindi vyose. Kuba Bibiliya ikiriho rero ni icerekana ko “ijambo ry’Imana yacu . . . rizogumaho igihe kitagira urugero.”​—Yesaya 40:8.

IMANA YARIYEMEJE GUSHITSA UMUGAMBI WAYO

Ikindi kintu Imana yakoze ni intunganyo idasanzwe yashizeho kugira ngo umugambi idufitiye uzoranguke. Nk’uko twari twabivuze, Imana yashaka ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. Ariko rero, igihe Adamu yahitamwo kugambararira Imana agacumura, yaratakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera yongera agatesha abana yokwibarutse. Bibiliya ivuga iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Ukugambarara kw’umuntu rero kwatumye umugambi w’Imana uhungabana. None Yehova yaciye akora iki?

Yehova yakoze mu buryo buhuye n’uko asanzwe ameze. Ubutungane bwiwe bwatumye ahana Adamu na Eva kubera ivyo bakoze, ariko urukundo rwiwe rutuma ashiraho intunganyo yofashije abobakomotseko. Abigiranye ubukerebutsi, yararinganije ukuntu yotoreye inyishu ico kibazo, aca arabitangaza adatebaganye. (Itanguriro 3:15) Umuti w’igicumuro n’urupfu wobonetse biciye kuri Yezu Kristu Umwana w’Imana. None ivyo vyasaba iki?

Kugira Yehova akize abantu ingaruka z’ubugarariji bwa Adamu, yararungitse Yezu kw’isi ngo yigishe abantu uko bakwiye kubaho no “kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” * (Matayo 20:28; Yohani 14:6) Yezu yarashoboye gutanga incungu kuko yari atunganye nka Adamu. Ariko Yezu we yagumye agamburuka mu buryo butagira agahaze, gushika no ku rupfu. Kubera ko Yezu atari akwiye gupfa, Yehova yaramuzuye kugira asubire kuba mw’ijuru. Gutyo rero, Yezu yarashoboye gukora ivyo Adamu atakoze, ni ukuvuga kuronsa abantu bagamburuka akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Bibiliya ivuga iti: “Kuko nk’uko benshi bagizwe abacumuzi bivuye ku bugambarazi bw’umuntu umwe, ni na ko benshi bazogirwa abagororotsi bivuye ku bugamburutsi bwa wa muntu umwe.” (Abaroma 5:19) Biciye ku ncungu ya Yezu, abantu bazoba kw’isi ibihe bidahera nk’uko Imana yabisezeranye.

Turigira vyinshi ku kuntu Yehova yavyifashemwo igihe Adamu yagambarara. Biratwereka ko ata kintu na kimwe gishobora kubuza Yehova kurangiza ico yatanguye gukora. Ijambo ryiwe “ata kabuza rizororanirwa.” (Yesaya 55:11) Biradufasha kandi gutahura ukuntu Yehova adukunda cane. Bibiliya igira iti: “Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we. Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.”​—1 Yohani 4:9, 10.

Kubera ko Imana “[i]tazigurije n’Umwana wayo bwite mugabo ikamutanga ku bwacu twese,” turemera tudakeka yuko itazobura kuduha “ibindi bintu vyose n’umutima ukunze” kuko yabidusezeraniye. (Abaroma 8:32) None ni ibiki Imana yadusezeraniye? Bandanya usoma, ubirabe.

NI IBIKI IMANA YAKOZE? Yehova yararemye abantu kugira babe kw’isi ibihe bidahera. Yaratanze Bibiliya kugira twige ibimwerekeye. Biciye kuri Yezu Kristu, yaratanze incungu, aba aremeje ko umugambi wiwe uzoranguka

^ ing. 16 Ushaka kumenya ibindi ku bijanye n’incungu, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Bibiliya itwigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.isa4310.com.