Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ijuru n’isi bitwigisha iki?

Ijuru n’isi bitwigisha iki?

Abahinga mu vy’imibumbe barabandanya gutangazwa n’ukuntu ijuru n’isi bimeze. Baguma barondera ibindi vyuma vyobafasha kuvyihweza neza. None ni ibiki bamaze kwubura?

Amagalagisi atunganijwe neza. Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Astronomy) cavuze giti: “Amagalagisi ntasanzaye mu kirere mu buryo butarimwo urutonde, ahubwo atunganijwe neza.” Ni igiki gituma ivyo bishoboka? Abahinga biyumvira ko ivyo bishoboka kubera ikintu kitaboneka kimeze nk’umwijima (matière noire). Ico kintu cadondowe ko ari “nk’igikwa kitaboneka . . . amagalagisi, imigwi y’amagalagisi be n’ibigwi bininibinini vy’amagalagisi . . . bitonzeko, kikaba ari co kibifashe.”

Vyagenze gute ngo ivyo bintu bibe biri ku rutonde nk’urwo? Vyoba ari ibintu vyapfuye kwiyadukiza? Raba ivyavuzwe n’umuhisi Allan Sandage. Abonwa ko ari “umwe mu bahinga b’imibumbe bakomakomeye babayeho mu kinjana ca 20,” kandi yaremera Imana.

Yavuze ati: “Nasanze bitumvikana kwiyumvira ko urwo rutonde rwiyadukije. Hategerezwa kuba hari ikintu carushizeho.”

Ikirere kiratuma ubuzima bushoboka. Zirikana inguvu abahinga bita interaction faible. Zituma izuba riguma ryaka ku rugero rwiza. Iyo izo nguvu ziba nke cane, ntitwari kwigera tubona izuba. Iyo ziba nyinshi cane na ho, izuba riba ryarazimanganye.

Izo nguvu ni zimwe mu zindi nyinshi zigenga ikirere zituma ubuzima bushoboka. Umuhinga akaba n’umwanditsi Anil Ananthaswamy avuga ko iyo hagira ikintu na kimwe kitamera nk’uko categerezwa kumera, “inyenyeri, imibumbe be n’amagalagisi bitobayeho. Ubuzima ntibwoshobotse.”

Isi ni ahantu heza abantu bashobora kuba. Kw’isi hariho umwuka mwiza, amazi menshi, hamwe n’ukwezi gutuma isi iguma mu kibanza yagenewe. Ikinyamakuru kimwe (National Geographic) kivuga giti: “Ukuntu isi imeze, ukuntu ibiyiriko bikorana be n’ibinyabuzima biri kuri yo bituma uwu mubumbe [w’isi] uba ho hantu honyene abantu bashobora kuba.” *

Umwanditsi umwe avuga ko mw’igalagisi turimwo, imibumbe izunguruka izuba iri “kure cane y’izindi nyenyeri.” Ariko ico nyene ni co gituma ubuzima kw’isi bushoboka. Iyaba isi yari hafi y’izindi nyenyeri, ikaba nko hagati na hagati canke ku mpera y’igalagisi turimwo, kw’isi hobayeho imishwarara myinshi yotumye ubuzima budashoboka. Ahubwo nk’uko abahinga bamwebamwe bavyerekana, isi iri ahantu heza, ivyo bigatuma ubuzima bushoboka.

Umuhinga Paul Davies, yisunze ivyo azi ku bijanye n’ukuntu ikirere kimeze be n’amategeko akigenga, yavuze ati: “Sinokwemera ko twabayeho kw’isi bivuye ku gihamana canke ko twiyadukije. . . . Hariho icatumye tubaho.” Davies ntiyigisha ko Imana ari yo yaremye ijuru n’isi be n’abantu. Ariko uvyibazako iki? Biboneka ko ijuru n’isi vyateguwe kugira bitume ubuzima bushoboka. Ubwo ntivyoba bimeze ukwo kubera ko vyaremwe?

^ ing. 8 Ico kiganiro co muri National Geographic nticari gifise intumbero yo kwerekana ko isi n’abantu baremwe n’Imana. Ahubwo cariko kiravuga ingene isi ari ahantu heza abantu bashobora kuba.