Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Ingene bakurikiye ihwaniro kuri televiziyo no kw’iradiyo

Ingene bakurikiye ihwaniro kuri televiziyo no kw’iradiyo

1 MYANDAGARO 2021

 Ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020 ryabaye iry’intibagirwa. Ni ryo hwaniro rya mbere ryafashwe amajwi n’amasanamu maze abantu bakarironka biciye kuri internet. Yamara, benshi mu bavukanyi bacu bo muri Malawi no muri Mozambike barikurikiye ata internet bakoresheje. Uti vyashobotse gute?

 Komite y’abahuzabikorwa na Komite nshingwanyigisho z’Inama Nyobozi zaremeje ko muri Malawi no muri Mozambike programa y’ihwaniro yoca kuri televiziyo no kw’iradiyo. Kubera iki ivyo vyari bikenewe? Malawi ni kimwe mu bihugu vyo kw’isi bikoresha internet izimvye cane, ivyo bigatuma Ivyabona benshi badakoresha internet. Umuvukanyi William Chumbi wo muri Komite y’ishami rya Malawi yavuze ati: “Uburyo bumwe gusa bwari gutuma abavukanyi na bashiki bacu bakurikira ihwaniro yari iradiyo na televiziyo.” Luka Sibeko na we wo muri Komite y’ishami rya Malawi nyene yongeyeko ati: “Iyo bidakunda ko dukurikira ihwaniro biciye kw’iradiyo na televiziyo, abavukanyi bake cane mu cibare c’ishami ryacu ni bo bokwungukiye kuri iyo programa.” No muri Mozambike, si abavukanyi benshi boronse utwuma two gukurikira iyo programa. Icibagiwe co ni internet.

Intunganyo zagizwe

 Kubera ikiza ca Korona, hari amateleviziyo n’amaradiyo vyari bisanzwe biriko birakoreshwa mu gukurikira amakoraniro. a Rero abavukanyi bacu baragiye kuri ayo mateleviziyo n’amaradiyo ngo babasabe umwanya wiyongereye kugira bakurikire ihwaniro.

 Muri Malawi ntivyari vyoroshe. Mu bisanzwe, amaradiyo n’amateleviziyo aha abakiriya babo isaha imwe itarenga kubera ko usanga bafise amakenga yuko bashizeko ikiganiro kimara umwanya munini, vyohava bituma abakurikirana ibiganiro vyabo barambirwa. Ariko abavukanyi bacu barabasiguriye ko igikorwa cacu gifasha abantu benshi mu kibano. Mbere no muri iki kiringo abenshi bugaranywe, turiko turafasha abantu kuronka inkuru nziza yo muri Bibiliya, iyishobora gutuma baba abenegihugu beza kandi bakagira ubuzima bwo mu rugo buhimbaye. Bamaze kubasigurira ivyo, baremeye kubaha umwanya wiyongereye.

 Muri Malawi ihwaniro ryaciye kuri televiziyo imwe no kw’iradiyo imwe, kandi zompi zarashika mu gihugu cose ku buryo abantu amamiliyoni boshoboye gukurikira ihwaniro. Muri Mozambike na ho, ihwaniro ryaciye kuri televiziyo imwe n’amaradiyo 85.

 Muri ivyo bihugu vyompi, gukoresha televiziyo mu gukurikira ihwaniro vyatwaye amadolari 28.227, b ku maradiyo na ho bitwara nk’amadolari 20.000. Ibiciro vyo ku maradiyo vyatwara amahera ari hagati y’amadolari 15 ku maradiyo matomato, gushika ku madolari 2.777 ku maradiyo akomakomeye.

 Abavukanyi barakoze uko bashoboye kwose kugira bakoreshe neza intererano. Nk’akarorero muri Malawi, igihe bariko bumvikana ibiciro, baragabanije ibiciro gushika ku bice 30 kw’ijana. Ivyo vyatumye dushobora kuziganya amadolari 1.711. Muri Mozambike, amaradiyo n’amateleviziyo amwamwe yariyemereye kutugabaniriza ibiciro kubera ukuntu tuzwi ko twubahiriza amasezerano tuba twagiraniye kandi tukabariha ku gihe.

Ukuntu abavukanyi bakengurutse

 Abavukanyi bacu barakengurutse cane kuba barakuriye ihwaniro ku mateleviziyo canke ku maradiyo. Umukurambere wo muri Malawi yitwa Patrick avuga ati: “Turakengurukira cane abavukanyi bo mu Nama Nyobozi kubera ukuntu batuzirikanye mu buryo budasanzwe muri iki kiringo c’ikiza.” Uwitwa Isaac na we wo muri Malawi nyene avuga ati: “Nta twuma two mu buhinga bwa none twari dufise. Rero twarakengurukiye cane ishirahamwe rya Yehova ku bw’iyo ntunganyo idasanzwe yo kwumviriza ihwaniro biciye kw’iradiyo. Ivyo vyatumye abo mu muryango wanje wose bashobora gukurikirana ihwaniro. Twariboneye ko ari ikimenyamenya c’uko Yehova akunda abasavyi biwe.”

 Hari umwamamaji wo muri Mozambike ryari ryo rya mbere yitavye ihwaniro. Avuga ati: “Kuraba ihwaniro kuri televiziyo vyanyibukije ko Yehova ari Imana Mushoboravyose. Iki kiza nticabujije Yehova kuturonsa ivyo dukeneye kugira dukomeze ukwizera kwacu kandi tukabironkera aho twibereye. Nariboneye ko abasavyi ba Yehova bakundana vy’ukuri. Narajijutse ko iri ari idini ry’ukuri.”

 Umukurambere yitwa Wyson avuga ati: “Nipfuza gukenguruka ukuntu umushumba w’umwizigirwa yatwitwararitse muri iki kiringo c’ikiza. Iyi ntunganyo yo gukurikira ihwaniro ku mateleviziyo no ku maradiyo yaratumye dushobora kwungukira kuri iyo programa naho abenshi muri twebwe dufise amahera make kandi tukaba twibera muri iki gice gikenye c’isi.”

 No kw’ihwaniro ryo mu 2021, Komite y’abahuzabikorwa na Komite nshingwanyigisho zarasubiye kwemeza ko na ryo nyene ryoca kuri televiziyo no kw’iradiyo mu turere tumwetumwe. None turonka gute amahera akoreshwa mu gukwiragiza ihwaniro muri ubu buryo? Tuyaronka biciye ku ntererano zitangwa hirya no hino kw’isi, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.isa4310.com. Turabakengurukiye ku bw’izo ntererano mutanga.

a Mu ntango zo mu 2020, Komite y’abahuzabikorwa yaremeje ko amakoraniro yoca kuri televiziyo no kw’iradiyo mu turere tumwetumwe muri iki kiringo ca Korona. Iyo ntunganyo yarafashije abo bidakundira ko bakurikira amakoraniro mw’ishengero ryabo canke kuri JW Stream kubera baba mu turere usanga kuronka telefone canke amarezo ya internet bigoye canke bizimvye cane. Ariko rero, iyo ntunganyo ntigenewe gufasha abo bishobokera ko bitaba amakoraniro mw’ishengero ryabo.

b Amadolari yose yavuzwe muri iki kiganiro ni amadolari y’Abanyamerika.