Ja ku birimwo

Abakunzi b’umwidegemvyo baza kuraba ihuriro ry’amato

Abakunzi b’umwidegemvyo baza kuraba ihuriro ry’amato

Kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika ku rya 16 Ruheshi 2013, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barahuriye ku kivuko ca Rouen mu buraruko bw’Ubufaransa, baje kuraba rimwe mu mahuriro manini kandi meza kuruta ayandi yose y’amato, ayo bita Armada.

Hari amato meza kandi maremare kuruta ayandi yose kw’isi yagize urugendo rw’ibilometero 120 mu ruzi rwitwa Seine, urwo rukaba ari uruzi rurimwo amakorosi ruca ahantu heza muri Normandie. Ayo mato amaze kugira urwo rugendo yarakoroye inanga zayo ageze ku bilometero indwi uvuye ku nkengera, ku bw’ico kiringo kidasanzwe. Mu misi irenga cumi, abantu bari aho bari bafise akaryo kadasanzwe ko kwurira muri ubwo bwato bakaraba ku buntu amwe mu mato 45 azwi cane kandi maremare yari ng’aho.

Ni igiki catumye abantu benshi ukuraho, abato n’abakuze, baza aho hantu? Nk’uko umwe mu batunganije ico kintu akaba no mu bagitanguje yabivuze, iryo huriro ry’amato riratuma abantu bashobora “kubona ayo ‘mato amahero’ abantu benshi bipfuza kubona.” Vyongeye, ku bantu benshi, abato n’abakuze, amato maninimanini abibutsa ingendo ndende be n’umwidegemvyo.

Ingenzi ibihumbi zararonse kandi akaryo ko kwumva ibijanye n’ubundi bwoko bw’umwidegemvyo, wowo ukaba ari umwidegemvyo utangwa n’ukuri kwo muri Bibiliya. (Yohani 8:​31, 32) Uko izo ngenzi zatembera zihimbawe muri ico gisagara ca Rouen cabayeho mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 Inyuma ya Kristu be no mu mabarabara yaco arimwo uruja n’uruza rw’abantu, ntizabuze kubona utuntu dufise amapine bagenda barasunika twariko ibitabu twakoreshwa n’Ivyabona vya Yehova bo ng’aho. Ingenzi canke abasozabwato begereye mwene utwo tuntu, barahabwa ikaze ngo batore igitabu gishingiye kuri Bibiliya, ata co barishe. Benshi muri abo bantu barashimishijwe cane n’ikiganiro cavuga ngo “Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?” cari mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kandi baratumiwe ngo bitabe insiguro ishingiye kuri Bibiliya yari gushikirizwa mu gifaransa, mu congereza no mu gisupanyoli.

Abantu bo ng’aho barakengurutse ico kintu Ivyabona bagize. Umugabo umwe yatangajwe cane no kubona Ivyabona bahagaze kw’ibarabara iruhande y’akantu gafise amapine kariko ibitabu, yavuze ati: “Ndahimbawe no kubabona mw’ibarabara. Ndubaha abantu bumira ku vyo bemera, naho tutari mw’idini rimwe.” Hari abagabo babiri bahumuye bahuye n’Ivyabona bakiri bato bariko barakora ico gikorwa, maze bababwira bati: “Murashobora guhimbarirwa ico muri!”