Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 3 2021 | Woba ukwiye kwemera Umuremyi?—Bivana nawe

Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’inkomoko y’ijuru n’isi hamwe n’ibinyabuzima biri kw’isi. Iki kinyamakuru Be maso! kiragufasha gusuzuma ibimenyamenya maze ukibonera aho ukuri kuri. Ijuru n’isi vyoba vyariyadukije canke vyaremwe n’Imana? Kumenya inyishu y’ico kibazo birashobora kukugirira akamaro cane.

 

Wohitamwo gute?

Abantu benshi barazazanirwa n’ibibazo vyerekeye ivyaremwe n’ingene ubuzima bwabayeho.

Ijuru n’isi bitwigisha iki?

Biboneka ko ijuru n’isi vyateguwe kugira bitume ubuzima bushoboka. Ubwo ntivyoba bimeze ukwo kubera ko vyaremwe?

Ibinyabuzima bitwigisha iki?

Ibifise ubuzima bituma uno mubumbe wacu uba mwiza cane. None ibinyabuzima bitwigisha iki ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima?

Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?

Abahinga boba bashoboye gusigura ingene ijuru n’isi be n’ubuzima vyabayeho?

Ivyo Bibiliya itubwira

Ivyo Bibiliya ivuga vyoba bihuye n’ivyo abanyasiyansi bavuga?

Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho

Igihe ufise ibimenyamenya bikujijura ko hariho Imana Mushoboravyose, birakugirira akamaro ubu no muri kazoza.

Suzuma ibimenyamenya

Niwirabire ko hariho imvo zotuma wemera ko hariho Umuremyi maze wihitiremwo.