Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Amacakubiri ashingiye ku moko

Amacakubiri ashingiye ku moko

Amoko atandukanye y’abantu yavuye hehe?

“Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko yobaye nyina w’abazima bose.”Itanguriro 3:20.

ABAHINGA BABIVUGAKO IKI?

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ivy’indero, ubuhinga n’imico kama (UNESCO) rivuga riti: “Abantu bose ni ubwoko bumwe kandi bakomoka ku muntu umwe.”—Amasezerano mpuzamakungu yo mu 1978 yerekeye amoko n’ukwinubana gushingiye ku moko.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana yaremye abantu babiri, Adamu na Eva, maze ibabwira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Itanguriro 1:28) Adamu na Eva ni bo rero umuryango wose w’abantu wahavuye ukomokako. Mu nyuma, igihe isegenya ryatikiza ababa kw’isi hafi bose, harokotse abagabo bane n’abagore babo, ni ukuvuga Nowa n’umukenyezi wiwe, abahungu babo batatu n’abagore babo. Bibiliya yigisha ko twese twakomotse kuri abo bahungu ba Nowa.Itanguriro 9:18, 19.

 Hoba hari ubwoko buruta ubundi?

“[Imana] yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi.”Ivyakozwe 17:26.

BAMWEBAMWE BAVYIYUMVIRAKO IKI?

Mu kinjana ca 20, hari imigwi itari mike y’abantu yadukanye ivyiyumviro vy’amacakubiri ashingiye ku moko. Nk’akarorero, Abanazi bavuze ko ubwoko bwabo buruta ubundi bwose kubera ukuntu imibiri yabo imeze. Ariko rya sezerano twavuga ry’ishirahamwe UNESCO ryaremeje ko ‘ubwoko-muntu ari bumwe be n’uko rero abantu bose bangana n’ibisata vy’abantu vyose bikangana.’

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Mu Vyakozwe 10:34, 35 havuga hati: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” Uwovuga rero ko hari ubwoko buruta ubundi yoba yihenze.

Yezu yarerekanye ukuntu abakirisu bakwiye kubona ibintu igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Mwese muri abavukana.” (Matayo 23:8) Yarasavye Imana ngo abayoboke biwe bunge ubumwe kandi “batunganywe babe umwe,” aho kwicamwo ibice canke kurangwa n’amacakubiri.Yohani 17:20-23; 1 Abakorinto 1:10.

Amacakubiri ashingiye ku moko yoba azoteba agahera?

“Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi: umusozi w’inzu ya Yehova uzoshimangirwa . . . , kandi amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo.”Yesaya 2:2.

BAMWEBAMWE BAVYIYUMVIRAKO IKI?

Icuka kibi kikibandanya hagati y’amoko kiratuma abantu bo mu bihugu vyinshi bibaza nimba hari iterambere na ritoyi ryoba ryarabaye mu bijanye no kurwanya amacakubiri ashingiye ku moko. Hari abaca biyumvira ko hatazokwigera haba ukungana kw’amoko.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ntizoguma yihanganiye urwanko rushingiye ku moko. Ahubwo riho, ku ngoma y’Ubwami bwayo, abagabo n’abagore “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose” bazoyikorera mu bumwe, bakundana vy’ukuri. (Ivyahishuwe 7:9) Ubwami bw’Imana si ikintu kiri mu mutima w’umuntu. Ahubwo ni intwaro y’Imana izohindura cane isi yacu, iyo Imana yipfuje ko abantu bose babako ata kwinubana gushingiye ku moko. *

^ par. 15 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.