Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mukobwanje nkunda

Mukobwanje nkunda

Voma:

  1. 1. Yamye amwihweza,

    Ukw’akura.

    Harabay’ivyiza,

    Be n’amarira.

    Nya mwana we

    Yakoz’ibiroranye.

    Bituma se anezerwa.

    (ICITABIRIZO)

    “Mukobwa we, aragushima.

    Azokwama agukunda.”

  2. 2. Arakora cane

    Buri musi.

    Impanuro za se

    Azumirako.

    Aryoherwa n’uko

    Amwiyumvamwo.

    Anyurwa se avuze ngo:

    (ICITABIRIZO)

    “Mukobwa we, je ndagushima.

    Kandi nzama ndagukunda.”

    (IKIRARO)

    Yehov’arazi

    Kand’arabona

    Ivyo wakoze

    Kuk’umukunda.

    Ntazibagira

    Ko wamukunze

    Kuva kera.

    (ICITABIRIZO)

    Mukobwa we, aragushima.

    Mukobwa we, ntac’azokwima.

    Mukobwa we, azokurinda.

    Mukobwa we, aragukunda.