Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nufate ku mutwe vya «vyamwa vy’impwemu»

Nufate ku mutwe vya «vyamwa vy’impwemu»

Voma:

  1. 1. Har’ih’ingabirano Yehov’atanga,

    Ikadufasha gukomera.

    Ni ya mpwemu nyeranda ahor’aduha,

    Ivyamwa tukavyibonera.

    (ICITABIRIZO)

    Urukundo twe dukunda Yehova.

    Umunezero wez’umutima.

    Amahor’atuma twumvikana.

    Ukwihangana gufasha mu ngorane.

    Ubuntu butuma badukunda.

    Ukumera neza gutuma dufashanya.

    Ukwizera kuradukomeza.

    Ubwitonzi budufasha gutekana.

    N’ukwigumya na kwo kurahambaye.

  2. 2. Iyo mpwem’irashobora kudufasha,

    Twame dusenga tuyisaba.

    Tuzokwam’ivyamwa vyayo buri musi,

    Tub’abagenzi ba Yehova.

    (ICITABIRIZO)

    Urukundo twe dukunda Yehova.

    Umunezero wez’umutima.

    Amahor’atuma twumvikana.

    Ukwihangana gufasha mu ngorane.

    Ubuntu butuma badukunda.

    Ukumera neza gutuma dufashanya.

    Ukwizera kuradukomeza.

    Ubwitonzi budufasha gutekana.

    N’ukwigumya na kwo kurahambaye.