Ja ku birimwo

Ihayanishwa ridasanzwe rya Bibiliya mu Bufaransa

Ihayanishwa ridasanzwe rya Bibiliya mu Bufaransa

Mu 2014, abantu ibihumbi bavuye mu mihingo itandukanye baraje kw’ihayanishwa mpuzamakungu ryo kugurisha ibintu ryari ryabereye mu gisagara ca Rouen mu buraruko bw’Ubufaransa. Baragendeye ikibanza kimwe, bakwegerewe n’icandikano cavuga ngo “Bibiliya yamyeho, iriho kandi izokwamaho.”

Hafi y’ico kibanza hari televiziyo zariko zirerekana akavidewo kavuga ibijanye n’ibisomwa vya kera vya Bibiliya vyandikishijwe iminwe, kandi ivyo vyarashimishije cane abantu benshi. Igihe baba binjiye muri ico kibanza, barashobora kumenya vyinshi ku bijanye n’impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga, ukuntu ivuga ata makosa inkuru za kahise n’ivya siyansi be n’ukuntu yakwiragiye hirya no hino kw’isi.

Iryo hayanishwa ryaratumye kandi abantu bamenya ukuntu Bibiliya yamaze igihe kirekire irwanywa bikaba ivy’ubusa be n’uko ubu abantu amamiliyaridi bashobora kuyironka ari igitabu canke iri mu mero zitandukanye zo mu buhinga bwa none. Umwe wese muri bo yararonse ku buntu Bibiliya y’isi nshasha yasohowe n’Ivyabona vya Yehova mu ndimi zirenga 120.

Benshi barakengurutse akigoro Ivyabona bagize ko gutuma abantu bashobora kuronka Bibiliya. Igihe umukenyezi umwe afasha urwaruka yariko araraba ako kavidewo ari kumwe n’umugwi w’abakiri bato, yavuze ati: “Bibiliya ni kimwe mu bigize intoranwa yacu twese. Ni igitabu kivuga ibintu bibaho koko. Igihe cose ndayisomye, iramfasha gutorera umuti ingorane mba mfise.”

Umutamakazi umwe w’imyaka 60 yaratangaye abonye ko ashobora kuronka Bibiliya ku buntu. Yavuze ati: “Twese twari dukwiye gusubira kuyisoma kuko twese tuyikeneye!”